Ubushikiranganji bw’indero mu Burundi buheruka gufata ingingo yo kongereza amahera y’ishure. Imwe mu nkurikizi z’iyo ngingo: mu mice imwe imwe y’igihugu abana b’abigisha barasusubiriye kuriha nk’abandi bose; atariko vyahora. Masumbuko Bède ati: “umwigisha arahotowe pe!”
Iyo ngingo yasohotse kuwa 5 Nyakanga, umwaka w’2017. Muri yo, umushikiranganji arongereza amahera y’ishure abaregwa bahora barihishwa buri gice c’ishure. Igaheza ikayakura ku 3 000Fbu ikayaduza ku 7 000Fbu kuri bamwe biga bataha, no ku 8 000Fbu ikayashira ku 15 000Fbu kuri bamwe bo mu buraro.
Umuntu avyihweje rero birumvikana ko ayo mahera yoduzwa, ubona ko muri kino gihe ibiciro vy’ibintu nka vyose bigenda biduga ku masoko. Inyigisho zo kuki? Ariko, ingorane ihari ni uko iyo ngingo nshasha ataco ivuga kuri ya yindi yo kuwa 18 Ruheshi, umwaka w’2002. Iyi ikaba yahereza abigisha akarusho k’uko abana babo bagiye kuza bariga ata mahera y’ishure barihishijwe. None rero hakaba hari abayobozi b’amashure baciye bafatira aho kugira barihishe abo bana. Ubwo ivyo si akarenganyo ?
Nibabarekere ako karusho
Biragoye kwemeza nimba umushikiranganji mu gufata ingingo yiwe yo kuduza amafaranga yishure, ko yoba yabigize nkana, akareka gutandukanya abana b’abigisha n’abandi bana. Aho mperereye mu ntara ya Gitega rero, abayobozi batari bake b’amashure bakaba baciye bafata ko iyo ngingo ifuta ako karusho ku bigisha, babona kurihisha abana babo nk’abandi bose.
Kare na kare nta ngingo nshasha yashobora gukura uturusho umukozi yahorana. Iyo idashoboye kutwongereza yapfuma itugumiza uko twahora. Iyi yo rero yoba ije ari iyidasanzwe. Nkabona ko isa n’iyoba ije gutesha agaciro umwuga w’ukwigisha.
Ku bwanje, ako koba ari nk’akarenganyo. Nta nkeka ko ingingo nk’iyo yafashwe hatabanje kugishwa inama abari muri ya mashirahamwe ahagararira inyungu z’abigisha, mu gihe iyibaha ako karusho yo yari yabanje kumvikanwako hagati ya leta n’ayo mashirahamwe. Kuko sinibaza ko bari kwibagira guhagararira iyo nyungu yabo. Abigisha bari bakwiye gusubizwa ako karusho kabo rero.
Kira noneho, uwokubitiza agatima mpembero ku giciro c’ubuzima bw’uyu musi, akongera akihweza agashahara k’umukozi wa leta na cane cane umwigisha, sinibaza ko ingingo yofata yoba iyo kugabanya n’uturusho uno yari asanganywe. Ahubwo yokwiyumvira ingene yomudugiriza nya gashahara. Bibaye ibishoboka, yomushirirako n’utundi dushirukabute. Kuko nta wobideha, twihweje igikorwa umwigisha akora, ukaraba n’agashahara ahembwa, ukabona n’ukugene ubuzima buzimvye uyu musi, twosanga agahembo kabo gakwiye kuduzwa.
Nayo umushikiranganji w’indero niyaba atabigize nkana, icofasha abo bigisha barihishijwe kwoba ko uyo mutegetsi avumera irindi jambo rimenyesha ko ako karusho kabo katakuweho. Atari uko, abigisha batari bake bo baramaze kurihishwa amafaranga y’ishure ku bana babo, n’abandi bazohereza kuriha nyene ; ako karusho kabe gakuweho uko.
Soma kandi:
- Abigisha bo mw’ishure shingiro bati : « Ubu leta ni kora ugomba »
- Abigisha barakwiye kuronswa agashahara gashimishije
- Indero : muragwize amategeko, ariko ntimwibagire n’uburyo
Ico kintu ni kimwe muvyerekana ko umwigisha agomba vyanka bikunda gusubizwa hasi kurusha numurimyi.