Harabaye ntihakabe, ikibano mu Burundi kiranyegerwa n’imigera itandukanye. Uw’ejo bundi banse kumuhezagira mu rusengero ngo ni uko yubakanye n’uwo badasangiye idini. None uyu nawe yaraciriwe umukenke mu muryango ngo ni uko yashimye kurongorana n’uwo badasangiye ubwoko. Masumbuko Beda aradushingira intahe […]
Bède Masumbuko
Ko ibiciro vy’ibitoro vyadugijwe, agashahara k’abakozi ba Leta ko gute ?
Haraciye imisi mikeya ibiciro vy’ibitoro hamwe n’ivy’ukwiyunguruza bidugijwe mu gihugu cose. None Masumbuko Beda arabaza ikibazo ati : « ko imisi yose iduzwa ry’ ibiciro vy’ibitoro rituma ibintu vyose ku masoko biduzwa, agashahara k’abakorera Leta nako kazoduzwa ryari ? »
Burundi: abana b’abigisha boba bagiye kuriha amahera y’ishure nk’abandi bose ?
Ubushikiranganji bw’indero mu Burundi buheruka gufata ingingo yo kongereza amahera y’ishure. Imwe mu nkurikizi z’iyo ngingo: mu mice imwe imwe y’igihugu abana b’abigisha barasusubiriye kuriha nk’abandi bose; atariko vyahora. Masumbuko Bède ati: “umwigisha arahotowe pe!”