Haraciye ikiringo kingana hafi umwaka, umukuru w’igihugu atanze itegeko kuri ba buramatari bose ko mu mezi atandatu, ata mwana yiyerereza mu mabarabara y’ibisagara yoba acibonekeza. Ariko, iyo ngingo nta kintu na kimwe yahinduye. Bamuhaye Chancelle ati « uburyo bwakoreshejwe si bwo […]
Indero
Ni nde yavuze ko uwahejeje kaminuza atofata isuka ngo arime ?
Ngo hari abanyeshure benshi baheza za kaminuza, maze bakibwira ko kubw’ivyo badashobora gufata isuka ngo barime. Bibaza ko uwo mwuga ari uw’abatize. Ndikumwenayo Rénovat arabakebura ati “teshwa mute”!
Kaminuza y’Uburundi: ukwitwa “Rumuri” ni kimwe, ukubigendera ni ikindi
Turamaze kwumva ngo “Rumuri rumurikira igihugu mw’iterambere”, aho bakaba bashaka kuvuga kaminuza y’Uburundi. Afatiye kw’itituka ry’uburanga bumwe bumwe bw’ico kigo, Korineza Eddy arerekana ingene iyo kaminuza itera itakaza izina ryayo rya Rumuri.
Agakete kuri Ivona : « Mbwire gito canje ic’uwundi cumvireho »
Kuwa 20 Ruheshi 2017, hazokorwa ca kibazo ca leta kirangiza ishure shingiro. Abicishije mu kwandika ikete, Nikiza Egide arahanura abanyeshure bagiye gukora ico kibazo, ari bo yahisemwo guha izina rya Ivona.
“Ishure ry’akarorero”: amamuko y’umunyeshure ntiyari akwiye gusumvya agaciro amanota yiwe
“Ishure ry’akarorero” rigiye kumara umwaka waryo wa mbere ritangujwe mu Burundi. Intara abaryigamwo bakomokamwo, amanota baronse mu kibazo gitanga uburenganzira bwo kuryinjiramwo, ni bimwe mu vyafatiweko mu gucagura abaryigamwo. Ndereyimana Félix akaba anegura ukuba intara zashizwe imbere y’amanota ya bene […]
« Amashure atazoshikana amanota 20% mu kibazo ca leta azoca afutwa »
Ubushikiranganji bujejwe indero, amakaminuza n’ubushakashatsi buheruka gufata ingingo ko “amashure yigenga atazoshikana umwimbu wa 20% mu kibazo ca leta kirangiza inyigisho zo mu mashure shingiro, azoca afutwa burundu”. Nijimbere Thierry akaba akenguruka iyo ngingo, akidogera uburyo mwe n’ayo mashure akora.
Ukwitunganiriza imigambi : « So akwanka akuraga urwamunaniye ? »
Mu bisata bimwe bimwe vya za kaminuza no mu mashure nshingiro, hariyo icigwa co “gutunganya imigambi”. Sezikeye Désiré aranegura uburyo ico cigwa gitangwamwo, maze akerekana ivyohinyanyurwa ku neza ya kazoza k’Uburundi.
Kwigisha abana ku buntu: umugambi ubangamiye akanovera k’indero mu Burundi?
Kuva mu mwaka w’2015, umugambi wo gushigikira itunganywa ry’inyigisho mu mashure, hamwe no guteza imbere akanovera k’ubumenyi buhabwa abigishwa warahagaze. Ndereyimana Félix aratuyagira ku kamaro k’ikigega mfashanyigisho c’uwo mugambi, hamwe n’ingaruka z’iyugara ryaco.
«Sinanse ugukunda igihugu, ariko akajagari gahagarare ! »
Ubushikiranganji bujejwe indero n’inyigisho mu gihugu buheruka gutanga itegeko ku bayobozi b’amashure ko bategerezwa kwigisha abanyeshure ururirimbo ruhayagiza akarere ka Africa y’Ubuseruko. Urwo ruririmbo ruje kwiyongera kuri zibiri zahahora. Umwigisha Félix Ndereyimana ati « ukwigisha izo ndirimbo bitunganijwe nabi », akagirako yerekana […]