article comment count is: 0

Indero : muragwize amategeko, ariko ntimwibagire n’uburyo

Ubushikiranganji bujejwe indero bwatanguje uyu mwaka w’ishure shingiro n’ingingo nshasha, ahanini zerekeye ku nyamabaro n’inyifato biranga abanyeshure. Nikiza Egide ati: “hari ibindi vyihutirwa atari mwe n’izo ngingo”.

Igice ca mbere c’umwaka w’ishure shingiro kirashitse hagati. Uyu mwaka watangujwe n’ingingo zitari nke zigiye kugenga inyambaro n’inyifato y’urwaruka mu mashure. Izo ngingo zaravuzweko vyinshi, bamwe bakibaza ico zije kwungura ubumenyi mu mashure, abandi bati mbe hoho izo ni zo ngingo zari zihutirwa mu ntumbero yo guteza imbere indero n’ubumenyi?

Sinahengeshanije kwiyumvira kw’ivyo bibazo bibiri, uko bukeye uko bwije. Ni ko gusanga mu nyuma, koko hari iyindi ntambamyi ibangamiye indero n’ubumenyi mu mashure yo mu Burundi: ubukene bw’ivya nkenerwa.

“Aho utateye isuka ntukahatere intemere”

Uwo ni umugani w’ikirundi. Mu yandi majambo, ubivye bike, wimbura bike.

N’uko rero muri uyu mwaka w’2017, amafaranga leta yategekanije kubw’igisata c’indero angana imiliyaridi zine gusa, mu gihe yangana imiliyaridi cumi na zibiri mu mwaka w’2016. None ivyo vyoba bisigura ko ivya nkenerwa mw’ico gisata vyoba bigenda bigabanuka? Ihi bambe we!

Hahitiye havugwa cane umugambi wo kugwiza inyubakwa z’amashure, ngo bikunde wa mugambi wo kwigisha abana ku buntu uje mu ngiro. Ariko, burya ntibigarukira mu kwubaka gusa. Hari ivya nkenerwa nk’intebe, ibitabu, abigisha, ndetse na za nyubakwa z’ubushakashatsi. Kanatsinda, ntidusiba kwumva hirya no hino aho abarerwa batagira intebe bicarako, noneho bakicara ku mabuye canke hasi nyene, igitabu ugasanga hari ic’umwigisha gusa, n’ibindi.

Agashahara k’abigisha ko

Niyonkuru Siliviya ni umwigisha mu gisagara ca Bujumbura, kw’ishure ritoyi ryo mu kanyosha I, Komine Muha. Agira ati: “nsabwa kwigisha nkongera nkitaho abana barenga ijana mw’isomero rimwe. Umugambi wo kugwiza amashure ni ngirakamaro, ariko ntimwibagire ko hari n’uwo kwibaruka ku buntu. Ku mafaranga y’amarundi ibihumbi ijana na mirongo itatu mpembwa, muca mwumva ubuzima nkuramwo uko bwifashe”.

Nayo Nimubona Disimasi we, umurezi wo kw’ishure ryisumbuye rya Mparamirundi muri komine Busiga y’intara ya Ngozi, ati “mpembwa amafaranga ibihumbi amajana abiri na mirongo itanu. Ku vy’ukuri ndasumvya Abarundi batari bake, ariko ayo mafaranga ntakwiye, uravye ubuzima bw’ubu. Nk’ubu ndakwije imyaka mirongo itatu n’umwe, none nari nifuza gushinga umuryango, ariko uburyo ntiburi bubinkundire”.

Bompi barakenguruka umugambi wo gukuraho ubusumbasumbane bw’imishahara. Ariko kandi bakavuga ko bakwiye kwitabwaho birushirije, na kare ngo leta ibazeza vyinshi.

Bagwiza ingingo, bagwiza n’uburyo

Nta wuyobewe ko mu bihe vya none, iterambere ryubakirwa ku bumenyi n’ubuhinga. Ubwo nabwo nta handi butangirwa atari mu mashure. Twoba twihenze cane  hamwe twokwizigira gutera imbere bidatanguriye mu kugwiza incabwenge.

Ivyo rero, ntituzobishikako bidatanguriye mu gushira uburyo buhagije mu gisata c’indero. Nayo ugufata ingingo zihagaze ku nyambaro n’utundi tuntu dutoduto, ivyo biza inyuma y’ibindi vya nkenerwa nyamuku. Na kare ngo “agakuru mu twatsi ni urukwi”.  

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion