Ibihe vy’ amagume Uburundi bwaciyemwo, vyarasize ibikomere mu bantu. Ivyo, biri mu bituma ikiyago ku bijanye n’ubwoko abatari bake bagifata nk’ikizira (nk’ikinyegezwa). N’umugenzi wa hafi cane murayaga twose, ariko mugeze ku cerekeye ubwoko, hakaba guhesha canke mukavyihoza. Ariko uyu mwanditsi […]
Imibano
Vinicius Jr na Kylian Mbappé baraye batanze ubutumwa ku Barundi
Nta nkeka muramaze kwumva abavuga ngo Umurundi ntakunda ko uwundi atera imbere. Abakinyi Vinicius Junior na Kylian Mbappé, ibihangange mu mupira w’amaguru kw’isi, baraye bakoreye kibuga Santiago Bernabeu ibintu birimwo ubutumwa bukomeye twari dukwiye kwigirako twebwe Abarundi.
Burundi: komite y’urubanza igirwa n’abantu 170, ntibibaho !
Igihe c’ici nk’iki turimwo, akazuba kaba kavanze n’umushuhira w’imanza. Muri ubwo bwinshi bwazo nyene, bene imanza barashuha imitwe mu kurondera abazobafasha. Imigwi ya « WhatsApp » y’abagize komite igakoroka nk’imvura muri terefone z’abatari bake. Ariko rero muri uko gushinga imigwi, bigaragara ko […]
Kurengera indyane za kahise: biracashoboka ?
Mu gihugu caciye mu ntambara nk’Uburundi, gutorera umuti ingorane za kahise ntivyama vyoroshe. Kukaba nka ko, ako kahise kabandanya kibonekeza, eka mbere kakanivanga mu buzima bw’ubu, bwa misi yose. Vyogenda gute none ngo Abarundi barengere izo ndyane za kahise ? […]
Ibintu bitatu bituma hari Abarundi badahimbaza imisi mikuru y’igihugu
Kuri uyu wa 8 Ruheshi 2022, Abarundi bahimbaje umusi wahariwe gukunda igihugu. Co kimwe n’iyindi misi mikuru, abantu batandukanye babona ko uwu musi mukuru ari akaryo ko kuruhuka canke guhura n’incuti n’abagenzi, aho kuwufata nk’uwabo kandi bakagendera ijambo ryawugenewe. None […]
Tuyite amabi ashingiye ku kunyweshwa inzoga ku nguvu ?
Ibituma abantu batangura kunywa inzoga zambiye ni vyinshi kandi biratandukanye bivanye n’umuntu. Ariko muri vyo hari ibibabaza gusumba ibindi. Nk’igihe usanga utabishaka ariko ukagodonzwa ku mvo zitakuvuyeko, birababaza cane nk’uko aba banyakayanza babitwiganiye.
Ibintu bine twomenya imbere yo kuja mu bihugu vy’Abarabu
Tumaze imisi tuvyumva. Hari abarundi, na canecane abakenyezi n’abigeme barondera akazi, bijukiye kuja mu bihugu vy’abarabu, ari na bamwe twama twumva bagize ingorane ari yo bari. Narabaye muri kimwe muri ivyo bihugu kandi naraganiriye n’abatari bake babayo. Ng’ibi ivyo umuntu […]
Ntukarage imbuto y’urwanko n’inzigo umwana
Kuva Uburundi bwikukira, ntiburamara imyaka irenga cumi n’itanu ata ndyane bubayemwo. Imiryango myinshi yarahaburiye. None abavyeyi bobiyagira bate abana babo batabibonye mu buryo budakwega izindi ndyane ?
Ugutatura amatati i Buganda: ata rwaruka nta gishoboka
Indyane ntizigera zibura mu kibano. Iyo hageze kuzitorera umuti, akenshi biragorana kubera ko umwe wese usanga yikwegerako, bivanye n’umugwi arimwo. Hamwe n’urwaruka rwo muri komine Buganda tubirabire hamwe ikibereye gukorwa, gutyo abantu bame bazitira bataronerwa.