Mu gihugu caciye mu ntambara nk’Uburundi, gutorera umuti ingorane za kahise ntivyama vyoroshe. Kukaba nka ko, ako kahise kabandanya kibonekeza, eka mbere kakanivanga mu buzima bw’ubu, bwa misi yose. Vyogenda gute none ngo Abarundi barengere izo ndyane za kahise ? Muri iki gisomwa, Eugène Nindorera, inzobere mu vy’ageteka ka zina muntu araca ku mayange ico avyiyumvirako.
Iyo kahise kacu kaguma kagaruka no muri kubu, bishobora gutandukanya bamwe n’abandi. Ubwo butandukane bushobora gufatira ku macakubiri y’amoko. Bushobora kandi kuva kugufatira mu bwinshi, n’aho ibibi vyoba vyakozwe n’abantu bake, ariko bikitirirwa ubwoko bwose. Ugaca usanga no mu gushaka kwihora bigenze uko nyene. Biranakunze gushika ugasanga ivyo vyiyumviro birandukiye urwaruka rutari bwanavuke igihe ayo mabi yaba.
Ikindi, ni iyo bariko bavuga abicanyi bo mu bwoko ubu canke buriya, uwo wese ari muri ubwo bwoko agaca asa nk‘aho afashwe nk’uwagize ayo mabi, canke nawe ubwiwe bavuze ubwoko bwiwe akumva umenga ategerezwa kuburwanira.
Ubutware bwiza: umuti ?
N’aho habaye amasezerano y’i Arusha, ntivyabujije intwaro mbi kubandanya zibaho. Umurwi ujejwe kumenyekanisha ukuri n’ukunywanisha (Commission Vérité et Réconciliation) ntiwashoboye gushika ku nyishu ataho zegamiye, no kwerekana inzira irashe yoshobora gufasha gutorera umuti ibisanzwe bibuza Abarundi kwumvikana iyo hageze kuraba ivyabaye muri kahise.
Kugira ngo umuti urama uboneke, abatware b’iki gihe n’abo muri kazoza bokora ivyo Abarundi bipfuza, cane cane gushinga intwaro ibereye, itunganiriza bose, ishira imbere amategeko yubahiriza agateka ka zina muntu n’ubwigenge bw’ubutungane. Iyo ntwaro ikaza iteza imbere igihugu, irangura ku mugaragaro amabanga yayo. Kanatsinda, ivyo vyose biranditswe neza mw‘ibwirizwa shingiro.
Iyo umutware yerekanye ko akazi ashinzwe agakora neza ataho yegamiye, agatunganiriza bose, abo atwara uzosanga batarondera kumenya ubwoko bwiwe canke intara avamwo. Ivyo bibazo kenshi bivyurwa n’uko akazi kakozwe ukutarikwo.
Hari n’aho ushobora gusanga umutware mwiza atemeye kurwanira inyungu z’imirwi mito mito ifise inyungu zayo, mugabo kubera inguvu iyo mirwi iba ifise igahava ahubwo ikuza mu kazi wa mutware mwiza.
Ni ikibazo gihambaye cerekeye iyo mirwi usanga ifise inkomezi zivuye ku mvo zitandukaye (ubutunzi, ikibanza mu migambwe canke mu gisirikare, n‘ibindi).
Ico kibazo gikeneye kwicarirwa gushika bishoboye kugaragara ko inyungu za bose ari zo ziri imbere ya vyose. Ni igikorwa gishobora gusaba igihe kirekire, ariko gikeneye gutorerwa umuti mu gihe twipfuza guhindura imibereho y’Abarundi.
Uruhara rw’urwaruka
Urwaruka rurashobora kugira uruhara rukomeye mu vyo kwubaka igihugu carwo, mu kurengera ivyo vyose bitandukanya Abarundi, no mu kwitwararika ibishobora kubanywanisha. Urwaruka ni rwo rwokworoherwa kurusha abarukurira mu ntumbero yo kurengera kahise, rugashira inguvu zarwo mu kwitwararika ivyorufasha mu kwubaka kazoza.
Ariko kandi, ku rwaruka rwipfuza kugira uruhara mu mugambi wo kunywanisha Abarundi, ni vyiza ko rukurikirira hafi ivya poritike. Iyo ugize amahirwe yo kuba mu batwara igihugu, biroroha gufasha mu ntumbero yo guhindura ibitagenda neza, kwubaka igihugu no gutunganiriza abarundi bose.
Ntibisigura ko bica vyoroha. Haba namba. Ni ukumenya ko ari umuzigo uremereye cane. Ikibabaje, ni uko ari benshi birukira ivyo bibanza bihambaye kubera imvo zindi zidatomoye. Ivyo navyo ni ivyo kurwanya.
Abatari abatware mu gihugu, na bo birakenewe ko barondera ingene bafasha abatware, kugira ngo bakore ivyo bajejwe mu gutunganiriza abatwarwa. Ivyo na vyo vyoca mu buryo bwose bwemewe n’amategeko.
Muri ubwo buryo, harimwo no gukoresha ubuhinga bwa none (internet, sites web, blogs, podcasts, …) bushobora guha urwaruka uburyo bwo kumenyesha inkuru kuri benshi no gutuma abafata amategeko bayatumbereza mu nzira nziza.
Urwaruka rugiye hamwe rurashobora gutanga intumbero, mu gushiraho ivyofasha kubona ko akazi kakozwe uko vyari biteganijwe, canke ko bitashitse kuvyari birindiriwe. Ivyo bigakorwa mu buryo butuma n’abadasangiye ivyiyumviro canke ubwoko babihurizako.