Kuri uyu wa 8 Ruheshi 2022, Abarundi bahimbaje umusi wahariwe gukunda igihugu. Co kimwe n’iyindi misi mikuru, abantu batandukanye babona ko uwu musi mukuru ari akaryo ko kuruhuka canke guhura n’incuti n’abagenzi, aho kuwufata nk’uwabo kandi bakagendera ijambo ryawugenewe. None ni ibiki vyoba bituma abantu badahurumbira iyo misi kugeza n’aho abayijako babanza guhabwa itegeko ? Uyu mwanditsi aradusabikaniriza bimwe mu vyo yihweje.
Ni isaha cumi na zibiri z’umugoroba. Dutonze ku murongo ku gituro c’imodoka zunguruza abantu kiri impande y’ibanki BNDE. Abantu babiri bari imbere yanje, amaso ari ku materefone ngendanwa yabo. Ngize ntya, umwe muri bo aritanganiza ati : “Wari uzi ko ejo ari umusi wahariwe gukunda igihugu kandi ibirori bizobera i Gitega ?” Mugenzi we aramwishura ati :”Nta vyinshi nkeneye kumenya kuri uyo musi mukuru. Ikindyoheye ni uko turonse akaruhuko. Nzoryama nduhuke kuko ntazoja ku kazi kandi nzoshobora kuja kuramutsa umugenzi wanje”.
Ata guca hirya no hino, izo nyifato ziragwiriye mu Barundi batari bake. Hari ababona iyo misi nk’imisi y’akaruhuko, yo gutembera kwinezereza canke gukora ivyabo, bikagaragaza ukutamenya neza insiguro y’iyo misi mikuru.
Ivyitwazo
Hari ababona ko imisi mikuru y’igihugu ari iya Reta kandi ijamwo abakozi ba Reta batowe gusa. Nkako, abo baba bateguriwe n’agatutu bavuye ku rugendo rwo guhimbaza uwo musi. Abandi badahara ni abanyeshure canke imigwi y’abatamvyi n’abaririmvyi bayijamwo kugira baryoshe ibirori. Aha abanyeshure bo bajanwa ku nguvu.
Hari abashika kure bakavuga ko iyo misi mikuru iterekana gukunda igihugu, ahubwo ari akaryo keza ko gusohora mahera ya Reta kugira barye bongere banywe. Abo akaba ari bo bibwira ko kuja muri ivyo birori ari guta umwanya. Ejo bundi hari umubanyi yabinyiganiye muri ayo majambo, umusi duhimbaza umusi mukuru w’Ubumwe bw’Abarundi.
Ku rundi ruhande, iyo misi mikuru Abarundi bayiha insiguro za poritike. Kubera indyane zaciye mu gihugu cacu kandi Abarundi batararekuriranira burundu, iyi misi mikuru ntihabwa insiguro imwe. Kuri bamwe hari imisi mikuru yashizweho n’abatavuga rumwe kandi ihari kugira yerekane ko nabo bafise ico bamariye igihugu.
Uburundi bumwe
N’ukuri abarundi turakwiye kurengera ibintu bidutandukanya, tukamenya ko iyi misi mikuru y’igihugu itwibutsa ko turi bamwe, dusangiye kahise n’igihugu. Vyongeye, iyi misi mikuru idukangurira kwibuka ko Uburundi ari igihugu cacu kandi ari twebwe tuzogiteza imbere. Dutegerezwa kugitandukanya n’ivyo dupfa n’abakibamwo, abagitwara, abagitwaye abashize iyo misi mikuru naho dushobora kuba tudasangiye ivyiyumviro canke ingingo bafashe zaratubabaje.
Umitima wo gukunda igihugu ntuhagaze kuba dusangiye ivyiyumviro canke ku vyo igihugu kiduha. Ahubwo umutima wo gukunda igihugu uhagaze ku vyo twagikoreye naho umuntu wese ashaka kugishikana. Rero, dukwiye kwibuka ko iyo hari umusi mukuru w’igihugu cose ari akaryo keza ko guhura nabo tudasangiye ivyiyumviro kugira twibukanye ko turi bamwe kandi dukwiye kwunywana no kurekuriranira.
Ariko rero, burya ba Sogukuru barayamaze bati: “nta kabura imvo”. Reta irakwiye kuraba utunenge twose twoba turi mw’itunganywa ry’iyo misi, maze igatunganywa ku buryo Abarundi bose bayibonamwo, ikaba mu mitima yabo, bakayigendera nk’uko biri mu bindi bihugu. Ivyo vyohera ku majambo avugirwa muri iyo misi mikuru n’ingene ihimiriza rigenda.
Ukwo nukuri harabantu babipinga kbsa ukumva ukwo nugusesagura uburyo bwighugu ariko bakibagirako iyougye mwivyo birori ijambo rivugirwayo ritagusiga uko ryagusanze