article comment count is: 0

Kuyaga ivy’ubwoko hagati y’abatabusangiye: naguye mu gahundwe ngeze muri Yaga

Ibihe vy’ amagume Uburundi bwaciyemwo, vyarasize ibikomere mu bantu. Ivyo, biri mu bituma ikiyago ku bijanye n’ubwoko abatari bake bagifata nk’ikizira (nk’ikinyegezwa). N’umugenzi wa hafi cane murayaga twose, ariko mugeze ku cerekeye ubwoko, hakaba guhesha canke mukavyihoza. Ariko uyu mwanditsi yageze muri Yaga aratangara. Aratwiganira uko yahasanze.

Ni mugatondo. Turi igihe c’isaha zibiri. Ndi mu modoka yunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura. Uko imodoka igenda, nanje niko nabona ko ndiko ndegereza iyo ngiye. Uko ihagarara bamwe basohoka abandi binjira, jeho naguma niyumvira ico nja gukora na rirya wari umusi wa mbere nja muri Yaga gutangura kwimenyereza akazi.

Isaha zibiri n’inusu (8:30’) ndahashitse. Akazuba kaka, ntereza ijisho hirya no hino ndaba ukuntu hashajije n’utwatsi (gazon) dutotahaye. Ndashika, ndinjira, baranyakira nka mushasha nyene n’igishika. Kubera ko hari hakiri mu gatondo nsanga bariko bihereza akayi abandi agakawa. Ni uko barampa karibu nanje nshikiramwo, uwundi twatangurira rimwe kwimenyereza aba arashitse. Nawe turasangira, tuba turanamarana irungu.

Haciye akanya gato, nagiye numva ngo mwese ni muze mu nama itegura akazi. Tumaze gutangura inama naguma ndi maso numviriza ukuntu bahanahana ivyiyumviro.

Uwo musi habaye inama nyinshi kuko hari ku musi utangura indwi. Inama imwe ihera tuja mu yindi. Turi mu nama ya nyuma, abo turi kumwe bobo batwumvira impuhwe jewe na mugenzanje bavuga bati : “Aba bana reka tubareke batahe bararushe’’. Ariko, ntibamenya ko ibiyago turiko turahumvira biriko biratunyura kandi biriko biratwugurura amaso tumenya ivyo tuje gukora.

Nja numva uwutayemwo ivy’ubwoko

Aha ibiyago n’ivyiyumviro vyarese, nagiye numva uwadukanye ivy’ubwoko, nanje nibwira ku mutima nti: “Uwo muntu ararinda adafise inkoho kweri’’.  Ntangura kuraba mu maso mugenzanje dutanguranye kwimenyereza, nawe mbona arahindukiye kundaba. Duhuje amaso, twese turadamwa. Ariko ndavye abandi bo nkabona nta n’umwe bitirimukije nk’uko navyibaza. Nyabuna mbona umenga bose babibona ibisanzwe. Mu kuyaga ivyo, umwe wese yariyemerera ubwoko bwiwe acokoza uwo bari kumwe badasangiye ubwoko, agatwengo kakaba agatwengo ata kintu na kimwe binona.

Maze umwanya nkiriko ndiyumvira kuri wa muntu yatanguza ico kiyago ukurinda afise, nasanze najanywe. Nk’aka kanya, twe na mugenzanje barabona ko twajumarariwe, baduhindukirirako baraduhumuriza batubwira ko aho ata kibazo ariko bimeze. Turababwira ko twatangaye.

Icantangaje kurusha, ni ukubona ukuntu ikiyago bagisozereye neza, bashize imbere uko akazi kagiye gukorwa mu bumwe nta ngere.

Ntibikiri intandaro y’urwanko

Ivyo biyago numviye aho, vyanyibukije igihe nari niga muri kaminuza ukuntu ikiyago nk’ico ata wagicisha mu kanwa. Wari umuziro uzirwa. Eka mbere, hagize n’uwukizana, umwe wese yaterura utwiwe yisoza mu kwanka ko vyohava biducanishamwo. Vyaragaragara ko ibikomere bigihanze benshi mu rwaruka.

Ngereranije ivyo bibanza bibiri, hamwe bayaga ivy’ubwoko ntibibacanishemwo, mbere bigacika inkuru zisanzwe, n’intumbero nziza y’akazi, abandi nabo babifata nk’ibitavugwa canke nk’ikizira nahakuye icigwa kidasanzwe.

Muri bino bihe tugezemwo, ntitwari dukwiye gutinya kuyaga ibijanye n’ubwoko. Ahubwo, vyari bikwiye kutubera akaryo keza ko kubiyagako tukamenya ukuri ku vyabaye mu ntumbero yo kuvyifashisha mu gusubiza hamwe, atabagiriza amakosa abandi kuko amakuba yakubiye twese Abarundi.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion