Igihe c’ici nk’iki turimwo, akazuba kaba kavanze n’umushuhira w’imanza. Muri ubwo bwinshi bwazo nyene, bene imanza barashuha imitwe mu kurondera abazobafasha. Imigwi ya « WhatsApp » y’abagize komite igakoroka nk’imvura muri terefone z’abatari bake. Ariko rero muri uko gushinga imigwi, bigaragara ko hari ikindi kiba cinyegeje inyuma ari naco uyu mwanditsi wacu anegura.
Kuva ici ritamanzuye, maze gushirwa mu migwi ya « WhatsApp » y’abagize komite zitegura imanza z’ubugeni no gukwa umunani. Iyo ntamenya ubuhinga urubuga Whatsapp ruduha bwo kubuza abantu kunshira mu migwi ntabemereye, nari gushirwa mu zirenga ico gitigiri nababwiye. Abo ntazi sinabemereye.
Buri gihe, ncinjira muri iyo migwi, nama nihutira kuraba abo turi kumwe uko bangana. Uri aho usanga ari 70, 80, 100,…. Karigunguza, hari iyo nasanze turi komite y’abantu 174. Naguye mu gahundwe. Ubwo koko aba bose vyarakunda ko bahangayikishwa n’urubanza rw’umuntu yabashize muri komite ? Igituma niyumvira gutyo, ni uko abatari bake jewe banshiramwo haheze nk’imyaka ibiri n’iyirenga tutavugana mbere tutabonana, bagasaba inomero yanje hageze urubanza.
Terera…mwese
Umugwi urashinzwe, abantu barahejeje kuramukanya. Hakurikira agacerere. Rimwerimwe, umukuru (admin) araja arashiramwo ubutumwa bwo kwibutsa urubanza. Ariko rero icama kintera amakenga, ubwo butumwa bwama buherekezwa n’urutonde rujako abariko bariyemeza amahera y’interarano. Kuri izo ntonde, hajako izina n’amahera buri muntu yiyemeje gutanga. Ni ho uca ubona ko ya komite igizwe n’abantu indiri ari ukugira batoze intererano, ingendo itandyohera na gato.
Gutangura kwiyandika ku rutonde vyama bigorana. Uwufise duke abanza kubangira arabe abandi ico batanga. Uwufise menshi iyo abonye abandi bariko batanga makemake nawe aca agabanya. Hakaduka gucungana ku kigohe, umuntu ntabe agitanga uko umutima wiwe umurongoye, canke aho ubushobozi bwiwe bwo mu mupfuko bugera. Ubwo none vyari bikwiye ko habaho intonde z’abariko baratanga hamwe no kwandika amahera biyemeje ? Ntibituma habaho abatanga atari uko babikunze, ahubwo ari ukwanka kumaramara mu bamuhanze ijisho ?
Ni umugenzo, ariko …
Ni vyo kuva kera, Abarundi bamye barangwa no gushigikirana, gufatana mu nda mu bihe vy’imanza zitandukanye. Ruguru ho, abaramukanye urubanza baraterereza ababanyi, incuti n’abagenzi. Uri abagemura ibiseke, abagana urwarwa, abandi nabo bagatanga ibahasha. Ariko ico batanga cose kiba gishishiriye, n’ibahasha riba ryugaye mw’ibanga ntangere. Nta wobideha, iyo ngendo yo kuvugira hejuru ico waterereye si ikintu kiri muri kamere k’Abarundi. Kanatsinda, ba sokuru barayamaze bati: « Umugabo (Umurundi) arahisha utwiwe atatwivye ».
Aha rero nkibaza nti : « Ubwo umugirwa wo kwiyemeza ubera mu migwi ya « WhatsApp », ntutuma habaho abatanga batabikunze ? » Ikindi gitangaje, ni ukuntu abayishirwamwo haba harimwo abatanezwe urubanza. Abantu barenga ijana muri komite y’urubanza birumvikana ko atari bose barwitayeho. Habe na mba ǃ Mbere mfise amakenga ko hari ababikora kugira barondere uburyo gusa.
Imigwi ya Whatsapp irabaho kugira yoroshe gutumatumanako uko integuro y’urubanza iriko iragenda. Ni ikintu ngirakamaro. Ariko hageze guterera vyokorwa ukundi. Ku bwanje, twari dukwiye gutandukanya ibintu. Komite iba ije igamije gufasha nticika iyishurizo ry’intererano, kanatsinda baba baje gutanga umutwe n’amaboko.
Kwiyemeza canke guterera mu manza nk’izo vyoba mw’ibanga ntangere, kandi bivuye ku mutima. Nyene urubanza amaze kurumenyesha abo yipfuza ko bamushikigikira, baramufasha. Ibisigaye, uwiyumvisemwo kumuterera aramushikira mu kanywababu. Gutyo, ico ukuboko kw’i buryo gutanze ukubamfu ntiguce n’ikanda.
Mubisanzwee comité ntikwiye kurenza abantu 10 ,barenze 15👌! Hama bagakora igikorwa umwe Wese ajejwe! Abandi bora avec coordination yabo bagize comité !ABA servant Abo simpaka baze muri comité baryababa bafise ababajejwe NK 2! Gutyo gutyo ! Ham intererano nayo itangwa nuwuvyipfuza kandi batumiye kugatwe kiwe apan muri Rusangi ! Eregaa rurya surubanza giturumbuka nkahumengo nindwara bagutoye utiteguriye ugiraa wivuze cnk nkahumengo numuntuu yapfuye giturumbukaa!nibintu ugomb kub wariteguriye! Abagushigikira nabo bagomba kubikora nkukugukeza kandi wanashak benshi baranabikora!
Murakoze ku ciyumviro canyu. Nkumbure kizokunganira ababibona ukundi.
Nivyiza n’ukubibandanya
Ivyo niko vyari bikwiye kuba ariko kubera benshi bategura imagwa bafise uburyo buke baba bashatse baronke insahirizo murumagwa abandi bakaba bafise uburyo ariko bagategura imagwa nkurudandaza
Muti rero vyari bikwiye kugenda gute none?