Tumaze imisi tuvyumva. Hari abarundi, na canecane abakenyezi n’abigeme barondera akazi, bijukiye kuja mu bihugu vy’abarabu, ari na bamwe twama twumva bagize ingorane ari yo bari. Narabaye muri kimwe muri ivyo bihugu kandi naraganiriye n’abatari bake babayo. Ng’ibi ivyo umuntu yokwitondera imbere yo kujayo, maze ntajane nyabahururu ngo akurikire amaronko gusa.
Kubaza na ntaryo
Benshi mu makosa bakora ni ukutabaza neza ubajanye ico bagiye gukora. Mu gihe uwubajanye ababwira ko bagiye kuronka akazi kandi ata mpamyabushobozi abatse, ata burambe bafise mu kazi kanaka, ntibavuge Icarabu canke Icongereza, baba bibaza ko baroye gukora iki ? Gushikira mu kazi keza hanyuma ugakora ukingiwe n’amategeko ?
Ku mwigeme canke umukenyezi hoho ni ibindibindi. Amahirwe menshi bagira ni uko bashobora kwisanga bakwegewe mu bintu batari biteze, bagakoreshwa akazi atari ko bapataniye. Baba bakirira bayaha nde ?
Aho kuja kweza amaso bamaze kugera iyo umwana arira nyina ntiyumve, baba bakwiye kubanza bakabaza neza.
Ururimi
Iyo bishitse umuntu akajayo, ntawoja ng’aho ngo avuge ko ategerezwa kumenya icarabu imbere yo kujayo. Uretse ko kinagoye, vyomutwara umwanya munini kugira ukimenye. Ikiba gikenewe ni umwete uba ufise mu gihe ushitseyo kugira ushobore kuganira n’abakoresha. Nk’uko nabibwiwe na bamwe mu bariyo, ingorane nyinshi ziva mu kutumvikana gufatiye ku ndimi.
Gusa ico niboneye coco ni uko n’Icongereza gifasha cane. Ukivuga barakwubaha kandi iyo ufise ikibazo, urisigura bakakwumviriza na canecane imbere y’inzego mu gihe ugiraniye ikibazo n’umukoresha.
Imico itandukanye
Ico umuntu yomenya ni uko imico yabo itandukanye gose n’iy’iwacu naho woba uri umwisiramu. Naho ntabaye muri ivyo bihugu vyose, imico n’imigenzo birayisangiye.
Naho batagutegeka kuja gusenga muri bo, imico yabo yubakiye kw’idini. Biba ngombwa ko ubaho nk’uko nabo babayeho (inyambaro, kumenya ikibanza igitsina gore gifise mu mico yaho, kwitwararika isuku, kudasohoka hanze uko ushaka…). Ibi biragora benshi kuvyihanganira bagata bagataha.
Uburenganzira butuzuye
Mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe z’Abarabu nabayemwo, amategeko agenga abakozi n’akazi aratomoye ugereranije n’ivyo benshi twibaza. Naho amahoro n’umutekano muri ivyo bihugu ari nk’ijana kw’ijana, abakora mu mazu (na rirya ari ko kazi kenshi gakorwa n’abo barundikazi bajayo), barahagirira ibibazo bivanye n’abakoresha bamwebamwe batarahinduka ; bagikoresha amategeko ya kera hamwe n’abakozi batazi amategeko abagenga.
Aha twovuga nko kukwaka igitabo c’inzira kandi bibujijwe mu mategeko ; kukwima umusi w’akaruhuko. Ikindi na co twomenya ni uko wewe munyamahanga udashobora kuronka uburenganzira burenze ubwo abapfasoni n’abigeme baho badafise.
Ubona ko « uja mu mu kibira utazi ugaca inkoni utazi », abajayo barajayo ariko bari bakwiye kumenya ko inzira nziza yo kugenda ari ukwisunga amategeko ; ni naho n’igihe agize ingorane ubuserukizi bw’igihugu buri muri ivyo bihugu buheza bukagira aho buhera mu gukingira uwo muvukagihugu.