Mu bindi bihugu, incabwenge zama zatumiwe ku mboneshakure, ku maradiyo, tugasoma ivyo banditse, bakavugwa mu binyamakuru ; ariko, abo mu Burundi, ibikorwa vyabo ntivyibonekeza cane. Kubera iki ? Ng’izi inyishu za Pascal Niyonizigiye, incabwenge akaba n’umuhinga mu vy’Imigenderanire n’Amakungu.
Imibano
« Woheza amashure ugasohokera kudandaza umubiri ?»
Ukivyumva wokwibaza ko ari ibitito. Ariko ni ivy’ukuri. Nibaza ko hari abantu bafata abigeme nk’ibidandazwa canke inka ushora ku macuniro; ahandi naho nkumirwa mbonye ingene nacumukuye mu kwiga, narangiza bakampa akazi ko kudandaza umubiri mu nzu y’uburaro. Ng’uku uko vyangendeye.
« Ngiye guca umukozi » : nta wugishigikira incuti n’abagenzi ?
Aho hambere hahise, kumariranira imanza vyagaragaza urukundo, umuvukano n’umubano mwiza. Ariko ubu biriko birahindura ishusho. Inyifato zitari nke zigaragaza ko bisigaye ari nk’umuzigo umuntu atura canke ideni yishura.
Ibintu bitanu biranga umurongozi mwiza
« Umurongozi mwiza yitaho abandi gusumba inyungu ziwe canke iz’imirwi akomokamwo. Twese turafise ubushobozi bw’ukuba abarongozi » ; umwigisha muri kaminuza, Acher Niyonizigiye, yaraduhaye umuco ku nyigisho z’uburongozi amaze imisi atanga, biciye ku mbuga ngurukanabumenye.
Ngo umuntu agirwa n’uwundi? Aho hari kera
Mu Burundi, si hose vyoroshe kuronka rusehabaniha itabara imbabare, iyo habaye isanganya. Iyo uguye mwe n’aho hantu rero, hari abihutira kugusopa ubutunzi wagendanye, aho kugutabariza. Narabibonye.
Mbega abarundi dupfa iki?
Yihweje amagume igihugu c’Uburundi cagiye kiracamwo, akagaruka no kuyo kimazemwo iminsi, Prosper Niyonkuru aribaza igituma abarundi bamarana kandi bose ari abavukanyi maze agatanga n’impanuro yofasha mu kugendera iragi ry’abasokuru.