Uburundi bwarabayemwo indyane nyinshi muri kahise. Ivyo bikaba vyaragize ingaruka nyishi kandi, n’ubu zicibonekeza. Abatari bake baribaza icokorwa kugira ngo ako kabi ntigasubire, kuko gasiga igihugu mu kajembegete. Urwaruka rwo muri komine ya Buganda mu ntara ya Cibitoke ruravuga icokorwa […]
Imibano
Ng’iki icatumye ntaja gusanganira Francine Niyonsaba
Uno mwanditsi ati: “Karashize ingani, dutere intemere aho tutateye isuka!” Aho ariko atera ivyatsi ukugene Abarundi isinzi basidukanye n’iyonka kwakirana urweze Francine Niyonsaba n’intsinzi yiwe, kandi ata misi ibiri iheze tubonye ibindi. Na Niyonsaba ubwiwe igihe yasaba gushigikirwa, “n’ababijejwe twabonye […]
Ibintu bitatu vyerekana ko ikibazo c’amoko kitarahera mu Barundi
Imyaka miringo ibiri n’amezi ane birigoroye amasezerano ya Arusha ateweko igikumu. Ntawobideha, kuva ico gihe, intambwe itari nto yaratewe. Ibibazo bimwebimwe vyari bihanze igihugu vyaratorewe umuti, harimwo n’ic’amoko cari kizingamitse Uburundi. None vy’ukuri ico kibazo coba caratorewe umuti ? […]
Kuramukanya : umuco w’ubuntu ugira uzimangane
Kuramukanya wari umuco mwiza uranga Abarundi kuva na kera na rindi. Ikibabaje, uno musi, Umurundi arahura n’uwundi mu nzira akarengana ata na mwiriwe canke mwaramutse amuhaye. Umwigisha wa kaminuza w’umukurambere patiri Adriano Ntabona arabinegura cane, akerekana icatumye bitituka n’icokorwa ngo […]
Amarira y’icibutso c’Ubumwe bw’Abarundi kiri ku musozi wa Vugizo
Imyaka 30 irarumanye mbayeho. Kumwe kw’umwana w’Imana yavukira i Nazareti, nanje nari mfise ikintumye mvuka: gukuraho indyane zishingiye “ku mazuru” zari ziziziye bene Burundi. Nashizwe ahakirurutse ku musozi Vugizo, atari ukugira abantu bame bagira urugendo baza kunsenga, ahubwo ari kugira […]
Bavuze amabi ashingiye ku gitsina mu Burundi twokumva iki ?
Amabi ashingiye ku gitsina afatiye ku bintu vyagutse cane, haba mu ndangurakintu yayo, eka ndetse no mu vyo yerekeye. N’ibihugu bitandukanye, eka n’imico itandukanye, kimwe cose kiba gifise uko cita amabi afatiye ku gitsina. None mu Burundi ho tuyatahura gute ?
«Naranguye amabanga mpuzabitsina “bunyamaswa” none umugore ntakinyerekwa » : intahe
Amabanga y’abubatse ntiyama ari isoko rivomera ubumwe n’urukundo, na canecane iyo abayaranguye bavyifashemwo nabi. Divin*yabuze imbwa n’imbwebwe, akemeza ko icari kuzigama urukundo rwiwe na Carlene ari co caruhungabanije, kandi bimuvuyeko. Intahe.
Reka ibinini nkaburamubiri nimba utarwaye, ng’izi imfungurwa zongereza ubugabo
Tumaze imisi tuganira ku vyerekeye ibinini nkaburamubiri. Twasanze n’urwaruka ruvyihereza ku bwinshi mu ntumbero yo kwiyongerera inkomezi mu kurangura imibonano mpuzabitsina. Ariko abatohoji bo kuri kaminuza y’i Havard muri Reta zunze Ubumwe za Amerika basanze ivyo ari bibi, maze berekana […]
Kubura ubushobozi bwo kugira imibonano mpuzabitsina : indwara ikira
Amatohoza yerekana ko abagabo babiri kuri batanu mu bafise imyaka itarenga 40, bimaze gushika bikanka ko igitsina cabo kivyuka. Aho ni mu gihe benshi baba bibaza ko bishikira abafise imyaka yitereye gusa. Mu bisanzwe, ikibituma si imyaka gusa. Bifise imvo […]