Ku myaka 18 amaze yubatse, David* afise abana bane, kandi umuhererezi afise imyaka 11. Yemeza ko vyanse ko aheba kwibonanya, kandi yubatse, ata n’ico akema umugore wiwe mu mabanga y’urugo. Bimubabaza ku mubiri no ku mutima, ariko vyaramunaniye guheba. None […]
Igitsina
Bavuze amabi ashingiye ku gitsina mu Burundi twokumva iki ?
Amabi ashingiye ku gitsina afatiye ku bintu vyagutse cane, haba mu ndangurakintu yayo, eka ndetse no mu vyo yerekeye. N’ibihugu bitandukanye, eka n’imico itandukanye, kimwe cose kiba gifise uko cita amabi afatiye ku gitsina. None mu Burundi ho tuyatahura gute ?
Abakozi b’ “Imana” mushurashuza abo mwosengeye: soma hano
Si rimwe si kabiri, iryo bara ryama ryaguye. Gusa, ntibikunze kuja ahabona. No muri kuno kwezi vyarabaye. Hari abiyita abakozi b’Imana usanga bari mu vyo gufata ku nguvu abo bosengeye. Uno mwigeme Kamariza* ni umwe mu bo vyashikiye. Aratwiganira ingene […]
Umwana wawe arikorakora cane ? Ng’uko uko wovyifatamwo
Biramenyerewe ko abana bakiri bato bikorakora ku bihimba vy’irondoka, canke bakibonanya bigiwe haruguru. Abavyeyi b’abana babikora barabura uko bifata ku buryo bakitamwo kurya umutima abo bana mu kubakubita canke bakabatukagura. Ariko rero, ubushakashatsi bwerekana ko uwo atari wo muti w’iyo […]
Ibanga ry’abubatse: “umugabo wanje ntaco agishoboye; ngire nte?”
Ibanga ry’abubatse hagati y’abashinze umuryango ni “karahara mu ruganda, ntibacura”. Alice*, umukenyezi w’imyaka 29, yabonye umugabo wiwe agira isanganya, afatwa n’ubumuga, ntiyaba agishobora kurangura amabanga y’abubatse. Ubu rero ngo ivy’urugo biramunaniye.
« Twoba abagenzi tudasangiye ibitsina, ntitubihuze ? »: birashoboka, ariko…
Mu mpera z’ukwezi kwa Mukakaro, runo rubuga rwaradusangije inkuru ya Akeza Martine, umwigeme yisanze ariko asabwa kuryamana n’umusore, kandi we yari azi ko bafitaniye ubugenzi budashika iyo. Ni ikibazo c’abatari bake. Hari abahinga bagikozeko ivyigwa, ari vyo tubashikiriza hano, nk’inyishu […]
Umuntu yorwanya gute kumota nabi mu bihimba vy’irondoka ?
Ntawovuga ngo ibihimba vy’irondoka bisanzwe bikangirana. Mugabo, hari aho wumva ubuze amahoro kubera ko ufise akamoto katameze neza mu bihimba vyawe. Ng’izi impanuro zimwezimwe zifasha kukarwanya ; nk’uko tubisanga ku rubuga rw’ikinyamakuru NEON.
“Uwo nita umuvuzi niwe yantwaye ubusugi”: intahe
Babita ba rumenyi. Bamyeho, kuva na kera na rindi. Ababitura baba biteze inyishu ku ngorane zibahanze. Ariko, hari abizera gusomera bagasanga barumanze. Uno mwigeme aratwiganira ingene umugabo yagiye arondera atari we yaronse.
Ingene ivyo gusenga vyavuyemwo ivyo kuryamana : intahe
Umuntu agira abagenzi bivanye n’ivyo ahurirako n’abandi : ishure, akazi, ishengero n’ibindi. Ubwo bugenzi, iyo bubaye hagati y’abadasangiye ibitsina, vyoba vyiza buhawe intumbero hakiri kare. Bitabaye uko, imbere nta wumenya ikiri buvemwo. Muri ino nkuru ya Aimé*, intahe y’amaganya yasubiriye intahe […]