article comment count is: 27

Ingene ivyo gusenga vyavuyemwo ivyo kuryamana : intahe

Umuntu agira abagenzi bivanye n’ivyo ahurirako n’abandi : ishure, akazi, ishengero n’ibindi. Ubwo bugenzi, iyo bubaye hagati y’abadasangiye ibitsina, vyoba vyiza buhawe intumbero hakiri kare. Bitabaye uko, imbere nta wumenya ikiri buvemwo. Muri ino nkuru ya Aimé*, intahe y’amaganya yasubiriye intahe y’agakiza.

Ubugenzi bwacu bugitangura, namufata nka mwenedata ankurira mu vy’ijambo ry’Imana. Rimwe na rimwe nkamuhanuza iki na kiriya, nkumva aramfasha cane. Narageze aho ndamubona nka mushikanje, kandi ni na mwiza ku mutima no ku mubiri.

Mu nyuma, tuza turahurira mu bintu bitandukanye, kuko twari twabaye incuti n’umugabo n’abana biwe ; bari banzi.

Muri uko kwagura ubucuti bwacu, umusi umwe twaragiye aho bita « ku musozi » mu masengesho, nk’uko twari dusanzwe tujana n’abandi. Mugabo rero, ico gihe tuyaga umwanya munini, kuko twari tugiye kumaranayo imisi. 

Ni ho twaganira tugera kure, nkama ngira nti ni inkuru zisanzwe, twinjira mu vyo tutazi n’ingene vyajemwo, ambwira ivy’urugo rwiwe. Erega yarageze aho anyagira ibijanye n’amabanga y’abubatse, uko vyifashe mu rugo rwiwe. Nza numva ngo : « Naho mvyaye gatatu, sindapfa numvise uburyohe bw’ivyo ngo ni amabanga y’abubatse. »

Muvyo gufyina

Numva birantangaje cane. Muri kwa gufyina, ndamubwira ko yahomvye cane. Kanatsinda, sinabitahura ko yoba abayeho uko. Ni ko kumubwira ntebura nti : uraza dupime wumve ko na jewe ataco wokwumva. 

Ntibwakeye na kabiri, arantumira nk’uko vyama, turaganira. Ariko, aranyegera cane. Nanje nca ndabona ko iryo navuze ryankurikiranye, nca ndatahura ico ariko arambwira. Muri kwa gufyina nyene, turateba turabikora. Iyo iba ibaye intango.

Mu nyuma, ubucuti twahorana, ivyo twaganira, vyahavuye bihindura intumbero. Maze nisanga nsigaye ndamwiyumvamwo cane, akandutira abigeme nshobora kuba mbona hafi yanje. Nawe nyene aranshuhira. Dukomeza kwibera muri ivyo twinyegeje, ata mugambi n’umwe ushoboka w’ukwubakana hagati yacu. Umutima uratwagiriza imbere y’Imana n’abantu, naho nyene vyabaye mw’ibanga ntangere. Kandi n’ubu biracaba.

Nzobivamwo gute ?

Aho bigeze, turiyumvira ikizodukura muri ako kaga bikatugora. Narahevye ndaja kure yiwe, kugira ngo ndabe ko hari icohinduka, ndagabanya ubwo bucuti na we.  Yamara,  iyo bishitse hakagira uwuvugisha uwundi kuri terefone, dusanga twafashe isango ryo kubonana, tukisanga muri vyabindi nyene. Akunda kumbaza ikibazo ati : « nk’umusi umugabo wanje yobimenya, tuzogira gute ? »

None rero ubu, nkore iki ? Mpere he ? Sindi bumuhebe burundu, yosigara arandaba ribi, kuko noba nkomerekeje umutima wiwe. Ariko nyene, nanje nahavuye ndamukunda. Kuvyo kubandanya navyo, nsambuze umugore avyaye gatatu ? Iyo menya ; naho yama iza ibipfa vyapfuye, ntitwaja kuganira izo ngorane z’urugo rwiwe. Hari n’aho twari kugumana bwa bucuti bwacu bwiza bwambere. Simbona iyo bija.

* : Izina ryahinduwe

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (27)

  1. Mbo nivyo knd bishikira bensh gs ico noguhanura nuko wobandanya umwirinda kuko numugore wabandi nubwo woba umukunda uze wibuka ko atari rwawe kandi umenye ko :umuti w’umukobwa,ni uwundi mukobwa.raba uhige uwawe sivyoo??

  2. Ivyo birashika kenshi .gusa kubwanje uwo Mysore narondere uwiwe Hama ahebe umugore wabandi kuko birashobora kumuviramwo nukutabona akamaro ko gufata ingingo yo gushinga urwiwe

  3. So sorry kwumva,uri muri iyo situation,noguhanura ko wewe nuwo mugore,mwoja muri therapie de couple,apana abo kumanshengero batavyize,
    Bakabahanura neza ingene mwova muri iyo situation.
    Biragoye ko bizobabaza, muga kubaho mufise izo secret nokwinyegeza birababaza kurusha.
    Igikuru nukuva muri iyo situation mwese mufise amahoro kumutima.

    1. Mugenzi,

      Barya bo mu masengero harimwo benshi cane bavyize. Si bose batize.

      abize n’abatize bari hose.

      Hama kuja muri thérapie de couple, si ibintu biba vyoroshe.

      Bashoboye kubiheza hagati yabo ata wundi muntu abigiyemwo, vyoba vyiza kurusha. Kuko ni ibanga riremereye.

  4. Salam ivyo biriho mandi henshi nomugira inama yuko yorondera inkumi bagendana kuko vyotuma amwibagira umwanya munini yowumarana niyo nkumi agasanga ntakimwiyumvamwo wa mu mere bukebuk vyohera kuk naw yoca agira inzigo yuko amubonana uwundi
    bagendana

  5. abantu bubu ntamutima wo kwihana bafise bizakugor kubiheba kuko gushik ubu nturabona uburemere bw icaha ukora kuk urumva uracafise impamvu yo kubikora n uwo uvyegekako. utabihevye uzicuza kuko ingero ugereramwo abandi nawe niyo uzogererw shiti wihanye

    1. Ahanj ico nabwr uwomuhung nuko yokweger umuntu yize ivyinyifato (pychologue) kumbur azotah yifatiy ingingo wenyen sinon kurubuga si aho gusabir impanuro KK umwumw akubwr ikimujemw naho atabuhinga aba abifisemwo

  6. ivyo birabaho ariko naho bishika ngo ntacatugerageje kitarico kwihanganira urabe urondere ico mupfa mukurondera uwundi mukobwa sinon nawe ubifisemwo uruhara urumva ntushaka gufata ingingo yo kubivamwo ariko umenye plus ubikora naw nivyagushikira ntuze ubabare ico noguhanura reka uwo mugore w’abandi urondere rwawe kandi unihane n’icaha ico,usivye nivyo n’umugabo wiw ashobor kubafata(intenderi yoba isheshe umuti)

  7. Ibintu nk’ivyo vyama vyashikiye benshi Kuko Turi mû mubiri ufise intege nke. Ubugenzi akenshi buhereza mû kwishima mû kurangura amabanga y’abubatse naho mwoba musenga hari igihe mugira intege nke mukisanga muri ico caha. Imvo nazo ni nyinshi. Gusa ico nohanura uwo mwenedata nuko yorondera umukobwa bakundana gutyo akamutwara umwanya bizotuma agerageza kwirinda kubabaza umukunzi wiwe bimufashe kwirinda gusambura urugo rwubatswe.

  8. Ivyo bishikira n’abandi, ntugire uri wenyene. N’abubatse, umwe afise abana n’umgabo canke umugore, birabashikira, kandi atari kuvuga ngo ntarukundo afitiye umugore wiwe canke umugabo wiwe. Ico no bahanura ni uko mwoja hamwe mukajinama ingene mwobisohokamwo mubigiye inama, mugabo nukubwira ko bitoroshe. Niyo bitabakundira, nobahanura ko umwe wese yogenda kuraba umo professionnel (le) et expérimenté (e) en la matière amufasha pour vous aider à la séparation et faire le deuil de ce lien affectif très fort.

  9. Uyo mugore ari ugusambura yarasambuye, muri make ntakunda umugabo wiwe. Nawe amakosa warayaguyemwo, ariko urabe neza kuko ivyo udashaka ko bagukorera ntukabikorere uwundi. Soit hitamwo musambure urwo mwasambuye hama mubane. Soit hutamwo mubihebe, yubake urwiwe rukomere. Aho rero murakeneye abakozi b’Imana babafasha.

  10. Ivyisi biragoye. Uwu musore bizomugora gose kubivamwo kuko urukundo rw umugore n’urw inkumi ntibisa.
    Inkumi ziraharura cane, ntizirekura, kandi ziguma zisaba aka na karya. Umugore wewe aratanga vyose kandi neza.
    Uwo muhungu vyaramunaniye kwifata kuko yahuye n’umugore w igihumbu amusumvya ubwenge. Abwirizwa gufata ingingo…

  11. Mugenzi, icaha c’ubushakanyi baragihunga.
    Na bibiliya irabishingira intahe (1corinthiens6:18)

    Ntutinye kumubabaza. Aho bigeze muzoruhira kubabara n’ubundi.

    N’ubwo bugenzi ubu ntibugishoboka.

    Kandi kujana n’uwundi utarakira neza kuri ico, ni ikintu kizoba kiryamye.
    Uwundi musi bizogaruka.
    Ni ikibazo ukeneye gutorera umuti.

    1. @Anonyme
      A man and a woman can not connect intellectually without eventually « CONNECTING THEIR CONNECTORS »
      (dans la tres populaire serie de comedie  » 3 rd Rock from the Sun » en janvier 2001 sur la chaine de television americaine NBC- National Broadcasting Corporation).

  12. Ncuti ibibazo biragwira koko wangu iconokurabwira nuko woraba ukamwigirwa kure koko icaha cubusambanyi umuti waco urahunga kutinya kumubabariza umutima mwime umwanya kenshi gashobok kukubondi urukundo rwanyu rufatiy kumwanya membrane vyiza nukumuhunga

  13. Sha mon frère urwo wiyumvamwo surukundo ni attirance sexuelle fondera uwo mukundana akubere upu substitut hama una mu presente kuwo mudamu hama wihe ingingo yo kutamuca inyuma wihane usenge imana igufashe kwihangana

  14. Urwo si urukundo ni impwemu mbi yabadayimoni yabafsh!!
    Uwo musore narondr umukozi w’Imna amugirir deliverance hma amwim umwanya hma arondr umukunzi rwiw ndizeyko bizohera

  15. Vyarashitse mais ntihrarengerana uwo muhungu nafate décision nubwo warusanzw usubir usab imbabazi Imana ndaz ufashe ingingo vyose birashibok

  16. urazi ndakubwire ibntu vyose bishbika iyufashe décision kd ikintu kugira ugihebe kimanza kugushisha wew nimba wumva vyukuri ushaka kubihba nibibanze bigushishe kumva uryaman n umugorr ataruwaw uhejej ucufat ingingo yokumwegerwa Kure cane ukupe ama ponts yose utitay kumubabaro azogira cank w uzigira bishibots uje nakure Hama uzogaruka haciy igihe wingera usenga wihana cane bizohera kd ça porte malheur sh vyiz wobirek kare ukemer kwjbabaza kuk ntivyorosh

  17. Mugenz vyar kub vyiza mugihe mwari gukomeza muyaga ibijany numugambi wo gusenga mwari mufitaniy arko ntusambure izo mutubatse kweri hama iyo ni shetani yaguteye mugabo komeza usenga uhoraho azobigukuramwo

  18. Kubonek nab n’iteka ryaw uhisemw ik?kubandany usambuz cank gusonz ukigumy ukarindir inkono yaw uhisemw ik?en faite ntiwigez umeny Imana vyukur,gus k uhaye wicuz uracafis umutima,igarur bitarager kur kuk ah akubwir at hamw dufashw vyogend gut,n’Imana ikuburir umv ntukomantaz umutima ejo n habi ubandanij uk,arik kuk ur umunt niwigarur urashobor kugarur ubuzim bwaw k murongo,ukw kumwiyumvamw n pitié sinibaz k ar urukund kuk wamukunz amaz kukuganyir,kand bizoher aruk ufash ingingo

    1. Ico nobahanura nuko bari barakijijwe nibasubire bihane Yesu numutunzi wikigorwe ababarire kandi barazi neza ko ubusambanyi aricaha Imana yanka cane nibabihebe bihane hanyuma bahindukirire Imana Uwo musore Imana nawe imuhezagize uwo babana hanyuma uwo mugore nawe asenge Imana Ivyo yaronka kuruwo musore burya niwiwe biriyo nasenge azumirwa Imana Irashoboye guhidura amateka yumuntu wese nurugo rwose Imana irushirizeho kubatabara nukubatahuza Amen