article comment count is: 5

Umuntu yorwanya gute kumota nabi mu bihimba vy’irondoka ?

Ntawovuga ngo ibihimba vy’irondoka bisanzwe bikangirana. Mugabo, hari aho wumva ubuze amahoro kubera ko ufise akamoto katameze neza mu bihimba vyawe. Ng’izi impanuro zimwezimwe zifasha kukarwanya ; nk’uko tubisanga ku rubuga rw’ikinyamakuru NEON.

Igisabo n’ibihimba vy’irondoka biboneka vy’igitsina gore birafise uko bimota ; kandi ni ibisanzwe.

Uko mu gistina c’umukenyezi canke umukobwa hifashe bigenda birahidagurika, bivanye n’igihe c’ukwezi agezemwo. Amaraso y’ubutinyanka arashobora kumota nabi (kandi ntawe vyoraza ishinga), kuko bivana n’umuntu. 

Ivyo kandi birashikira abantu bibungenze, co kimwe n’abaciye. Hari ibindi bishobora gutuma igisabo kimota ukundi, navyo ni itabi, canke iyo wafashe imiti irwanya imikorobi ; ni iyo mu bwoko bw’ama « antibiotiques ».

Ibihimba vy’irondoka vyibonekeza birafise uko bimota navyo nyene. No ngaho nyene, bivana n’uko umuntu yabize icuya, canke ibindi bisohorwa n’umubiri.

Hari abandi bibaza ko kumwa canke kutamwa ku bihimba vy’irondoka vyerekana isuku rike canke bituma haza ako kamoto. Si uko bimeze. 

Isuku ryo mu bihimba vy’irondoka

Vyiza, umuntu ntiyoshikuza. Hari abakunda kwoza neza ibice bigize igihimba c’irondoka c’umuntu w’igitsinagore bakoresheje amazi meza canke isabuni yabigenewe. Kizire kiziririzwe ko hari uwuhirahira ngo agira yiyoze mu gisabo. Ho nyene harasanzwe hifitiye ukuntu hiyoza neza cane. 

Ugize ngo uriko urahoza, uba uhungabanije uko hasanzwe hameze, bigaca bituma haba ikirimbiro ry’imigera  y’indwara zitandukanye. Nimba bishika ukumva akamoto kabishe uhejeje imibonano, umuti wavyo utorerwa kwa muganga, ihutireyo.

Uduhuzu two munsi

Urasanga dufise utudanteri, canke ugasanga ni tumwe tunyerera ; si twiza na gato. Uzambaye kenshi, bigirira nabi igasabo n’ibihimba vyibonekeza mu bigize igitsina (vulve). Nyabuna, nimwambare izikozwe mw’ipampa, ryo rituma ibihimba vy’umubiri bihema neza, gutyo, n’imigera ntironke ukuntu irwira. 

Ikindi ni ukwirinda impuzu zifata cane rwose, kandi mu kuryama, wokura agahuzu ko munsi.

Guhisha uko umota muri ivyo bihimba

Ahantu henshi urahasanga amavuta akangirana, yo kwihuha (déodarant intime), udutambara two kwihanagura dukangirana turimwo umuti, co kimwe n’udutambara two mu butinyanka dusanzwe tumota neza, n’ibindi. Ntimubikoreshe. 

“Uwo nita umuvuzi niwe yantwaye ubusugi”: intahe

Ivyo bishobora gutuma muguma mwiyagaza, canke mbere bigahungabanya uko mu gisabo hasanzwe kandi ari ko hategerezwa kumera (flore vaginale), canke hakaduka indwara zindi.

Aho rero, ibintu bigenze uko, uraheza ukamota nabi cane, ku buryo urenganye bifata ku mazuru. Bene gukora ivyo bikoresho, babigira kugira ngo bavyidandarize bironkere amafaranga, ibigega vyabo bibomboke.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (5)

  1. Inyigisho nk’izi ni ngirakamaro kuko abatari bake amajambo nk’ayo bakiyafata nk’ibiterasoni ata wobiugira ahabona. Bandanye