Nta vyigwa birakorwa, mugabo ntihabuze urwaruka rwo mu Burundi rukoresha ibinini nkaburamubiri (viagra). N’aho benshi babigira kugira ngo “bemeze” uwo bariko baragira imibonano, inkurikizi ziragoye kwitura. Reka twisunge ivyo abatohoji b’Abanyamerika berekanye. Tubisanga ku rubuga rw’ikinyamukuru Atlantico.
Igitsina
« Même si je ressemble à une fille, je suis un homme comme vous »
Comme la fille aux allures masculines, le cas des garçons à l’apparence féminine est aussi délicat. Obnubilé par les préjugés, l’entourage se montre parfois intolérant à leur égard.
“Kwikura inzembe” : ukugira imibonano mpuzabitsina inyuma y’ukugenyerwa
Bamwe mu rwaruka bavyigira mu kibano, bakabigira kangeza, ingaruka zikabananira kwitura. Baraduhenze ngo “umuntu wa mbere mugiranye imibonano mpuzabitsina inyuma y’ukugenyerwa aca aba katamanikirwa mu bushurashuzi”; duca tubijamwo nk’abagiye kwikingira kubw’ingo zacu zo muri kazoza. Ng’uku uko vyagenda.
Kugenyerwa : inyishu ku bibazo bimwebimwe bisangiwe na benshi
Kugenyera (ku gitsina gabo) ni iki ? Vyoba bikinga ko umuntu yandura indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka ? Nta ngaruka bifise ku bijanye n’ubushobozi mu gihe c’amabanga mpuzabitsina ? Muganga Antoine Faix araduha umuco.
Kuvyuka usanga wasohoye intanga : bisigura iki ?
Umugabo mu kurangiza uburyohe mvabwonko bwiwe, arasohora intanga. Ivyo birashobora gushika umuntu yiryamiye, yibereye mu gatiro, agasanga aho aryamye hatose. Uwo bishikiye irya mbere canke kenshi, ataronse insiguro, arazazanirwa. Hari n’abibaza ko barwaye canke babiterwa n’amadayimoni. Muti none ukuri ni […]
Havugwa vyinshi ku busugi n’ince : umuco w’umuhinga yabinonosoye
Kuva umuntu yaruka, abwirwa vyinshi ku bijanye n’ubuzima ndorabitsina. Muri vyo hari ibijanye n’ubusugi. Umwe wese usanga afise uko babimubwiye, uwundi akaba yabwiwe ukundi, ku buryo n’abakunzi ba Yaga usanga babivuga kwinshi. None ni ibiki twomenya kuri ivyo bintu bimeze […]
Amabanga y’abubatse: hari abagabo bakwiye kwigishwa uko bigenda
Imico n’imigenzo ifatiye kw’idini iri canke ririya, rimwe na rimwe iratuma haba ingo zubakwa, ariko zidafatiye ku rukundo. Ivyo bigatuma ivyiza uwubatse yokwitega mu rugo atabironkayo. Zayinabu* yaratwiganiye amagorwa aterwa n’uwo bubakanye, iyo hageze amabanga y’abubatse. Ng’iyi inzira y’umusaraba ariko […]
Ihohoterwa rishingiye ku gitsina: twese turabikora tutabizi
Iyo bavuze amabi afatiye ku gitsina, benshi twumva gufata ku nguvu n’ibindi bisa na vyo gusa. Ihibambewe! Si ivyo gusa. Hari n’ibindi vyinshi mbere dukora tutazi, bikozwe, aba ari guhohotera umukenyezi. Turabire hamwe muri make uko ishirahamwe mpuzamakungu riharanira iterambere […]
« Woheza amashure ugasohokera kudandaza umubiri ?»
Ukivyumva wokwibaza ko ari ibitito. Ariko ni ivy’ukuri. Nibaza ko hari abantu bafata abigeme nk’ibidandazwa canke inka ushora ku macuniro; ahandi naho nkumirwa mbonye ingene nacumukuye mu kwiga, narangiza bakampa akazi ko kudandaza umubiri mu nzu y’uburaro. Ng’uku uko vyangendeye.