article comment count is: 0

Bavuze amabi ashingiye ku gitsina mu Burundi twokumva iki ?

Amabi ashingiye ku gitsina afatiye ku bintu vyagutse cane, haba mu ndangurakintu yayo, eka ndetse no mu vyo yerekeye. N’ibihugu bitandukanye, eka n’imico itandukanye, kimwe cose kiba gifise uko cita amabi afatiye ku gitsina. None mu Burundi ho tuyatahura gute ?

« Ihohoterwa iryo ari ryo ryose rikorerwa umuntu ryisunga igitsina ciwe, rigashobora gutuma amagara yiwe, ibihimba vy’irondoka vyiwe, ibigumbagumba n’umutima bisesererwa, umuntu akabirwara canke bikamubuza umwidegemvyo mu buzima bwiwe », uko ni ko amabi afatiye ku gitsina asigurwa n’itegeko N°1/013 ryo kuwa 22 Nyakanga 2016 rikinga, rikongera rikarwanya amabi afatiye ku gitsina ndetse rigakingira abayakorewe. 

Iryo tegeko nyene rivuga ko amabi afatiye ku gitsina ari ico cose umuntu agira canke agerageza gukorera umuntu ; amajambo avuga yaba ari hafi yiwe canke kure, ivyo vyose akabikora batavyumvikanyeko n’uwo abikorera ; ku bana hoho, bishobora kuba kumuhendahenda agakoreshwa ku nyungu z’uwo amuhendahenda.

Amabi afatiye ku gitsina kandi, nk’uko iryo tegeko ribandanya ribivuga, ni ico gihe cose umuntu yitwaza igikenye canke ikibanza afise mu gukwegera uwo afiseko ububasha mu gukora imibonano mpuzabitsina canke ibindi bijanye na vyo, hakoreshejwe iterabwoba iryo ari ryo ryose.

Ni co gituma dusanga rimwe na rimwe, ibintu bimwebimwe tubona nk’ibisanzwe ariko biri mu biharurwa nk’amabi, mu mategeko. Tubifata nk’ibisanzwe iyo umuntu utazi, muhuriye mw’ibarabara canke ku kazi, akubwiye utujambo tutabereye, “two kukuresha”, ataho mwari bwabonanire. Aho ntitwibagiye abama bagoberewe bagakora imibonano mpuzabitsina n’abakoresha babo kugira baronke akazi ; ari na ho twama twumva abiyaga ngo : “yavyemeye sha, ntakuze ?”

Ahandi bibonekera ni mu vyo twita Kwi delibera, aho umunyeshure w’umukobwa aryamana n’umurezi kugira aze amuhe amanota canke amufashe amenye vyoroshe. Ico kintu kikaba kiri mu bizingamitse indero mu gihugu cacu.

Kuva na kera na rindi…

Hambavu y’izo ngeso zigisibije uno musi, hari n’izindi zozo zimaze imyaka myinshi cane. Aha twovuga nk’ uguterura, aho bafata umukobwa bakamujana ku mugabo ku nguvu, canke ugukazanura, aho umugeni agishika mu rugo yategerezwa kugira imibonano mpuzabitsina na muramuwe, n’ibindi.

N’aho abatari bake badatahura ko gufatwa ku nguvu n’uwo mwubakanye bibaho, eee mama bitwaje ngo umwe mu bubakanye ategerezwa kwama ari hafi y’uwo bashimanye kugira amuronke igihe cose amukeneye, birabaho kandi vyarabayeho kuva na kera. Aha twovuga nk’ivyitwa gukanda umuvyeyi, aho umuvyeyi aherutse kwibaruka bamutegeka kurangura amabanga y’abubatse. 

Iyo migenzo itorohereza abakenyezi yagiye gushirwa ku rutonde rw’ivyaha bihanwa n’amategeko aha hirya y’ejo mu 2016. 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion