Abamenyeshamakuru baherutse guterwa akamo ko kuguma bahimiriza abantu, ngo ntibadebukirwe mu kurwanya umugera wa Covid-19. Ingingo zo kurwanya ico kiza zarafashwe, kandi Imana yarakinze, ibitigiri vy’abanduye biragabanuka cane. Ariko haracibonekeza ugusamara, canke kwijajara mu myuga imwe imwe, biboneka ko kwandura […]
Amagara
Reka ibinini nkaburamubiri nimba utarwaye, ng’izi imfungurwa zongereza ubugabo
Tumaze imisi tuganira ku vyerekeye ibinini nkaburamubiri. Twasanze n’urwaruka ruvyihereza ku bwinshi mu ntumbero yo kwiyongerera inkomezi mu kurangura imibonano mpuzabitsina. Ariko abatohoji bo kuri kaminuza y’i Havard muri Reta zunze Ubumwe za Amerika basanze ivyo ari bibi, maze berekana […]
Amagara yacu: mu gisata c’uguhanahana abagwayi ni akajagari
Iyo umuntu akitswe n’amagara akaja kwitura muganga, si imisi yose amenya aho yotumbera; ugasanga umurwayi yituye uwo atari kwitura, akanya kakaba karagenda, uno nawe ariko arasinzikara. Yamara umuti w’iyo ngorane urahari; naho nyene utoroshe.
Kwambara agapfukamunwa: ifyeri canke ukwikingira ?
Agapfukamunwa ni kimwe umuntu akoresha mu kwikingira indwara ya Koronavirisi. Yamara kukambara ntibifatwa neza na bose. Hari ababona ko ari ukwishima kw’abasirimwu, ndetse uwukambaye bakamuhunga. Irakoze* aratwiganira ivyamubayeko.
Akabaruwa ku mutambukanyi w’umukuru w’igihugu
Ku wa 7 Myandagaro 2020, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu arategekanya ikoraniro ry’ukuyaga n’urwaruka rwo mu gisagara ca Bujumbura ruri mu buruhuko. Uwu mwanditsi wa Yaga abona ko ikiyayuramutwe Boost ari ikibazo nkoramutima coshirwa ku rutonde rw’ivyo iryo koraniro rizoganirako. Ari ko […]
Isabuni bururu : amayeri y’abadandaza bamwe bamwe
Reta iti: “ Kugira turwanye neza ikiza ca Koronavirisi, reka dushireho umugambi uzimbura isabuni, ngo Abarundi bakarabe na ntaryo”; isabuni Bururu iba igihe kw’isoko, ku giciro kitavuna. Abadandaza nabo bati: “ Ziranyazwe! Inyungu zacu zigiye kuhasigara. Kugira twicungere, tuzoca tugahinyanyura”; […]
Indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka : urwaruka rw’Abarundi ruziziko iki ?
Ba sokuru barayamaze bati : “intamenya irya ishano”. Ubumenyi buke cane mu bijanye n’indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka buranga urwaruka n’imiyabaga mu Burundi ni bwo butuma izo ndwara zibabangamira cane, inganda zigatikira. Turabire hamwe uko vyifashe n’icokorwa.
Umugera w’igitigu w’ubwoko B : abenshi barawugendana batabizi; weho ?
Igenekerezo rya 28 Mukakaro uko umwaka utashe, isi yose irahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe kurwanya indwara y’igitigu yitwa Hépatites mu Gifaransa. Ni indwara ikomeye, kuko ihitana abantu itarinze no kwibonekeza, uwuyirwaye akaguma ayigendagendana. Hano, uwugendana iyi ndwara ya hepatite iterwa n’umugera […]
Isabuni «Bururu»: hari abahombeye aho abandi bungukiye
Mu ntumbero yo gushira mu ngiro akamo katewe n’umukuru w’igihugu mu kurwanya ikiza koronavirisi, Reta ifadikanije n’ishirahamwe UNICEF yaragabanije igiciro c’isabuni nshasha ihingurwa n’ishirahamwe Savonor, «Bururu», ku bice 50 %. Imiriyoni cumi z’isabune «Bururu» zikaba ari zo zizohingurwa, ku kwezi […]