Tumaze imisi tuganira ku vyerekeye ibinini nkaburamubiri. Twasanze n’urwaruka ruvyihereza ku bwinshi mu ntumbero yo kwiyongerera inkomezi mu kurangura imibonano mpuzabitsina. Ariko abatohoji bo kuri kaminuza y’i Havard muri Reta zunze Ubumwe za Amerika basanze ivyo ari bibi, maze berekana ko hari ubwoko bw’imfungurwa zifasha umugabo canke umuhungu kwiyumvamwo ubugabo, atarinze gufata imiti. Tubisanga ku rubuga rwa Au féminin.
Icigwa casohotse mu kinyamakuru citaho ivyo gufungura neza citwa “The American Journal of Clinical Nutrition” kirerekana isano riri hagati y’ibifungura bimwebimwe, n’ugushobora kurangura neza amabanga mpuzabitsina. Abatohoji bo muri kaminuza y’i Havard muri Reta zunze Ubumwe za Amerika, bagize icigwa kidasanzwe, ku bagabo ibihumbi 50, mu kiringo c’imyaka 40.
Abo bantu bagizweko amatohoza, bari bafise urwandiko baza baruzuza uko haheze imyaka ine. Barabatuma n’ibipimo vyerekana uko amagara yabo yifashe. Abo batohoji baratangaye cane kuko vyagaragaye ko bagumanye ubushobozi mu kugira imibonano mpuzabitsina.
Bafashijwe n’ibifungurwa
Mu vyo basanze bifasha, harimwo icayi, amavuta ya « Olive », ivyamwa bitukura, tunguru sumu, amashokora, imboga zimwezimwe, n’ibindi.
Ivyo bifungurwa bahimiriza gufungura, birafasha kugira amaraso atembere neza, ivyo na vyo bikaba bifasha umuntu gushaka kugira imibonano mpuzabitsina. Iruhande y’ivyo bifungurwa, umuntu yononora imitsi kugira ngo agumane ubugabo bwiwe, ata gatotsi. Abo bahinga bavuga ko ivyo vyerekeye abagabo bafise imyaka iri hagati na hagati.
Aho mwumve neza ko, muri ivyo bifungurwa, ama “pizza” atarimwo, co kimwe n’inzoga, mugabo akarahuri k’umuvinyu rimwerimwe karafasha. Ikindi umuntu yoheba, ni amafiriti canke ibindi birimwo amavuta.
Biranafasha umutima gukora neza
Ico umuntu yovuga, ni uko gufungura ivyo twasanze bitegerezwa, bikenewe mbere mu buzima bwa misi yose. Abo bahinga bavuga bati : “Uretse ko izo mfungurwa zifasha abagabo bakuze, zifise n’ico zifasha mu bijanye n’ukuntu umutima ukora. Abafise ingorane z’uko igitsina cabo kitavyuka, bisa n’uko ari imburizi z’ingorane zishingiye kw’ikora ry’umutima kandi bikerekana ko uwo muntu afise ingorane zo kugira indwara z’umutima.”
Abo bahinga barangiza bamenyesha abagore ko, iki ari igihe ciza co kwumva ko bakwiye gukorera abakunzi babo aga “salade” k’ivyamwa.
Hako bikwegera akarambaraye mu kubandanya bihereza ibinini nkaburamubiri kandi bifise ingaruka, urwaruka, eka mbere n’abagabo bakuze, bari bakwiye kwijukira izo mfungurwa zibagirira akamaro.
Turabaramukije,
Mwoshobora kudutiza iminota itarenze ibiri, mukishura kuri utu tubazo twerekeye ivy’imfashanyo mw’iterambere zihabwa Uburundi ? Ivyo mutwishura bizokingirwa, kandi bihejeje gukoreshwa bizoca bifutwa.
https://surveyr.datacoll.nl/uyloczloje
Ivyo bikini jewe sinumva ikintu Na kimwe abantu bavyirukako kuko Na kamaro Na gato bifise kumubiri wumuntu jewe nibaza yuko ufunguye neza urabikora neza utarinze kunywa ivyo binini kandi atabintu vyama stresse ufise bigenda neza gusumba
murakoze caneee
Ugwaruka turakwiye guhinduka tukitaho ibiduteza imbere ndetse bikaduha amagara meza
Très utile
Ico nibaza urwaruka rubikoreshwa nagakuku , Hama abagabo bubatse nabo harigihe ataba ashimisha uwo bubakanye ,muri make turabashimiye kumpanuro mushishikare guhimiriza .
Muvuze imboga zimwe zimwe muba mushatse kuvuga izihe?
Izomboga mwavuze, zigoy kuboneka kuri bamwbamwe, Noé ntabundi buryo bofashishwa nkomugihe bokwitura abaganga?KO bamaze iminsi bacisha kumbuga KO hariho imiti yogufasha abagabo bafise ikibazo cokurangiza ningoga nabafise inzanyi ngufi bobo mwobafasha ik? Bituye abaganga haricobofashwa?
Nimudomeko ubwo bwoko bw’imboga mureke gufatira muri rusangi
Merci beaucoup je trouve ça chouette