article comment count is: 4

Isabuni «Bururu»: hari abahombeye aho abandi bungukiye

Mu ntumbero yo gushira mu ngiro akamo katewe n’umukuru w’igihugu mu kurwanya ikiza koronavirisi, Reta ifadikanije n’ishirahamwe UNICEF yaragabanije igiciro c’isabuni nshasha ihingurwa n’ishirahamwe Savonor, «Bururu», ku bice 50 %. Imiriyoni cumi z’isabune «Bururu» zikaba ari zo zizohingurwa, ku kwezi ku kwezi, n’ishirahamwe Savonor mu kiringo c’amezi atatu. N’ubwo biri uko, abadandaza batobato basanzwe bakora amasabuni vyabashize mu kangaratete. 

Kuva isabuni ‘Bururu’ ishirwa kw’isoko, nta bakiriya nasubiriye kuronka. Bose bahurumbira ako gaharawe, na rirya igurwa make ugereranije n’isabune dusanzwe dukora»; ivyo bivugwa na Richard Nduwayo, akora akongera agacuruza amasabuni mu gisagara ca Gitega.

Eka na Yohani, umushingantahe yubatse, afise abana bane, wo mu ntara ya Bubanza, asanzwe akora akongera agacuruza amasabuni ntiyorohewe. Atwiganira ati: “Nadandaje neza, ku musi nahora ninjiza ibihumbi cumi na bitanu vy’inyungu. Nasumira umuryango bagafungura, bakanezegwa. Ariko kuva aho isabuni ya bururu ishikiye kw’ isoko, ni agahomerabunwa. Ikibabaje ni uko Reta ishigikira ayo mashirahamwe akomakomeye, nayo twebwe bato bato ikatwirengagiza, kandi ari yo yari ikwiye kuduteza imbere.”

Kubwa Maranda Paul asanzwe akorera isabuni i Makamba, “ Kugabanya igiciro c’isabune kuva ku mafaranga amajana atatu gushika ku mafaranga ijana na mirongo itanu, ni umugambi mwiza kugira abenegihugu bose baronke agasabuni bitabagoye. Ariko, natwe abanyamitahe batobato, Reta yari ikwiye gukorana na twe, kugira twisununure. Kukaba nka ko, ni nayo yama ihimiriza abakiri bato kwitunganiriza imirimo ibabeshaho.”

Akarenganyo

Nk’uko abahinga mu vyerekeye ubutunzi babituyagira, mu gufata mu mugongo ishirahamwe risanzwe rikomakomeye nka Savonor, Reta yoba yararenganije abanyamitahe batobato. Pierre Patrik Nzambiyumva, umwe mu basanzwe bakora amasabuni i Gitega wewe akaba yaranitwariye Reta muri Sentare ijejwe ivy’ubudandaji. 

Kelvin Ndihokubwayo, asanzwe ariko aranonosora igisata kijanye n’ivy’ubutunzi,  avuga ko Reta yakoze irushanishwa ry’akarenganyo, ico yise mu rurimi rw’Igifaransa “concurrence déloyale”. Agasigura ati:  “Reta yararenze itegeko rikingira amashirahamwe irushanishwa ry’akarenganyo (concurrence déloyale).” Ariko, n’ubwo biri uko, umushingantahe Ndihokubwayo aragaruka kuri abo banyamitahe mitomito, akibaza vy’ukuri ko umwimbu w’amasabuni w’abo banyamitahe wari gukwira igihugu cose, kandi ukaboneka ku gihe nk’uko Savonor ribishoboye. 

Umuvyeyi ni uwuzuriza abana

Mu ntumbero yo gushigikira no gufata mu mugongo abo bantu biyungunganya mu rudandazwa rw’amasabuni, uwo muhinga abona ko Reta yari ikwiye kubiyumvirako, na bo ntibibagire. Igakora ibishoboka vyose kugira ibarinde kugwa mu ruhombo. N’imiburiburi ikabafasha gushika ku bice 10 %, gutyo na bo bakabukura mu cibo. 

Nta guca hirya no hino ; hamwe ata cokorwa ku barangura uwo mugambi bafise imitahe mitomito, biragaragara ko uruhombo ruzoba runini muri aya mezi atatu. Vyoba vyiza Reta yize ico kibazo, ikaraba inzira kugira abo banyamitahe ntibahagwe. 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (4)

  1. Mwarakoze caane kuvugira abo banyamitahe batobato kuko ni nabo nkingi y’ubutunzi kuko ubundi ni bo basanzwe bashira kw’isoko vya nkenegwa vya misi yose ku giciro kiri hasi. Reta Mvyeyi turayisavye yihweze ico kibazo. Dukomeze kuyishigikira mu migambi myiza

  2. Muvyukuri Reta mvyeyi nkuko tuyitezeko vyishi nirabe uko ibigenza kuko abeshi twamaze kwinjira mumadeni tutazoshobora kuriha bivuye kuruhomba turimwo!