Reta iherutse gutanguza isekeza “Ndakira, sinandura kandi sinanduza” mu ntumbero yo kurwanya ikiza Covid-19. N’aho biri uko, hari inyifato zimwezimwe zibonekeza mu bunywero no mu butambiro butandukanye mu gisagara ca Bujumbura, hakaba hakwiye gufatwa ingingo zibereye. Ahandi ho, amazi ararenga […]
Amagara
Amagara y’abantu – “FBP”: ngo “nta wuhomera iyiyonka ?”
Kuva mu mwaka w’2010, mu Burundi, mu gisata c’amagara y’abantu, harashizweho uburyo bw’ugutanga agashirukabute gafatiye ku bikorwa, iciswe “Prime basée sur les performances” mu rurimi rw’Igifaransa. Uwo mugambi FBP (Financement basé sur la performance) waje gukiza vyinshi, ariko, hari abakozi […]
Umuntu yorwanya gute kumota nabi mu bihimba vy’irondoka ?
Ntawovuga ngo ibihimba vy’irondoka bisanzwe bikangirana. Mugabo, hari aho wumva ubuze amahoro kubera ko ufise akamoto katameze neza mu bihimba vyawe. Ng’izi impanuro zimwezimwe zifasha kukarwanya ; nk’uko tubisanga ku rubuga rw’ikinyamakuru NEON.
Koronavirisi : kwambara agapfukamunwa si ubwishime na gato !
Mu birori bimaze imisi biba hirya no hino, kwirinda kwanduzanya umugera wa Covid-19 usanga bidashemeye. Abantu usanga bicaye begeranye, na twa dutambara two kwikingira ugasanga ni duke kandi n’abatwambara abatari bake batwambara nabi. Aho ni mu gihe abandi babona ko […]
Indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka : ng’uku uko mwozivuganako n’umukunzi
Kuganira ibijanye n’indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka ni ikintu gikomeye cane ku bafashe ingingo yo gukundana. Iyo hari uwumva hari akatameze neza mu magara yiwe, ni vyiza ko abibwira umukunzi wiwe. Muti vyogenda gute ?
Ibinini nkaburamubiri : ingaruka mbi ziraririye urwaruka rubifata
Nta vyigwa birakorwa, mugabo ntihabuze urwaruka rwo mu Burundi rukoresha ibinini nkaburamubiri (viagra). N’aho benshi babigira kugira ngo “bemeze” uwo bariko baragira imibonano, inkurikizi ziragoye kwitura. Reka twisunge ivyo abatohoji b’Abanyamerika berekanye. Tubisanga ku rubuga rw’ikinyamukuru Atlantico.
Koronavirisi : Abarundi twijajaye
Mu Burundi, abarwayi bakize koronavirisi bageze kuri ndwi. Kuva bahawe uruhusha rwo gusohoka ibitaro bakaja mu miryango yabo, abatari bake baciye batangura gufata iyo ndwara nk’iyisanzwe, maze batangura guhororokerwa mu bijanye no kuyikingira. Ingendo itari nziza ishobora kudukwegera akarambaraye.
Kugenyerwa : inyishu ku bibazo bimwebimwe bisangiwe na benshi
Kugenyera (ku gitsina gabo) ni iki ? Vyoba bikinga ko umuntu yandura indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka ? Nta ngaruka bifise ku bijanye n’ubushobozi mu gihe c’amabanga mpuzabitsina ? Muganga Antoine Faix araduha umuco.
Coronavirus – imanza z’ubugeni : zihagarikwe canke zihinyanyurwe
Muri iki gihe hateye ikiza ca Covid-19, birabujijwe ko abantu bakoranako canke begerana cane. Ariko, imanza zibandanya ukuri kwamye. Amakenga ni menshi, uravye ukuntu imanza zitunganywa.