article comment count is: 0

Covid-19 : abakorera mu mazu yo kunonora abantu barijajaye

Abamenyeshamakuru baherutse guterwa akamo ko kuguma bahimiriza abantu, ngo ntibadebukirwe mu kurwanya umugera wa Covid-19. Ingingo zo kurwanya ico kiza zarafashwe, kandi Imana yarakinze, ibitigiri vy’abanduye biragabanuka cane. Ariko haracibonekeza ugusamara, canke kwijajara mu myuga imwe imwe, biboneka ko kwandura vyoroshe kurusha ahandi. Uwu mwanditsi ati: “bakwiye kwiyubara”.

“Reka sha reka ! Uribaza ko nomara umusi wose nambaye kirya kintu (agapfukamunwa NDLR), n’ukuntu kimbuza guhema neza? Nta n’ico nifitiye noneho.” Iyo ni inyishu nahawe n’umukobwa umwe mu bakanda abantu mu bigo vyabigenewe, muri Rohero.

Naciye ndamubaza ko adatinya kwandura Koronavirisi, aca aritwengera nk’uko womengo ayigwiza n’ubusa. Yivugiye ko atayitinya, atayo azorwara kandi ataco izomugira naho yoyirwara, ngo “n’abandi barayikira”. Eka mbere, uretse indobo n’isabuni ngo iri ku rwinjiriro rw’aho bakorera, nta n’umuti wo gukaraba wica imicafu mu minwe bafise. Naciye ntangura kuzirikana ukuntu bakorera ahantu hugaye, kandi mu twumba dutoduto cane, numva barageramiwe cane. 

Uwutambana na mukeba… 

Ivyo bintu vyatumye ngira umwitwarariko cane, ku buryo naciye ngendera aho banonorera abantu henshi. Birumvikana ko ntokwigerezako ngo ninjireyo. Aho ntafise uwunyagira, naca nigira aho bita “sauna”. Nariganirira n’abo ndahasanze, mu ntumbero yo gukebura, kugira ngo ntibandure canke ngo banduze uwo mugera. 

Ku mazu ashika munani natohojeko, nasanze aho abakobwa banonora umuntu babanza kwambara agapfukamunwa ari hatatu gusa. Na ho nyene hari abo bishika bakagakura, iyo uwuje kwikandisha “atabankiye”. 

Ikibabaje cane,  ni ukuntu umengo nta na kimwe binona. Umwe wewe yambariye ko bakiri bato, ata ngorane n’imwe bazogira, ngo yumvise uwo mugera uhitana abasaza canke abafise amagara adashemeye.

Naho biri uko, abantu ngo barasubiye kuza muri bene ayo mazu ku bwinshi. Nya mwigeme ati : “Ubu baraza naho bitameze nka kera kubera ubukene. Koronavirisi mbona twamenyereye kubana na yo ntibibabuza kuza.”

Agapfa kaburiwe…

Baca umugani mu kirundi ngo “Barukwege yugururiye ingwe”. Twaragiriwe ubuntu, kuko ntawovuga ko ari ubuhinga turusha abandi, naho hafashwe ingingo nyinshi kandi nziza cane.

Nimba ubuzima bwarabandanije,  haba mu nkino, amakoraniro, imanza n’ibindi, ni ibakwe ridasanzwe. Ariko nawe nu, kumarana uwanya n’umuntu muhemanirako mu kumba kadashikana imetero zibiri kuri zibiri, bishika akasamura canke agakorora, ukaguma utekanye, ni ugusamara cane. Kandi uwo avuyeho haca haza uwundi, kwanduzanya birashoboka cane.

Hakwiye gufatwa ingingo, ku buryo uwuje kwikandisha be n’uwubimugirira bokwambara agapfukamunwa. Bakongera bagakaraba neza cane. Ntaho kiraja nya kiza nyene.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion