Reta iti: “ Kugira turwanye neza ikiza ca Koronavirisi, reka dushireho umugambi uzimbura isabuni, ngo Abarundi bakarabe na ntaryo”; isabuni Bururu iba igihe kw’isoko, ku giciro kitavuna. Abadandaza nabo bati: “ Ziranyazwe! Inyungu zacu zigiye kuhasigara. Kugira twicungere, tuzoca tugahinyanyura”; inyifato zibangamira isekeza “Ndakira, sinandura kandi sinanduza” ziba ziradutse.
Hano ku rubuga rwa Yaga, twaheruka kubayagira ku nkuru z’abo umuwo w’isabuni “Bururu” utorohereje; aho bamwe bungutse abandi bagahomba. None rero, bamwe mu badandaza n’imiryango imwe imwe baciye bifatira ingendo ishobora kwonona n’uwo mugambi wa Reta. Muti gute ?
Kuva mu ntango z’ukwezi kwa Mukakaro, isabuni « Bururu » yahora yibonekeza ku bwinshi mu masoko, ndetse no mu maduka, yatanguye gukena. Imvo nyamukuru y’iryo kena ikaba ari uko abadandaza bamwebamwe bayitanga ku mafaranga y’umurengera. Nk’akarorero, kw’isoko nkuru ya Gitega, kuva mu ntango y’indwi iheze, ikarato yahora igurwa amafaranga 6 200, ubu igurwa amafaranga 7 200.
Bene kudandaza uko bakabisigura bavuga bati: “Kugira idepo ya Savonor iduhe iyo sabuni, idutegeka kugurana n’ikarato zibiri z’ubundi bwoko bw’isabuni.” Mariko* ni umwe muri abo badandaza; ati : “Izo sabuni badutegeka kugura nta bakiriya bakizigura. Abaziranguye na bo rero baca bahitamwo kuduza igiciro c’isabuni ´Bururu’, kugira ntibahombe.”
Nka ya mazi akena yuzuye impange
“Ubu, ukuronka isabuni ´Bururu` si icoroshe. Tuyironse naho, usanga tuyigura ku mafaranga 200 canke 250, kandi yagurwa 150 gusa.” ; ivyo bivugwa na Mariya*, umwenegihugu aturuka mu ntara ya Muyinga.
Ukuba zitoroshe kuboneka rero, si ukuba zidahari. Ahubwo, biboneka nk’aho hari inama abadandaza bagiye, kugira bashobore gusohora izindi sabune baba basanganywe. Ezekiyeri*, umudandaza w’iduka mu gisagara ca Gitega akadusigurira ati : “Imbere y’uko isabuni bururu iza kw’isoko, nari naranguye ikarato zibiri z’isabuni zera za savonor hamwe n’imwe y’izirabura. Ariko, kuva aho isabuni ´Bururu` iziye, nta n’umwe yasubiriye kuzigura. Hako mpomba, nahisemwo kunyegeza isabuni ´Bururu`; abakiriya baje nkababwira ko atayihari, ntihabura n’abagenda banshoreye ku za kera.”
Nta wutekera amazi mu rukangaka
None, tuvuge ko ari uwo umugambi “Ndakira, sinandura kandi sinanduza” woba utizwe neza imbere yo gushirwa mu ngiro? Canke ni abantu bamwe bamwe bitaho inyungu zabo kurusha iz’Abarundi bose?
Ico bikoze, ingendo nk’izi zirababaje cane, kuko ibi bigira ingaruka mbi ku rugamba rwo kurwanya ikiza koronavirisi. Aho kurwana no gukingira amagara y’abantu, abadandaza bakingira inyungu zabo gusa.
Abarundi turakwiye guhinduka mu vyiyumviro no mu ngendo. Ba sokuru barayamaze bati: “Amagara aruta amajana.” Twari dukwiye gutahura ubwambere ko isabuni « Bururu » yakorewe kurwanya ikiza koronavirisi, kandi ko intererano ya buri wese iri ngombwa.
Mu magurumasha rero, abajejwe gukingira ibiciro ku masoko bari bakwiye gushiramwo inguvu mu gufatira ingingo uwo wese anyegeza canke akarenza amafaranga ijana na mirongo itanu yagenewe kugura iyo sabuni; uwubirenze agahanwa. Gutyo, umugambi “Ndakira, sinandura kandi sinanduza” ntuzosange waburijwemwo n’abashira imbere inyungu zabo kurusha iza twese hamwe.
* : yahinduwe izina
Emwe ubund abadandaz ni bamw ni beshi bakubwira ko atazihar kand zihari kuk ntiwohomba ubona bazoba barazidandaz ninyuma ya corona