Indwara ya Kanseri yo mu bwinjiriro bw’igitereko iragisibije kw’isi yose, n’Uburundi budasigaye inyuma. Naho biri uko, irafise urucanco ruhabwa abagabo n’abagore, mbere n’abakobwa n’abahungu, kandi iravugwa igakira.
Kanseri y’ubwinjiriro bw’igitereko ni indwara ubwayo ifatiye ku gitsina. Ibiharuro vyashizwe ahabona n’ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi OMS mu 2018 vyerekanye ko abakenyezi bagera ku bihumbi 570 ari bo batoweko iyo ndwara, mu gihe abashika ibihumbi 311 bapfuye bivuye ku bisanira vy’iyo ndwara. Ibice 90 kw’ijana vy’abahitanwa n’iyo ndwara bakaba bava mu bihugu bikenye gusumvya ibindi kw’isi.
Mu Burundi, iyo kanseri ni yo ya mbere ifata abakenyezi mu ma kanseri, dufatiye ku biharuro vyasohowe mu 2018 n’ikigo kiraba ivya kanseri kw’isi GlobalCan.
Ibibazo ku bindi
Ariko rero, ivyo biharuro vy’abahitanwa n’iyo ndwara ngo vyoshobora kugabanuka mu gihe abigeme n’abapfasoni bose boronswa uburyo bwo kwipimisha. Yamara “abakenyezi ahenshi, bivuye ku buryo buke n’aho bavukiye, ntibashobora kuronka ivyo bipimo”. Ivyigwa bikaba vyerekanye ko “abakenyezi batize, bakuze, batagira ivy’ugutegekanya kazoza, abatagira aho baba canke abakenyezi bafise ubuvyibuhe bw’umurengera n’abandi, bagenda gake kwipimisha”.
Ivyo ni mu gihe ingingo ya 12 y’itegeko mpuzamakungu ryerekeye uburenganzira mu vy’imico n’imibano hamwe n’ubutunzi, ryateweko umukono n’ibihugu 169 Uburundi burimwo, ryemerera “umuntu wese kugira amagara meza yose ashobora gushikako.” Ubwo burenganzira burimwo amagara n’ukumererwa neza kw’umukenyezi, harimwo ibijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza. Ikigaragara ariko, ni uko “ubwo burengazira butagaragara mu bihugu vyinshi”.
Indwara ikingwa
Kanseri y’ubwinjiriro bw’igitereko ni indwara ishobora gukingwa kandi ikanakira. Vyose bica ahanini mw’ikingwa (urucanco) ry’umugera “HPV” uyitera biciye mu mibonano mpuzabitsina, kwipimisha hakiri kare ari vyo bifasha ko umuntu amenya kare ko arwaye iyo bishitse. Aha ico kumenya ni uko atari abigeme bonyene boronswa urucanco. N’abahungu bakwiye gukingirwa kugira ntibaze banduze abigeme.
Ivyo vyose bizoshoboka ari uko abajejwe amagara y’abantu, kuva hejuru gushika ku rwego rw’umutumba babishizemwo inguvu, mbere bagakorana n’abajejwe guharanira agateka ka zina muntu muri rusangi, n’akabakenyezi badasigaye inyuma. Ni muri iyo nzira bishoboka ko abahitanwa n’iyo ndwara bagabanuka, ubundi ishobora gukingwa ikanakira.
Mu Burundi, haratanguye umugambi nk’uyo wo gukinga umugera wa “HPV”, ariko w’igerageza, mu 2016, mu ntara za Ngozi na Rumonge. Mu nyuma ivyo kwipimisha no kuvura udukomere tuba imburizi za kanseri (lésions précancereuses mu gifaransa) vyaragizwe mu 2018, mu ntara za Bururi, Rumonge, Kayanza na Muyinga aho vyabonetse ko ibice 3,67 kw’ijana basanze bafise udukomere tuba imburizi za kanseri, bikaboneka ko hakenewe ko iryo sekeza ryokwizwa hose mu gihugu, ku neza y’abigeme n’igihugu.