article comment count is: 0

Ngozi: ya nyonko y’ibitungwa yatanguye kugira ingaruka

Intara ya Ngozi, imwe mu ntara zatanguye kuvugwamwo indwara bita “Fièvre de la vallée du Rift” mu Gifaransa iratanguye kubona ingaruka zayo. Abarimyi-borozi ntibagira ayo bacira n’ayo bamira, ababangamiwe akaba ari abahora bafashwa n’umugambi PRODEFI wabahaye ibitungwa ubu ataco biriko birabamarira. 

Muri iyo ntara hamaze gufatwa inka zingana na 383.  Izimaze gupfa zikaba zigera ku 203 gushika kw’igenekerezo rya 22 Ruheshi 2022.  Aho ni mu gihe mu kiringo c’amezi abiri iyo ndwara imaze yibonekeje mu gihugu, inka zababa 500 zimaze gufatwa. 

Kuva itanguye kurandagata, hahavuye hafatwa ingingo yo kubuza uruja n’uruza rw’ibitungwa mu ntara zitandukanye, ndetse n’ibagwa ry’ibitungwa nk’inka n’ihene rikaba ryarahagaritswe. 

Ingaruka ziti twatanzwe

Muri iyo ntara ya Ngozi, hari umugambi PRODEFI wariko urarangurirwaho wasozerewe mu mpera y’umwaka w’2021. Wari ugamije guteza imbere ibisata vy’uburimyi n’ubworozi mu ntara zitandukanye n’iya Ngozi irimwo. Muri uwo mugambi, hari inka zahabwa abanyagihugu kugira baronke amikoro mu miryango. Izo nka zabafasha mu tutari duke, ntiwabideha. 

Ariko kuva aho iyo ndwara itereye, abo barimyi-borozi ntibakigira ayo bacira n’ayo bamira, ubwanwa bukaba bwarapfutse umunwa. Kumwe n’abandi borozi, ubu ntibagishobora kwikenuza ivyo bitungwa, n’iyo gipfuye ntibapfuza kuko bategerezwa kugihamba mu ntumbero yo kwikingira. 

Ubu rero imirindi y’ubukene bwariko burwanywa n’uwo mugambi, iratanguye kwumvikana mu mihingo imwe imwe y’iyo ntara nk’uko abo banyagihugu babivuga. 

Amananiza

Inka zari zatanzwe n’uwo mugambi bagenda barazihanahana (bokoreranira) ico bari bise “chaîne de solidarité”. Hari abatari bwashikirwe. Abari barashikiriwe muri urwo runani, barindiriye kwokorera abandi nabo nyene bari mu kangaratete co kimwe n’abo zari zimaze kwegukira. Abo banyagihugu bakibaza nimba Reta y’Uburundi ibicishije mu bushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi izobashumbusha. 

Hari n’abandi bibaza ikigiye kubandanya mu gihe bahora bikora kuri ivyo bitungwa mu bijanye no kuronka umwavu w’ikirundi. Bamwe mu borozi twashoboye kuganira bagira bati : “Turasaba Reta kurondera urucanco rukinga iyo ndwara canke naho umuti uvura ivyo bitungwa nka kurya iyo hadutse ibiza   bihutira kubikinga”.

Hari abanyagihugu bari bitabiriye akamo batewe n’indongozi ko kworora. Ariko ibibaye ntawutabibona. Mu ntumbero yo kuguma dufatanye mu mugongo turwaniriza ubukene hamwe,   Reta yari ikwiye kwiga inzira zose zoshoboka kugira abo borozi bagarukirwe, iyo ndwara ituzwe, abantu basubire babeho ukuri kwamye, bitaratariza na rirya vyari vyagaragaye ko umuntu ashobora kubaho atazera inze.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion