Abantu benshi bihereza inzoga zambiye biyumvira ko ata sukari irimwo. Ni naho bakunze gutera ubwoba abanywa amafanta bababwira ko amagara yabo ashobora kubangamirwa kubera ifanta irimwo isukari. Ukwo kukaba ari ukwihenda cane nk’uko uyu mwanditsi abiducira ku mayange mu ntahe yiwe.
Kuva mu 2006, narahevye kwihereza urukanywa kubera ndavyishakiye. Ni ukuri ico gihe nihereza akayeri, ico gihe twacita Rufuku kandi kantemba neza. Kuva ico gihe, nyotewe nihereza ifanta, canke ikindi kinyobwa kitambiwe.
Ariko abagenzi twahora dusangira Rufuku ntibanyorohereza. Uko twicaye dusangira, bama bambwira ko vuba nzorwara indwara y’igisukari kubera ifanta irimwo isukari nyinshi. Babwira bati : “Wa muhungu we, ihereze akayoga gahiye, izo fanta zizokurwaza indwara y’isukari.”
Aho hose nari nzi ko mu kiyeri ata sukari irimwo.
Nasanze ari ikinyoma
Inyuma y’imyaka cumi n’itandatu, mu ndwi iheze, ndiko ndihereza ifanta, abagenzi basubira kugarukana ca ciyumviro cabo. Aho ho bambwira bati : “Imyaka iriko irakujana, ugeze mu myaka 40. Heba ivyo bisukari, diyabete izokwica”.
Ubona ko ubu agahinyuza ari ubushakashatsi, naciye nibuka ko hari ahantu nasomye ko ruriye ab’amafanta rutibagiye ab’akayeri. Niko kugenda ku rubuga ngurakanabunyi rwa Brarudi, ishirahamwe rizobereye mu guhingura ibinyobwa mu Burundi. Ndondera kumenya ko mw’icupa ry’ikiyeri, canke ca Amstel, inzoga zose zambiye, ata sukari irimwo. Nahereye ku kiyeri kingana na santiritiro 72 ari co Rufuku nahora nihereza ca gihe.
Ndajijuka
Nkubitiye kuri urwo rubuga, nasanze mu bigize inzoga zambiye, harimwo isukari mbere atari nke. Umvirize namwe. Muri miriritiro 100 (100 ml) z’ikiyeri harimwo igarama imwe irenga gato(1,5 g). Ni ukuvuga ko muri santiritiro 72, harimwo amagarama 10 arenga gato. Aho ni mu gihe mw’ifanta nasanze harimwo amagarama 33.
Mu cigwa cakozwe mu mwaka 2014, cerekana isukari iri mu nzoga umunani, ikiyeri kirimwo. Nkuko bimenyeshwa n’umuhinga yakoze ico kigwa, ico gihe, ikiyeri carimwo isukari. Mu masantiritiro 100 harimwo isukari ingana n’amagarama abiri n’igice.
Ico nabonye kugeza ubu, ni uko ata wokwibaza ko acuna kuko afata iki canke kiriya. Igikwiriye ni ukwikingira, tugakurikiza impanuro zibereye kugira umuntu agire amagara meza. Tukirinda no kunywa birenze urugero, haba iziboreza canke izitaboreza, ata kwijajara.