article comment count is: 0

“Agasibe kavurwa n’irindi rengwe”: banguha !

Vyama vyashitse umuntu akihereza “kamoya”, maze mu gatondo akazinduka umutwe wacitse urujo, mu kanwa humye n’utuguvu twagiye. Muri ico gihe, bakunze kuvuga ko ahubwo uca usukayo irindi kugira ukire. Uko kukaba ari ukwihenda cane nk’uko ubushakashatsi bwavyerekanye. 

Haraciye imisi itari mike, nahisemwo kuja gusangira agacupa n’abagenzi muri “week-end”. Ni uko turashitse mu kirabo. Irya mbere turasutseyo. Irya kabiri duturako, irya gatatu ng’iryo, irya kane ryoryo ntitwamenye n’iyo rivuye. Aho hose akaziki ari bum bum. Agakuru ku kandi, ni uko tuba tugeze mury’indwi. 

Nk’uyu mwanya, umwe mu bagenzi banje numva arinamuye ati : “Twunguruze bahungu, hano hantu hatanguye kubiha !” Nagira turihevye turatashe, naho shwi. Ng’abo abana ba Barundi barafashe inzira no mu kirabo ca kabiri ngo ba !

“Gutwika” no “kubongoka”

Turashika dusanga hoho haryoshe kubi. Abari bahari bari “batwitse” mugani wa wawundi. Niko kuhashika natwe “tugatwika” mu bandi, nk’abahiganwa. Ayo twafashe aho sinibuka n’uko angana. 

Ni uko ntangura kwibagira iyo ndi. Ubwenge burazima. Uko navuye muri ico kirabo n’uko nashitse ku muhana, sindanavyibuka. Nagiye kumenya ko bamfatiye itagisi. Nari “nabongotse” nacitse iveve nya veve. 

Nikanguye nk’isaha zitanu zo mu gatondo.  Umutwe wari wamenetse cane, mu kanwa humye, ijwi ryasaraye utoraba. Agasibe kansivye umutima !

“Fata kamwe”, koko ?

Niko guhitamwo rero kurondera uko nivura. Abamaze gufata utuyoga barazi ko agasibe kababaza cane. Niko gusimbira kuri terefone, nandikira umwe muri ba bagenzi banje ndamubajije uko nokwivura ngo ndabe ko nokworoherwa. Niko kumbwira ati : “Ivyo ni ibisanzwe. Fata kamwe birahera !” 

Ariko, iyo nyishu yampaye, intera amakenga. Ni gute ikintu cangize uko meze ubu, comvura ? Ndatoye terefone n’ubundi, ubona ko vyose ubu tubisanga kuri intereneti. Nca ntangura kuraba ko hoho nshobora kuronka inyishu y’ukuri.

Ukutamenya

Ndiko ndazunguruka ku mbuga zitandukanye ndaba aho nokura umuco, niko kugwa ku gisomwa kiri ku kinyamakuru co mu Bufaransa citwa « Le Figaro ». Umuganga Philippe Batel akaba abitera ivyatsi. Agira ati : “Kugira umuntu akure ‘’ alcool’’ mu mubiri iyo yanyoye ibirahuri bitatu ku mugabo na bibiri ku mugore, bimutwara isaha imwe irenga kugira imuvemwo. Hako mufata izindi nzoga, mwopfuma munywa amazi”.

N’icigwa cakozwe n’abahinga mu bijanye n’amagara y’abantu casohowe mu kinyamakuru British Medical Journal c’Abongereza, cemeza neza ko  ivyo umuntu yofata vyose kugira yivure agasibe ataco mvyofasha. 

Mu bisanzwe, inzira nziza yo kugabanya agasibe kwoba ukugabanya irengwe, bishobotse umuntu akanariheba. Vyashitse naho, aho kwongera umuriro mu wundi, umuntu yoreka bikijana. 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion