“Sinubahuka kwiraba mu cirore”, “Mfise izuru ribi”, “Abantu bahava bavuga ko ndi mubi”… Ivyo ni bimwe muri vyinshi cane abantu benshi, na canecane imiyabaga, bama bibwira. Ku batari bake, vyabaye nk’indwara kandi ikomeye, n’aho umuti wayo wari woroshe kuronka. Muti […]
Amagara
« Nagwanye na kansera yo mw’ibere kuva mfise imyaka cumi n’itanu »
Turi mu kwezi kwa Gitugutu. Isi yose yaguhariye kugwanya Kanseri yo mw’ibere. Abantu benshi barakunze kwibaza, ndetse bakemeza ko indwara ya kansera ifata abakenyezi bamaze kwonsa gusa. Ihibambewe! Iyi ntahe ya Claudine, umwigeme w’imyaka mirongo ibiri amaze imyaka itanu agendana […]
Ubutinyanka : buri murundikazi atanga imiriyoni zirenga zitanu mu buzima bwiwe
Mu Burundi, ikiguzi c’ivyo umukenyezi ari mu bihe akenera, nta wucitaho. None, mu buzima bwiwe bwose, umurundikazi yoba akoresha amafaranga angana gute kubera ubutinyanka ? Tubirabire hamwe.
« Nafashwe ku nguvu kabiri mu mwaka umwe, birananira kubivuga »
Wumvise iyi nkuru, wogira ngo ni za reresi z’Abahindi. Benita (izina ryahinduwe) yafashwe ku nguvu incuro zibiri zose, mu mwaka umwe. Ku bw’ugutinya igitsure c’umuryango n’uruvugo rw’ikibano, ntiyigeze abishira ahabona. Benita aratwiganira.
« Ubutabazi bwihuse » : twobutanze tworetse, hari agahaze
Haraciye 15 imisi isi ihimbaje umusi mpuzamakungu wahariwe ubutabazi bwihuse. Ni umwanya mwiza w’uko, mu Burundi, twozirikana ingene abantu benshi bakenye inyigisho mu bijanye n’ubutabazi. Yamara n’ababizi, kubera ingorane bagira iyo bafashije umuntu, bahitamwo kurorera mu bandi. Igishingantahe.
Kutitaho umurwayi : indwara ibangamiye abaganga bamwe bamwe
Kuryagagura abarwayi, kwikwega mu kubakira, maze bakirirwa batonze kandi baremvye, canke nyene kubahererekana batabavuye. Ivyo ni bimwe mu vyo Yakobo* yaneguye amavuriro amwe amwe ya Reta ari mu gisagara ca Bujumbura. Aratwiganira ido n’ido uko vyamugendeye.
“Kwiyambiza”: bigezweho, yamara…
Mu bisagara bitandukanye, eka mbere no hagati mu gihugu, abigeme n’abakenyezi baraharaye guhindura ibara ry’urukoba. Uwahorana ubwirabure nka Nanda agasigara ari inzobe nk’umuhondo, mu kanya gato. Ariko rero, si kwa gusa.
Burundi : inkingi zitatu twozibiriramwo ikiza Ebola
Reta y’Uburundi, ifashijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS) iriko iragerageza kuzitira ngo ikiza Ebola nticinjire mu gihugu cacu. Yamara, ibimaze gukorwa ntibihagije. Ng’izi inkingi zitatu dukeneye gushiramwo inguvu.
Amacupa akoze mu mashonge: abitse ubumara, soko ry’indwara zidakira
Amacupa akozwe mu mushonge (“plastique” mu Gifaransa) yagenewe gukoreshwa rimwe gusa. Ariko mu Burundi, akoreshwa incuro zirenga imwe, ata camira. Ivyo navyo bikaba bifise ingaruka mbi nyinshi ku magara. Turabayagira kuri zimwe zimwe.