Société article comment count is: 2

Uno mwana w’umutwa ati: « Ndafise indoto »

Ahatari hake, abantu bo mu bwoko bw’Abatwa babayeho nabi, hamwe ugasanga ikibano kirabakengera, kikanabaturubika. Ivyo birasesereza ku mitima y’abana bavukira mu miryango ibayeho uko. Uno mwana Mukeshimana, wo ku mutumba Musumba muri komine Gashikanwa y’intara ya Ngozi, aratwiganira ubuzima abayemwo.