Mu nkingi zikomeza urugo, amabanga y’abubatse aza imbere. Bishitse umuntu akubakana n’uwufise ingorane zo kugira imibonano mpuzabitsina, ni amagorwa atagira izina. Muribuka ka karirimbo ngo: “ Sinazanywe n’ibigori, n’iwacu nasize vyeze, nazanywe n’ibigoye”. Ng’iyi intahe y’uwo vyashikiye.
Aline Mugisha
Uno mwana w’umutwa ati: « Ndafise indoto »
Ahatari hake, abantu bo mu bwoko bw’Abatwa babayeho nabi, hamwe ugasanga ikibano kirabakengera, kikanabaturubika. Ivyo birasesereza ku mitima y’abana bavukira mu miryango ibayeho uko. Uno mwana Mukeshimana, wo ku mutumba Musumba muri komine Gashikanwa y’intara ya Ngozi, aratwiganira ubuzima abayemwo.
Ibitaro bikuru vya Ngozi: batondera imiti nk’abarondera isakaramentu!
Imyaka irarenze ibiri, ku bitaro bikuru vy’ i Ngozi, hafashwe ingingo y’uko umurwaza canke umurwayi ari bo bonyene bategerezwa kuja kwitorera umuti aho usanzwe udandarizwa, aho babanza kuwubarura. Bamwe mu barwaza bakidoga bati: « Iyo ngingo yaje kwica ico yari […]
Uwa 8 Ntwarante : « Mbe abagore banganye n’abagabo hari uwosubira kubakira ? »
Iyo bavuze uburinganire canke ukungana hagati y’umugabo n’umugore bisigura iki? Abanyagihugu bo mu gisagara ca Ngozi ntibatahura bimwe na gatoya. Ng’izi inyishu bahaye umumenyeshamakuru Aline Mugisha.