Mu Burundi, ugukora, ukudandaza ndetse n’ukunywa inzoga zambiye nta mategeko atomoye abigenga arashirwaho. Kandi, biragaragara ko urudandazwa rw’akabare rusa n’uko ari wo mugambi w’ukwiteza imbere ubangukira abatari bake ; kugeza n’aho mu bitaro vyitwa ivya Reta usangayo akabare.
Ni muri bimwe mu bitaro vya Reta biri hano mu gisagara ca Bujumbura. Ivyo bitaro bisanzwe biri ku rwego rw’igihugu, dufatiye kuri za ngero baha ibitaro bivanye n’agaciro k’ubuvuzi bitanga. Ikindi kidasanzwe, ivyo bitaro ni bimwe mu bisanzwe bitangirwamwo inyigisho ku banyeshure biga kuvura.
Muri ivyo bitaro, haraciye imyaka myinshi mbona hariyo akabare gakora ukuri kwamye. Abanyeshure biga ivy’ubuganga, bo bakunda kunywera muri ico kirabo, cane cane iyo baraye kw’izamu, bakita « Pharmacie de garde » (igifaransa), bisigura « idandarizo ry’imiti ku bakora ijoro ».
Naho biboneka nk’aho ata ngorane biteye, agahaze ko ntikabuze.
Umugwayi ni we ahasigara
Nsanzwe nkurikirana izo nyigisho zo kuvura. Ejo bundi, nicishije mu bitaro mu masaha y’umugoroba, ngo ndabe abagwayi nsanzwe nkurikirana uko bamerewe. Hagat’aho, mpitamwo no guca mu gisata ca bamwe bakeneye ubufasha bwihutirwa (« service des urgences » mu gifaransa). Ngize ndinjiyeyo, nasanze hari abagwayi babiri : umwe yahejeje kuriha amafaranga ngo bamufatire amaraso, hama bamupime malariya, uwundi asinzikajwe n’ingwara y’igitigu, bakaba bariko baramuvoma amazi yo mu nda, bimwe bita urusina.
Icantangaje, nta muganga n’umwe nigeze mbona muri ako karere. Ngize ngo ndabajije uwo mugwayi ashaka ko bamufata amaraso iyo abaganga bari, yambwiye ati : « Basohotse mu kanya gaheze, bambwiye ngo ndindire baraje. » Ngo ngire ndaraba umwe bariko bavoma amazi mu nda, nsanga urugero rw’ayo bategerezwa kuvoma ruza rumaze gukwira, ariko ata muganga ari hafi kugira ace ahagarika ibikoresho bakoresha ico gikorwa.
Niyumviriye gatoya, sinzi ukuntu nasubiye hanze, mpura n’umunyezamu w’aho mu bitaro, ni we nabajije, araheza ambwira ko abaganga ahejeje kubabona muri « pharmacie de garde » ; nca nja kubahamagara, nsanga icupa ryambere barigejeje hagati.
Uwakosheje ni nde ?
Ubwo bunywero bwahavuye buhabwa n’akazina kajanye n’imvugo y’abaganga, bumaze imyaka itari mike muri ivyo bitaro. Ico bikoze, bene ubunywero basanzwe baba mu mazu y’ibitaro n’imiryango yabo, ariko si abaganga. Mbere nta tegeko na rimwe ribabuza kudandariza inzoga mu rupangu rw’ibitaro rihari.
Yamara rero, naho nyene ata matohoza arakorwa ngo yerekane nimba hari abagwayi boba bamaze kuhasiga ubuzima kubera umuganga yategerezwa kubakurikirana yagiye kwihereza inyobwa canke yarusomye rukamushika, hama bikamutera gukora nabi, nta wobura kwibaza ko ivyo bishoboka cane.
Yaba bene urudandazwa, yaba abo bene kubashorera, abarongoye ibitaro canke ababatwara nabo nyene, bose birabaraba. Ni ibiterasoni ko mu kibanza cagenewe kuroranya amagara y’umuntu usanga hadandarizwamwo ivyitwa ko vyoyasinzikaza.
Birababaje,bamw bararos ubuzi ark ababukeney bunabwitaho barabubuze nihatli
Ivyo wemeje ngaha ntibigira ishingiro namba! Kuko wagirije abaganga b’ibitaro ko banywa inzoga mu mwanya w’akazi ivyo navyo sivyo!
Hanyuma wewe tu ne peux pas établir une relation de cause à effet hagati y’inzoga n’ukutavugwa neza. Kwagiriza ibitaro witwa ko ukoreramwo nk’uku ku ma réseaux sociaux biteye isoni! N’aho ukiri umunyeshure nturi umwana,urazi ko le linge sale se lave en famille. Niwaba warabonye uwusomye inzoga ntuce uvuga ko birya bitaro bivuramwo imborerwa,kuko siwe ubitondamwo wenyene n’abandi turahazi!
Aho ubona nturi muto niwaba utari gito! Uragenda usome l’éthique, déontologie médicale &Serment de Génève uzobanze umenye comment faire des accusations erronnées sur un sujet sensible comme celui-là peut être lourd de conséquences..Merci
wotubwira ibiri muriyo serment de Geneve ga Nyakwubahwa Guillaume kumenga ivyo nasomye ubwambere umuganga mushasha ararahira yemeza amagara y’umurwayi aza ubwambere,Hippocrate ivyo yavuze ngira nuko yabivuze mugifaransa mbega uwo mwanya wokuja kubakuruguturira inyuma mukigo nkuko wabivuze ngo »le linge sale se lave en famille »ugira mweho murimicuko mugukebura barinda gushishitira?
Iyo article yawe nayishimye.icantangaje nukwumva KO hari abavuzi banywa kumasaha yakazi !!!! mbabajwe nabarwarira aho hantu
Birababaje cane ko abajejwe amagara y’abantu bakora amakosa nkayo mugabo kandi uko tuvyumva bashobora kuba bariko baracira inzira izo ngwara nyene bavura kandi babizi. Mugabo bisubiye uwuvyiyumviriye neza ikosa ahanini rihagaze kuwureka ibitaro n’akabare bikabana uko. Ko musanzwe muhakorera murandikira uwujejwe ibitaro n’abandi muvyumva kumwe. Nibaza ntamisi yohera katugawe canke kakunguruzwa. Mwakoze kandi kuba mwagize ubutwari bwo kwandika.