Aha mu Burundi, ukuyagira ahabona ibijanye n’ubutinyanka, womengo ni ugushira isoni, bisaba kwiherera, nahone ukavuga urushi ruri ku munwa. Yamara abigeme bacu babiboneramwo amakuba adasanzwe. Ndorukwigira Franck Arnaud arabituyagira.
Amagara
Ikena ry’imiti mu bitaro vya leta: uw’amikoro make arahagwa
Hirya no hino mu Burundi, wumvirije imyidogo iri mu benegihugu bavuye kwivuza mu bitaro vya leta, uca wumva ko amagara yabo abangamiwe cane. Kandi ivyo bikagira ico biturukako. Ndorukwigira Franck Arnaud arabituyagira muri make.
Burundi: ng’uku uko wofasha umuntu agwaye intandara
Igenekerezo rya 12 Ruhuhuma buri mwaka, amakungu arahimbaza umusi wahariwe kugwanya indwara y’intandara. Mu Burundi, iyo umuntu afashwe n’iyo ngwara, bamujana kwa rumenyi canke mu masengesho. Nininahazwe Bella Lucia ati: “si uko bategerezwa kuvyifatamwo”.
Ikirimi, ikirato: ingwara zikarira abana zikazazanira abavyeyi
Ikirimi canke ikirato ni ingwara zikunze gufata abana. Abarundi batari bake rero, na cane cane abataba mu bisagara, izo ngwara bazivuriza mu kirundi, maze ivyo bigakwega akarambaraye. Umunyeshure yimenyereza mu vy’ubuvuzi Migabo Jean Marie Blaise aratuvunira akagohe.
Gitega : « kuja mu bitaro utagira ingwati, ushobora gupfira mu maso y’abaganga »
Umukenyezi Spès Nzeyimana yavuye i muhira aja gusumira umuryango, hama ahura n’isanganya rikomeye, bituma aja ku bitaro vy’i Gitega. Yamara ukubura amahera y’ingwati vyaramukwegeye. Félix ndereyimana aratwiganira ido n’ido ry’amakuba uwo muvyeyi yagize.
« Ukuvuza abavukana ubumuga » : twese biraturaba
Turakunze kubona abantu birigwa barayererana abana bafise ubumuga kuri za ntebe zifise amapine, ahandi ugasanga babarambitse ku mpande z’ibarabara, mu ntumbero yo gusega. Nizigiyimana Vinciane ati « ivyo bituruka ku kutitaho abo bana kuva bakivuka », akerekana uruhara rw’umwumwe wese mu ntumbero […]
Ukuyonga, canke ukuzirika imbanyi, vyoba bibaho ?
Naho nyene bamwe bamwe mu nararibonye bemeza ko “kuzirika imbanyi canke kuyiyonza” bibaho, biragoye kubitahura ku muntu yaciye ku ntebe y’ishure, akiga ivy’ubuhinga n’ubumenyi vyigisha. Nikiza Egide yarayaze na bamwe bamwe mu Barundi bato bato.
Ngo « akazi ka leta kica uwicaye » ? Ntirikabe ku magara yacu!
Ukuzezwa amagara y’abantu ni iteka ntangere. Iryo naryo umuntu ariterwa n’Imana, hamwe n’igihugu kiba camwizeye. Ico gikorwa kandi ni ibanga ribangirwa ingata kuko ucitwayemwo nabi ushobora kwica abo wokijije. Ariko, abitwara nabi ntibabuze. Vensiyana Nizigiyimana aratuyagira ivyo yiboneye.
Ingaruka mbi z’ukuvyara benshi mu muryango
Mu Burundi bw’aho hambere, eka n’ubu nyene kuri bamwe bamwe, umwana yaboneka nk’itunga ritagereranywa. Kuvyara benshi kari agateka ku bavyeyi, eka no ku muryango wose. Ariko rero ubu, ivyari magera vyarageruye. Umwana asigaye ameze nk’umutwaro kuri benshi kuko ategerezwa kwitwararikwa, […]