Abantu batari bake baribaza ko kunywa canke gufungura ibintu bisosa canke birimwo isukari nyinshi bituma umuntu afatwa n’ingwara y’igisukari. Spageon Ngabo, umunyeshure mu gisata c’ubuvuzi, muri Kaminuza y’Uburundi, aragerageza kudusigurira ko atari uko bimeze.
Mu kibano, ni kenshi nama numvise abavyeyi babuza abana canke mbere n’abantu bakuze babwirana hagati ya bo ngo « reka kuba unywa isukari nyinshi canke amafanta menshi, bizogutera ingwara y’igisukari». Abo babivuga rero biribonekeza ko ko babitahura uko nyene maze bakabifata nk’ukuri. Nk’umunyeshure mu gisata c’ubuvuzi, ndamaze gutahura ibitari bike mu vyerekeye imvo n’imvano z’iyo ngwara y’igisukari.
Ukuri ni ukuhe ?
Biratandukanye cane n’ivyo abo bantu besnhi bapfa kwiyumvira. Ingwara y’igisukari ntiterwa n’ugufungura canke kunywa ibirimwo isukari nyinshi. Mu nkomoko zayo, iyo umuntu atayikuye ku muryango wiwe, ni ukuvuga ko mu muryango iwe wa hafi haba harimwo uwigeze kuba agwaye iyo ngwara y’igisukari, ishobora kwanduruka ku bituma bimwe bimwe bijanye n’ukugene umubiri w’uwo muntu witunganije. Niho rero baheza bakavuga ko iri ubwoko bubiri. Ico bikoze, ubwo bwoko bwose bw’iyo ngwara buhuriye ku kintu kimwe : umubiri uba watakaje ubushobozi bwo guhingura isukari itembera mu maraso, maze urugero rw’iyo sukari rukabandanya kwiyongera mu maraso y’uwugwaye. Ivyo navyo bikaba atari vyiza, bishobora kuvamwo inkurikizi mbi cane ku magara ya nyene kugwara.
Iyo rero umuntu kanaka bimushikiye akanywa isukari nyinshi canke agafungura ibindi bintu bisosa vyinshi, ntibituma aca afatwa n’iyo ngwara y’igisukari. Kuko iyo sukari nyinshi aba yihereje, umubiri uraheza ukamenya ingene uyihingura maze ntishoke itera ingorane.
Ivyo umuntu yokwiyubara
Naho biri uko rero, hari inyifato zimwe zimwe zijanye n’uburyo abantu bafungura muri rusangi, zikaba ari zo zishobora kwandurukamwo igisukari. Nk’akarorero, umuntu akunda kuguma ariko arafungura utuntu dutoduto nk’imbombo z’umwanya wose, canke abantu baguma bafungura utu na turiya hagati y’amasaha amenyerewe y’ugufungura, ni ukuvuga mu gitondo, ku murango no mw’ijoro, ivyo bituma abo bantu bavyibuha ku rugero rurenze. Gutyo rero bikabashira mu mugwi w’abantu bashobora gufatwa n’ingwara y’igisukari umwanya uw’ari wo wose.
Uko niko rero ibintu bimeze. Ko umuntu yofata ingunga imwe akihereza isukari canke ibinyobwa bisosa vyinshi ngo ubwo nyene vyomuviramwo igisukari, si vyo. Ahubwo mbere, nimba hari ugutanga inkebuzo, kwoba uguhanura abantu ko bakwiye kugira ingendo nziza mu buryo bafungura. Iyo batubahirije amabwirizwa amwe amwe yo gufungura, bituma umuntu bashobora kugwara iyo ngwara y’igisukari. Aho kwihenda rero ngo kanaka niyanywa isukari nyinshi canke amafanta menshi ngo bizotuma afatwa n’igisukari, umuntu yomenyesha ahubwo ko gufungura umwanya wose, bimwe Abarundi twita « gutoratora », ari vyo bishobora kwandurukamwo iyo ngwara.
A relire : Ikirimi, ikirato: ingwara zikarira abana zikazazanira abavyeyi
Murakoze kumpezaa impanuro nziza abantu Bari batumereye nabi ngo igisukari