Kuva ikiza c’ingwara y’amaso y’imbwa gishwaye mu Burundi, abadandaza imiti y’amaso bariko barabukura mu cibo. Muri urwo rudandazwa rw’imiti y’amaso, harimwo agahaze, nk’uko uyu mwanditsi wa Yaga abishingira intahe, akanakebura mw’aka kabaruwa.
Bavukanyi mudandaza imiti mu ma « pharmacie », aka kabaruwa ndakabandikiye mbabaye cane. Haraheze imisi mperekeje umuvukanyi wanje kubarwa ijisho. Intandaro ya vyose, yagiye kwa muganga yarwaye ya ngwara y’amaso y’imbwa. Muganga yamwakiriye yaramusiguriye neza ko iyo ngwara agwaye ata muti ikeneye, izokwikiza, ahubwo amushishikariza gukurikiza amategeko y’isuku.
Abarundi ngo ata foto ntacabaye, eka no kwa muganga ata gashinge canke akanini, umuntu ntiyigera yemera ko yavuwe. Wa wacu niko gukebwa, maze yirasa mu nzu y’indadarizo ry’imiti. Uwuhakora ati « Buzire ndabwirire », yamubwiye ko afise uduti dutuma amaso akira yihuse. Ubona ko abakora muri ayo mazu atari mwese mwize ivy’imiti canke ivy’ubuvuzi, ngaho aba amugurishijeko uduti tubiri.
Wa wacu yarashize mu maso, arumva ko yakize ibimenyesto vy’ingwara, atangura n’ukwicuza amahera yatanze yo kubonana na muganga kandi muri farumasi ariho bamuvuye. Haheze ukwezi, yatanguye kumva ububabare burenze mu jisho, maze ivyo kubona bitangura kugabanuka. Asubiye kuri ya farumasi, yamwongeye uwundi muti, ariko abonye atakiriko kiravamwo, aruhira gusubira kwa muganga. Aho niho bamaze kumugirira igipimo basanze ijisho ryaratobotse ico bise « perforation du cornée » biza kurangira yinjiye icumba c’ibagiro.
Agahaze
Badandaza b’imiti, muri iyi misi kubera ikiza c’ingwara y’amaso y’imbwa, imiti y’amaso iriko irasohoka ku bwinshi. Uwiketse wese ko iyo ngwara imufashe, canke uwuyirwaye, ubona asimbiye iwanyu, mukaba muramuhaye umuti. Nk’abadandaza, ndatahura ko akanyamuneza ari kenshi kuko Fbu iba iriko irinjira.
Ariko rero, abanonosoye ivy’ingwara y’amaso batubwira ko iyo ngwara y’amaso y’imbwa naho yandukira cane, ari ingwara isanzwe atangaruka igira ku jisho, kandi yikiza ata muti umuntu arinze gukoresha, kiretse ku gice gito c’abantu iba yasinzikaje bakenera umuti w’ibimenyetso.
None ubwo ntimuriko muraha imiti n’abatayikwiye ? Gusohora imiti myinshi nk’uko muvyishimira ku ngwara idakenera imiti kugira ikire nta bwoba bibatera ? Erega bavukanyi mw’iyo taburiya yera, mwibuke ko mutari abadandaza basanzwe. Muri abadandaza bavuzi. Abo nabo hariho akarangamutima kategerezwa kubaranga.
Akagohe nkebura badandaza b’imiti
Ku bw’iyo ntahe, nagira ndabasabe, mukorane ako karangamutima. Muri ibi bihe akanoti kabasanga aho muri, muribuka ko mutadandaza ibiharage canke umuceri, ahubwo mudandaza imiti. Iyo nayo irashobora gucika uburozi iyo ikoreshejwe aho itarikenewe.
Himiriza ababitura kubanza kubonana n’umuganga kugira mutange imiti yanditswe n’uwabinonosoye. Gutyo muzoba mufashije abenegihugu indiri kurwanya ivyo kwivura, hamwe n’ukuzosohoka iki kiza dufise amagara meza. Mu gihe naho umwe mubadandaza imiti atoba asobanukiwe cane ibijanye n’amagara y’abantu, n’ukuri yokwirinda kwigira umuvuzi atariwe.
Ntimushire amahera imbere, mwibuke ko amagara ari amazi aseseka ntibayore. Mwari muzi ko mu gihe c’ikiza ca corona amakosa nkayo yahabaye, bituma haba imiti yahora ari karuhariwe mu kuvura ariko ubu itakivura kubera yakoreshejwe nabi, tutavuze ingaruka mbi nyinshi zabaye ku bafashe imiti idakenewe mw’ico gihe ?
Mu gihe iki gisabo canje ubu ata muganga n’umwe mu banonosoye ivy’amaso atakibasaba, aka kabaruwa n’ako kubavunira akagohe ngo igiti ntigisubire kudukora mu jisho kabiri.