article comment count is: 1

Ese kwibaruka ukumbagara hasi !

Abarundi ni bo bakunda kuvuga ngo kuvyara ntibigoye nko kurera. Ubu mugabo, no kuvyara si yororo. Ibaze kuba uri umuvyeyi, waheza kwibaruka bagaca bagusasira agatenge hasi ukaba urakitseko umusaya mu kurindira ko uruhuka. Ivyo vyashikiye uno mukenyezi Alice* akizirikana neza ayo yabonye. Intahe

Kw’itariki 5 Rusama, ni umusi wahariwe abakirizi, reka tubanze tubakeze! Murakagira umurwiza mwebwe mutwakirira ba Katabonabose, impundu igasamirana. Ariko ico ndabayagira ntigihagaze kuri bo, gihagaze ahanini ku gikorwa bakora.

Maze indwi nibarutse, uwo musi wabayemwo nk’amasaha 100 kandi ari 24. Buca nibaruka, naraye ntibuca, narumva ko vyanse rwose. Ndagira Imana buraca, isaha imwe y’agatondo nari ngeze imbere y’umwakirizi.

Uno yaransuzumye amenyesha ko nza kwibaruka inyuma y’amasaha 24 kubera ibise bitari bwagwire. Aho ndi nibwira ko ubwanje buheze, kuko narumva ko ayo masaha ntayashikana. Imana yaracanye, inyuma y’amasaha atanu, vyarakunze ndashikana kandi neza.

Inyuma yo gushikana, naryamye hasi!

Umwakirizi yaranyitayeho, umwana amufata neza amushikanira umuryango wanje, mu kurindira nanje ko ndabashikira. Mvuye aho bakirira abavyeyi, mu mutima nibwira ko banteguriye aho nkika umusaya.

Kuri ivyo bitaro, usohotse mu gice kigenewe kwakirira abavyeyi, ushikira muri “couloir”. Aho hantu hama abantu baryamye hasi, ku wutabizi nkanje nagira ni abarwaza baraye batagohetse kubera imibu, babaye barahumiriza. Habe na mba!

Ewe jewe ukutamenya, nagiye numva wa mwakirizi abwira uwamperekeje ati : « Musasire igitenge neza aryame aho hasi ». Aho ndi, nibaza ko ari uburyo bushasha bagunduye kugira umuvyeyi yoroherwe ningoga ariko si uko biri.

Uno mwakirizi nanje aca arampindukirira ambwira ati : « Nta bitanda bihari, niwumva umerewe neza, mu masaha 4 uzoba utashe kuruhukira iwawe ».

Nanje aho ndi numvise nkize ku nguvu, mbonye ingene nariko mpema inkungugu yari hasi, nkumva imbavu ziriko ziratonekara zose. Ivyo bambwira vyose nkore narihata nkabikora kugira nkire vyihuse.

“Urupfu rwa benshi ni ubukwe”

Haciye akanya ndiko ndatora utuguvu, ni ho natereza amaso ku bari hafi yanje, nabonye utuyoya tundyamye hafi. Ndabaza uwo nabona asa na nyina wabo, yanyishuye ati: “Reka wa muvyeyi we! Naraye aha hasi n’utu duhasa nibarutse ejo. Imibu ntiyigeze iduha agahengwe. Sinzi ko nzakuhasohoka amahoro hatagiyemwo marariya”.

Ubwo nyene wa mwakirizi yaraje kundaba ambwira ko andonkeye igitanda kugira mbe ndaruhukirako. Umwanya wo kumpagurutsa no gushika aho kiri, twasanze bacitije. Ngo “baragitwaye iyo bakorera abantu, nta kindi cari gisigaye”. Naramaramaye nyene ndasubira kurambarara hasi. Aho umubiri wose sinikakaza, kubera gutonekara.

Agahinda karanyishe, noneho numva ndonse inguvu zo gukira burundu ngataha, mu kwirinda kurara nkanuye.

Ubukene bw’ibitanda…

Inyuma y’amasaha atanu, barampaye uruhusha rwo gutaha, basanze meze neza n’umwana adora.

Ivyambayeko biba kuri bake. Mu kurindira ko negera umuhana, uwujejwe ivy’isuku yari yicaye hafi yanje nagiye, numva ambwiye ati :« Uratomboye yemwe! Uje uno musi nyene none uraye utashe? Hari abaharara kubera usanga umwana yavukanye akabazo. Ariko wewe biranyarutse, kandi watomboye nta bavyeyi benshi baje. Ubundi barakubita hakuzura.»

Yambariye ko ubwa mbere hataraza ikibazo c’ubukene bw’ibitanda, nta muvyeyi yibarutse adakozwe barekura atamaze umusi wose ku bitaro. Birinda kubarekura batabasuzumye neza ko amagara yabo yifashe neza. Ariko ubu, si ko bikiri. Ibitanda vyahebewe abibarutse barinze kubagwa.

Vy’ukuri harakenewe ibitanda vy’abarwayi. Ni ibara kwumva umuvyeyi asimvye icobo, acagaruka gukika umusaya hasi be n’ikibondo ciwe. “Abari n’amatwi ni bumve !”

 

*Izina ryahinduwe

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. 👉None kutavuga izina ry’iryo vuriro bifasha iki❓
    👉Mu Cumba cakira abavyeyi hahejeje kwibaruka hari ibitanda bingahe❓
    👉Uwurongoye iryo vuriro abivuga kw’iki❓