Mu 2019, itohoza ryakozwe n’ikigo ISTEBU mu ntara za Bujumbura mairie, Gitega, Rumonge hamwe na ngozi, ryerekana ko mu ngo 2843, ibice 42,7% vy’ababa muri zo, bagendana ubumuga bwo mu mutwe. None, ivyo gufasha abagendana ubwoko bw’izo ndwara vyoba vyifashe gute muri rusangi ? Ng’izi zimwe mu nyishu duhabwa n’ikigo THARS.
Havuzwe ubumuga canke umuntu agendana ubumuga, igitahurika ningoga ni umuntu abuze igihimba kanaka ku mubiri wiwe, canke caseserejwe, biboneka ku maso. Dufatiye aho, twovuga none ko ubumuga bwose bugaragarira inyuma ku mubiri ? Ahibambewe.
Mu kubitahura neza, reka twisunge icegeranyo c’abantu bituye ikigo THARS, gifasha mu vyo kuremurura imvune za kahise, kugubwa neza no kunywanisha abantu.
Mu mwaka w’2022, abahinga bo mu kigo THARS bakiriye abagabo bagera kuri 677, abagore na bo kakaba 221. Abana bari musi y’imyaka 18 bakiriye 128.
Abunganizi b’abo bahinga nabo bakiriye abagabo bagera ku 546, abagore bangana na 999. Abari musi y’imyaka 18 bakiriye abagera kuri 32.
Abo bagendana ubumuga bwo mu mutwe bituye ico kigo, bari mu mice yose. Muri THARS bemeza ko haba urwaruka, abakuze bo mu bitsina vyose, babitura. Imirwi y’abantu bakunze gufasha ni abahungutse, abahoze ari abafungwa, abafise ibikomere nseserezamutima batewe n’intambara, haba mu misozi canke mu bisagara, bose barabitura.
Kugera hano, si agasesehwarumuri, abagendana ubumuga bwo mu mutwe bariho mu Burundi.
Bafashwa gute?
Mu Burundi, niko abahinga bize ivy’inyifato barafasha abashikiwe n’ihahamuka canke abafise ubundi bumuga bushingiye ku ndwara yo mu mutwe. Ariko, ukuboko kw’abo ntigushika hose.
Ikibazo gikunze kuboneka akatari gake, ni ikijanye n’uburyo, kuko imiti ivura izo ndwara izimvye cane.
Ihahamuka riracitiranywa n’ibintazi
Nk’uko bishikirizwa n’ikigo THARS, ikibano c’Abarundi ntikiratahura neza ibijanye n’indwara yo kugendana ubumuga bwo mu mutwe. Mu Barundi, kugendana ubumuga bwo mu mutwe birakunze guhabwa iyindi nsiguro. Ivyo navyo, biva ku kuntu vyatahurwa kuva kera mu mico, harimwo n’ukwemera kw’Abarundi.
Abantu barwaye indwara zo mumutwe baracafatwa nk’abarozwe, abafise intezi z’abakera, bagaca bigira mu bapfumu, abandi mu vyumba vy’amasengesho, bagaca baguma basinzikarirayo.
Si ivyo gusa. Uwurwaye indwara yo mu mutwe arakumirwa cane n’ikibano. Imiryango nayo, ntibitaho cane nk’abandi barwayi. Kukaba nka ko, hari n’imigani yerekana ko uwurwaye indwara yo mu mutwe atari uwo gushigikirwa mu kibano, ahubwo ari uwo kwigizwayo. Ukaza wumva ngo « Uwasaze ntasanga inzu ».
Ikibabaje gusumba, ni iyo bishitse uwahahamutse akavurwa, asubiye mu kibano, bamuca kure, bakamukumira.
Inzitizi muri ubwo buvuzi zikaba nyishi
Kubw’ico kigo THARS, inzitizi mu gisata co kwitaho no kuvura abarwaye ihahamuka, canke abagendana ubumuga bwo mu mutwe muri rusangi, ni nyinshi. «Turestse ko ibabanza bivurirwamwo abahahamutse bikiri bike cane, eka n’ivyankenerwa bidakwiye, abagendana ibimenyetso vy’ihahahamuka nabo ntibaratahura ko ari indwara ivurwa ngo baheze biture abahinga.»
Izindi ntambamyi, ni ubukene bw’imiti ivura izo ndwara, n’iyigize ngo irabonetse ikaba izimvye cane, hamwe n’ibura ry’abaganga babinonosoye.
Kubw’ivyo, Reta yoshiraho ivyankenerwa ku mavuriro mato mato yose mu gihugu, kugira ngo abagendana indwara z’ubumuga bwo mu mutwe bafashwe bikwiye.
Iruhande y’ico, mu kibano hojaho abafasha abamaze kugwara izo ndwara, gutyo izo ndinganizo zigafasha kuronka ibiharuro bijanye n’ubuvuzi bw’izo ndwara, ndetse n’urugero izo ndwara zigezeko mu gihugu cose, nka kurya bikorwa ku zindi ndwara.