article comment count is: 3

Twarabatohoreje : ng’uko uko bamwe bavuga ko bavura ishano bakora

Haraheze imisi itari mike havugwa ko hari abantu batanga ishano mu gisagara ca Bujumbura. Eka mbere hari n’abavugwa ko ari abahinga karuhariwe mu kuvura abarihawe. Uyu mwanditsi yaratugiriye itohoza ry’ingene abo bantu bakora, aho bakorera, amahera basaba n’imiti batanga.

Aho uwo muganga akorera, kuhashika utahazi ntivyoroha. Utegerezwa kubanza gusaba isango kuri terefone. Jewe nagize amahirwe ntivyangoye, nakoze ku rutsinga nawe ati: “Uzinduke ejo mu gatondo wibangikanije amafaranga 2 000 vy’amarundi yo gusuzumwa,  n’ibihumbi 25 vy’imiti. Hari igihe twosanga urwaye.” Niko kumbwira ko nshitse kw’ibarabara nzomuhamagara akambwira aho ndamusanga. 

Bukeye ndakirwa…

Ku musi wa kane nakorotse ijoro n’ubwoba n’akantu. Ariko ku karangamutima k’umwuga n’ibanga nemeye ndagenda. Nshitse hamwe kw’ibarabara yambwira ndamuhamagara, ambwira inzu akoreramwo. 

Ncinjira nakiriwe n’umusore, Jerome* afise ubugwaneza busanzwe. Ku meza iri mbere yiwe hari igitabu.  Inyuma yiwe hari akabati nka bumwe buri mu mazu adandaza imiti, hamanitseko imiti myinshi iri mu bukarato. Iyo yose nta n’umwe namenyemwo.

Ncijijanya imitima kuko nibwira ko nazimiye, Jerome* ati: “Tubafashe iki?” Nanje nti:” Ubwo sinazimiye. Umuntu yemeye kumvura ambwiye ninjire ngaha! Yoba ari wewe? “ Nawe ati: “Si jewe, mugabo urashobora kuba wavuganye n’uwodukorana”.

Mpindukije amaso mbona inyuma yiwe hari imiryago ibiri. Nkiyitegereza, Jerome arongera ambaza ati: “Woba uje kwisuzumisha ko wariye ishano?” Nanje nti: “Ime”. Ubwo nyene azingurura ca gitabo, ambwira  ndihe 2 000. Ni uko nkora mu mufuko ndariha, ayo kubonana na muganga.

Muri “consultation”

 Ubwo nyene haca hinjira umukenyezi. Asa n’uwari amaze kuhaza kuko yashitse abaza Jerome ko hoba hari amavuta. Jerome nawe ati: “Ego cane. Tugurisha 15 000 ”. Uyo mukenyezi aramwishura ati: “ Naje nzi igiciro.” 

Ni uko Jerome yugurura umuryango w’i bubamfu, yinjira kuzana  ya mavuta. Tukiriko turidondorana na wa mukenyezi, Jerome aba arashitse, aduciramwo. Amuhereza agacupa nka kamwe kagurishwamwo ya nzoga Simba Waragi, aca arariha, aba aragiye.

 Ahejeje gutanga amavuta, Jerome azingurura ca gitabo anyandikira fagitire kuko muganga atemera kunyakira ntamweretse ko narishe ayo kubonana nawe. Kuri iyo fagitire hariko izina ryanje n’igutuma ndondera muganga : kwisuzumisha.

Isuzumwa nyezina

Ivyo biheze, ambwira ko nokwinjira mu muryango uri inyuma yiwe mu ruhande rw’iburyo. Ncinjira, nshikiye ku muntu atararenza imyaka 30, yicaye ku ntebe, ku meza iri imbere yiwe hari imashini nyabwonko bita “ordinateur”. Iruhande y’iyo mashini (i buryo), hari ibitabo vyinshi, kandi harimwo kazinduzi. Ibubamfu hari ikirahuri kirimwo amazi. 

Nshitse turaramukanya,  ng’uwo ampaye ikaze ndicara imbere yiwe. Ni uko atangura kumbaza uko merewe. Ndamwiganira ko ata kayabagu mfise kandi meneka umutwe (abaritowe bambwira ivyo bimenyetso). Ambaza ko ntatora agatiro mw’ijoro, ndamuhakanira. Ambaza ko mfise iseseme, ndamuhakanira. Nawe ati: “Iryo ni ishano wariye.” Nanje nti: “Ntaho naririye kuko mfungura muhira gusa.

Uri uwundi ambwira ko nshobora kuba naririye muhira nyene, canke ngashobora kuba ndwaye iyindi ndwara.  Ambwira ati : “Inyishu tuyimenya tubanje kugupima.” Ni uko ambwira ngo ncire amate muri ca kirahuri kiri imbere yiwe ati : “Uhejeje guciramwo, tukabona ibintu bimanutse muri ayo mazi, uzoba wariye ishano”. Ku mutima nti : “ Ivyo ntibigoye.

 Mpejeje gucira muri ya mazi ari mu kirahuri, agacerere kaba kose.Twese amaso tuyatumbereza kuri ca kirahuri. Inyuma y’umwanya muto, uyo muganga abwira ati : “Nta bintu ubona biriko biramanuka hagati mu mazi? ” Nanje nti : “Oya nta vyo mbona.” Nawe ati : “Raba neza”. Kuko nzi ko ata murwayi aharira na muganga ndemerana. 

Ni uko atora ikaramu anyandikira imiti ibiri arongera ambwira ati : “Genda uriya yakwakiriye niwe akubwira igiciro n’ingene uyifata”.

Imiti ntigura umuntu atifise

Jerome, wa musore yanyakira ambwira ko iyo miti yose igurwa 25 000 kandi yose ikorana. Umwe witwa Kira, yambwiye ko nzowufata rimwe mu misi ibiri. Aranyihanikiriza ati : “Ntuzowunywe uri ku rugendo canke ku kazi kuko uwunyoye uzocisha epfo canke uyorwe kandi uzobe witegekanije ibintu bisosa uca unywa kuko uzotakaza amazi menshi ”. Ku gakarato karimwo uyo muti handitse ko urutsa jondama, ishano, woza mu nda kandi uvura urusina. 

Uyundi muti witwa tox. Ni umuti w’ifu. Mbajije uko nawo bawufata anyishura ati: “Ushira akayiko kamwe mu kirahuri. Hanyuma ugaca unywa.” Ariko Jerome yongera ambwira ko nzokoresha akayungiro nka kurya kw’icayi. Ibikamvurwa sindabite, ndabishire mu mazi maze ndavyiyoge umubiri wose. Uyo muti ndawunywa kabiri ku musi. Kandi umurwayi aguma awufata gushika aho nzokumva ko nkize. Ni uko ndikebanura, mba ndamenye uko ba bantu bakora.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (3)

  1. Sha numva uwo yari umupfumu nyezina. Kuko imiti yabo bayiguhana ingabisho. None mwararishe ayo y’imiti? Mwubahwe mwakoze ikint c’amateka,kandi mukebuye abahora bibwa

  2. Ni ikibazo gihangayikishije haba mumuji cnk rugur. Nivyo ntawokwirengagiza ko ishano ribaho, arko mur iki gihe hari abikika mukiza. Ubund hari imiti uyiriy ubwonyene uca udahwa ugacibwamwo uko woba umez kose. Iyo niyo batang wayifata uti nari nasinzikaye. Nguko uko bamw barya amaher y’abantu kubusabusa mbere rimwe na rimwe bagatosekaza n’ikibano.