article comment count is: 0

Ishano : umwikekano uzodukwegera akarambaraye

Si agaseseshwa rumuri. Ikintu citwa ishano haheze igihe kitari gito kivugwa cane hano mu gisagara ca Bujumbura. Wumva hirya no hino ngo naka yararwaye araremba kandi yahawe ishano. Turetse ko ribangamira amagara y’abantu, n’imigenderanire mu kibano irononekara bivuye ku kwikekana. Intahe z’abo vyashikiye.

Nararwaye ibintu vyamfatira mu nda. Narababara mu mushishito biteye ubwoba. Ico gihe naratakaje ibiro bishika cumi mu mwanya muto. Ntako ntagize mu kwipimisha kwa muganga ariko nta ndwara bigeze batora. Ni ho umugenzi yambwira ko noja kurabisha ko noba narariye ishano. Sinatevye kuripimisha. Uwumpima yamfyese mu kiganza yongera anyimotereza munsi y’umutima aca ambwira ko nariye ishano. Yaciye ampa umuti, narawufashe kandi naciye nkira, gushika ubu nkaba meze neza. Jewe ndemeza ko ishano ribaho kandi hariho abarivura rigakira.” Ivyo twabiyagiwe na Enock* umusore w’imyaka 28 aba muri komine Ntahangwa.

Uyo musore avuga ko abonye akize atitayeho kumenya uwarimuhaye, kanatsinda abaripima bakarivura si bose bashoboye kubona uwaritanze. Amos* umugabo aba muri komine Muha, karitiye Kamesa mu gisagara ca Bujumbura, wewe yashizwe atohoje uwamuhaye ishano. Avuga ko mu rugo iwe, abana batatu na we agira kane bamaze guhabwa ishano. Igihe umwana wiwe agira kane yaremba, akamupimisha agasanga yahawe ishano, agiheza kumuvuza niho yarondeye uwundi ashobora kwerekana uwo muntu  yama abaha ishano. “Nama niyumvira igituma iwanje twama turwara bikarangira dusanze twahawe ishano. Naratohoje ndamenya ko hariho uwushobora kumbwira umuntu aduha iryo shano. Nanje sinatevye kuja kumwitura.”

Bizana umubano mubi

Uwo amenya ishano iyo ryazananye, ntavuga izina ry’uwaritanze ahubwo avuga ibimenyetso bidondora kanaka hama nyene kurihabwa akagerageza kuraba umuntu afise uwo mwidondoro mu kibano ciwe. Amos ati: “Yambariye ko ari umugore w’ingumba w’umubanyi.  Amfitiye inzigo ko naronse uruvyaro nawe rwaramugoye. Siniriwe ndakekeranya kuko uyo muntu arahari kandi n’abandi mu kibano bari basanzwe bamwinuba bivugwa cane ko atanga ishano. Kuva ubwo naciye nzirana urunuka n’uwo ampera ishano umuryango, abana banje ndabihaniza guca impande y’urugo rwiwe, eka naho bohura baze bamuce kure. Kandi si uwo gusa, mu kibano iwacu turamaze kumenya abatanaga ishano. Abo rero tubigirwa kure n’abana bacu barabizi, basigaye ari banyamwigendako”. 

Nta kujana nyabahururu

Ukwikekana mu kibano ngo kanaka arampera ishano abanje, nta nkeka ko bizana inzankano hagati y’ababanyi. Nca nibaza nti none ntibishika umubanyi wawe ukamwanka umuhoye ubusa? Mbega hoho uyo amenya uwaguhehereye ishano abawe akoresha ubuhinga nyabaki butuma wemeza udakekeranya ko ari ukuri? 

Abana iyo bakuze babwirwa ko kwa naka batanga ishano, bazokura bafata abo bantu nk’abicanyi. Bazoguma babona n’abazobakomokako ko ari inkozi z’ikibi gusa. Umuntu ashobora kwankwa, agakumirwa, akabura naho arahura umuriro bivuye ku kuntu bamwiketse ko ariwe atanga ishano.

Iruhande y’uko ishano ribangamira amagara y’abantu, n’imigenderanire hagati y’ababanyi irononekara hakavuka urwanko rushobora kuba rufatiye ku binyoma, abantu bakabana barabana ay’ingwe. 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion