article comment count is: 1

Ikarashishi ya dawe mu mwaramo: twama twumiwe!

Mu mpera z’indwi, kaba ari akaryo keza ko gukora ikarashishi ku batari bake. Abagabo bamwebamwe bakunda kuyikora mu migwi. Ikintangaza, ni ukuntu ubabona bava muhira bahagaze bwuma, bagatahuka “babaye ivyatsi, icupa ryabashitse, bariko baricako”. Ivyo ndavyibonera kuri data, reka ndabayagire.

 Mu ndwi, incuro mbona data i muhira ni imparurwa. Nogereranya ko agoye kubona nk’igitoro muri ino misi turi mu bukene bwaco. Mu gitondo, azinduka yatsa umuduga agenda ku kazi ka misi yose. Ku murango ntataha, afungura iyo aba ari. Ku mugoroba naho, aca mu kabare guteramana n’abandi bagabo, agataha bwije cane. Akatari gake, tuba twaryamye. Ivyo nakuze ndabibona gutyo. Sinigera mbaza imvo zituma data ataragama muhira. Imfungurwa turondera muhira, ndabarahiye azifungura gake kabaho. Kuva ku wa mbere gushika ku wa gatanu, ni bwo buzima bwiwe. Iyo tugize ibakwe agataha kare, twese turatangara, kuko ntidufise ivyo tumuyagisha, turamutinya.

Umwaramo, ikarashishi no kwivuga amazina

Ntimwumva ko aba amaze indwi yose tutamukubita ijisho, ntimwibaze ko mu mwaramo hoho tumarana n’akanya. Habe na mba. Ni akanya kiwe ko kugira ikarashishi muri « club » ahuriyemwo n’abandi bagabo. Ivyo rero twarabimenyereye, kuko kuva tukiri bato vyamye uko. Nk’isaha zibiri z’agatondo, aca avyuka akitegura akagenda. We na bagenziwe, bakunda gufata iriduga i kiriri, kandi ntibasigana bunga ubumwe, narirya banganya imyaka, baba buzuye umunezero.

Bariruka, bagakora imyimenyerezo kurya bisanzwe bari iyo ku mutumba. Hariko haregereza isaha zitandatu z’umurango, bamanuka gahorogahoro n’amaguru, bamwebamwe bafise udukoni mu ntoke. Ubabonye wogira ngo batashe mu mihana yabo kwoga no kuruhuke kuko baba basa n’abatamye kubera ikarashishi. Ahibambewe, ntawutumbera inzira ija muhira. Barasoboka bukebuke, no mu kabare kari aho bakunda gusororeramwo bagaterama nk’abashitse. Icupa rimwe rikura irindi, inkuru zikaba inkuru.

Bakanywa, bakarya agashitwa uburuhe bwose bakibagira. Kubera rero baba bahereye kare bariko bararusoma, nk’isaha cumi na zibiri inzoga ziba zabashitse mu mutwe. Erega, mutama tumubona ataha yaruhaze yivuga amazina. Twese tuba twumiwe ukuntu yavuye muhira agiye mw’ikarashishi, bigahera tumubonye atashe yaborewe. None iyo ni ikarashishi koko? Kenshi nkunda kwibaza ayo magara ababara ayababaza nkumirwa.

Abagabo nk’abo bokwikebuka

Turetse ko abahinga bavuga ko kunywa inzoga atari vyiza ku wuhejeje gukora ikarashishi, iyo ngendo y’umuvyeyi wanje si iyo gukomera amashi na gato. Gukora ikarashishi ni vyiza, ariko kurenzako inzoga gushika ku kaborerwe, i muhira ntibabone serugo amaze indwi yose ataboneka, ni ingendo yo kunegura. Erega mu muryango baba bakeneye kubona serugo, bamunyotewe. Nk’abana iyo bamubona gake, ntibaheza ngo bubahuke kumuyagisha utu canke turiya. Bukebuke, muri kazoza, n’abana bazogira iyo nyifato. Erega iragirirwa ku yona ikona nka yo.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)