Abarundi ni bo bakunda kuvuga ngo kuvyara ntibigoye nko kurera. Ubu mugabo, no kuvyara si yororo. Ibaze kuba uri umuvyeyi, waheza kwibaruka bagaca bagusasira agatenge hasi ukaba urakitseko umusaya mu kurindira ko uruhuka. Ivyo vyashikiye uno mukenyezi Alice* akizirikana neza […]
Amagara
Ikarashishi ya dawe mu mwaramo: twama twumiwe!
Mu mpera z’indwi, kaba ari akaryo keza ko gukora ikarashishi ku batari bake. Abagabo bamwebamwe bakunda kuyikora mu migwi. Ikintangaza, ni ukuntu ubabona bava muhira bahagaze bwuma, bagatahuka “babaye ivyatsi, icupa ryabashitse, bariko baricako”. Ivyo ndavyibonera kuri data, reka ndabayagire.
Agakete ku badandaza imiti y’amaso : « Ntimushire amahera imbere »
Kuva ikiza c’ingwara y’amaso y’imbwa gishwaye mu Burundi, abadandaza imiti y’amaso bariko barabukura mu cibo. Muri urwo rudandazwa rw’imiti y’amaso, harimwo agahaze, nk’uko uyu mwanditsi wa Yaga abishingira intahe, akanakebura mw’aka kabaruwa.
Uwahahamutse niwe azohahamura ?
Ibihe vy’intambara igihugu caciyemwo birashobora gutera uburemere ku muntu, tutibagiye n’ihahamuka. Mwari muzi ko uwo yahahamutse kubera intambara, ashobora munyuma guhahamura abandi ?
Mu Burundi, ivyo kuvura abagendana ubumuga bwo mu mutwe vyifashe gute?
Mu 2019, itohoza ryakozwe n’ikigo ISTEBU mu ntara za Bujumbura mairie, Gitega, Rumonge hamwe na ngozi, ryerekana ko mu ngo 2843, ibice 42,7% vy’ababa muri zo, bagendana ubumuga bwo mu mutwe. None, ivyo gufasha abagendana ubwoko bw’izo ndwara vyoba vyifashe […]
Umuti w’ishano : uri kwa muganga canke ku bavuzi b’imiti kama ?
Muri iyi misi, turamenyereye kwumva bavuga ngo umuntu kanaka “yariye canke yishwe n’ishano”. Biranashika uwugiye kwivuza kwa muganga, yabura indwara arwaye, agahitamwo kuja kurondera bamwe bavuga ko ari abavuzi b’ishano. None vy’ukuri umuti w’ishano urabaho ? Uva hehe ? Twegereye […]
Ishano : umwikekano uzodukwegera akarambaraye
Si agaseseshwa rumuri. Ikintu citwa ishano haheze igihe kitari gito kivugwa cane hano mu gisagara ca Bujumbura. Wumva hirya no hino ngo naka yararwaye araremba kandi yahawe ishano. Turetse ko ribangamira amagara y’abantu, n’imigenderanire mu kibano irononekara bivuye ku kwikekana. […]
Twarabatohoreje : ng’uko uko bamwe bavuga ko bavura ishano bakora
Haraheze imisi itari mike havugwa ko hari abantu batanga ishano mu gisagara ca Bujumbura. Eka mbere hari n’abavugwa ko ari abahinga karuhariwe mu kuvura abarihawe. Uyu mwanditsi yaratugiriye itohoza ry’ingene abo bantu bakora, aho bakorera, amahera basaba n’imiti batanga.
Ishano: ikibazo tudakwiye kwirengagiza
Ishano ntiryica abantu gusa ryica n’imibano. None ishano vy’ukuri rirabaho? Rivurwa gute? Ubwo ntabikika inyuma ya ryo kugira bambike iceyi? Uko biri kwose ikibazo c’ishano kirateje impungenge Abarundi batari bake. Ni iyo mpavu yatumye Yaga yiyumvira gutegura urukurikirane rw’ibisomwa kugira […]