Iciyumviro c’uko umwigeme yotorana ku rugero rungana n’urwa basazawe ntikibonwa kumwe. Bamwe biyumvira ko bose bakwiye kunganya, abandi bati « nta kuntu na kumwe abahungu n’abakobwa bonganya ». Dushime Divin aradushikiriza uko bamwe n’abandi babibona.
Akaranga
Abarundi bavukira hanze ntibamenye ikirundi ni uruhombo !
Ko abana b’Abarundi bavukiye hanze y’igihugu batigishwa ikirundi ngo n’uruhombo runini cane. Muganga Laurent Niyonkuru aheruka kwandika igitabu cofasha mw’ico gikorwa. Rivardo Niyonizigiye aratuyagira kuvyo yiganiwe n’uwo mwanditsi.
Ababeshi bari kune bari gutanu !
Mu buzima bwa minsi yose, abantu barakeneranira. Rimwe na rimwe, abantu barakenera kumenya agakuru k’aho boshobora kuronka iki canke kiriya, eka bamwe bakipfuza n’ukumenya ukwo bokwifata muri ibi canke biriya. Ariko rero, si iminsi yose ukunda gusanga abatanze inkuru ari […]
Ukwubahana vyoba bigifise agaciro ?
Iyo umuntu yihweje ukwo abantu bigenza muri bino bihe, hari vyinshi bitangaje. Imico n’imigenzo bimwe bimwe bigenda biratituka ukwo imyaka ihera. Haragera igihe umuntu yibaza niba imico imwe imwe igifise agaciro nka kera. Prosper Niyonkuru niwe yibaza niba ukwubahana vyoba […]
Itituka ry’umugirwa wo gutwikurura
Mu migenzo y’Abarundi hamye imico n’imigirwa yabaranga aho bari hose kuko babikora kumwe aho baherereye. Ni co gituma n’imanza wasanga abantu bazitunganya bakazimara kumwe mu gihugu cose. Ariko rero ubu haribonekeza itituka ry’imanza zimwe zimwe uhereye nko kuko itunganywa ry’umugirwa […]
Ugutera intobo nk’ukurenga ibigo mu muryango
Turamenyereye kwumva umugenzo wavugwa mu Barundi b’aho hambere witwa « ugutera intobo ». Uwo muco rero wari ushingiye ku buhumbu kandi ugahuza abato n’abakuze ku buryo wasanga umukazana na sebukwe bishitse bakarenga ibigo nk’uko Caritas Ninziza abituyagira.
Kazoza k’ikirundi mu gisagara ca Bujumbura
Ikirundi ni ururimi ruhuza Abarundi bose. Ariko, muri ino minsi, icibonekeza n’uko urwo rurimi ruriko ruragabanura akanovera na cane cane mu gisagara ca Bujumbura. Abantu bitaho indimi mvamakungu gusumba ururimi ruduhuza, mbere ivyo bigatera n’amakenga kuri kazoza karwo nk’ukwo Rivardo […]
Uteye inda umukobwa vyoba vyemeza ko atazoguheba ?
Ukwo imyaka ihera nikwo ibintu bihinduka, abantu bagahindura ingendo mu buzima bwabo bwa minsi yose mu vyo bakora no muvyo bagendera nyene. Mu gihe twari tumenyereye ko umusore n’inkumi bakundanye bategura urubanza batekanye hama bakubaka urwabo, ubu hari iyindi nzira […]
Umugirwa wo guhamba ubukumi
Abantu batari bake basanzwe bamenyereye umugirwa wo guhamba ubusore ukunze gukorwa n’abahungu buca barongora. Ariko rero, ku rundi ruhande, hari n’umugirwa wo guhamba ubukumi utunganywa n’umwigeme buca aja mu Burundi. Uwo mugirwa rero, naho utagikorwa neza nk’ukwo watunganywa aho hambere […]