article comment count is: 8

Ababeshi bari kune bari gutanu !

Mu buzima bwa minsi yose, abantu barakeneranira. Rimwe na rimwe, abantu barakenera kumenya agakuru k’aho boshobora kuronka iki canke kiriya, eka bamwe bakipfuza n’ukumenya ukwo bokwifata muri ibi canke biriya. Ariko rero, si iminsi yose ukunda gusanga abatanze inkuru ari abo kwizerwa kuko abenshi muri bo ari ababeshi nk’uko Léon Bigoro abituyagira.

Iyo umuntu agendereje akaraba neza, bamwe n’abandi aho baherereye, aho barangurira imirimo y’ubuzima bwabo bwa minsi yose, barabesha babicishije mu kuryosharyosha abantu, kugira bashike ku nyungu zabo. Ufashe akayira ukaja mw’isoko y’impuzu, umudandaza akwereka ko igukwiye, ikubereye, n’aho yoba ari muri zimwe zo mu bishweka. Ukumva amajambo ngo « umengo uwayikoze yari yayigupimyeko !», « ntakosa ! », eka nta co batavuga, wobeshera umusore ariko araresha.

Imwe mu mirwi y’ababeshi bakunze kwibonekeza

Ubona ko urudandaza rubangabanganwa n’abaranzi, uwundi murwi w’ababeshi umuntu yowurabira muri mwene abo bantu. Uba uriko urondera ikibanza co kwubakamwo, inzu yo kugura canke gupanga, umuranzi akubwira ko ayifise. Nta n’ukuvuga ko azi aho iri, womengo ni nyene yo. Yemeza uwuyirondera ko ari nziza cane, iri ahantu heza, ku buryo akubwira amafranga arenze igiciro, aravye inyungu yohakura, kandi nini ishoboka. Ku rundi ruhande, yemeza nyene kudandaza ko ari habi, nimba ari inzu ngo ntikomeye, akagerageza kuyishira ku giciro co hasi. Kuri ivyo vyose, aba azi neza ico azokura ku muguzi n’umugurisha. Mu mvugo y’ikirundi bavuga « kurya inka nka nyene yo ». Aho rero umuntu aba avuze ivy’inzu gusa. Ariko si ivyo gusa.

Mu bafundi bamwe bamwe na ho nyene biragoye kuhasanga ukuri. Umwubatsi yemeza ko ahari isoko y’ibikoresho bikenewe ari we ahazi. Aba yifuza ko nyene kwubakisha inzu amuha amafranga, maze akaba ari we aja kubigura. Aho rero aba abona neza ico ahava acikishako. Iyo azanye ibintu bizima, nyene gutanga amafranga aba agira Imana.

Eka no mu banyepolitike ako kageso nti kabuze. Igihushane gisa n’uko ari kinini hagati y’ivyo bemerera abanyagihugu n’ivyo babashikirako. Hari abemera amabarabara y’indarayi, ko amakaburimbo agiye kunyuragiranwa. Hari abaririmba ingomero z’umuyagankuba, ngo abanyagihugu ni babatora ubukene bazoba basezeye, ayo batavuga ni ayatabaho. Kubijanye n’intsinzi mu matora, imbere y’abanywanyi babo, naho boba bari ku rushi, bemeza ko ata nkeka intsinzi bayibona. Bivugira ko ari « kashi ». Bamwe ngo « Tsinda ! ». Abandi ngo « Ramba ! »  canke ngo « Komera ! » Imvyino n’intambo zigasamirana imbere y’abantu bakeya bashaka ivyicaro biharuye.

Hari n’abajana abantu mw’ibarabara gushigikira canke kwiyamiriza ikintu usanga rimwe na rimwe batanatahura. Bene kubashira mw’ibarabara bagasubira mu biro ku mirimo yabo ya minsi yose. Aho ni ku ruhande rumwe, ku rundi ruhande na ho ugasanga iyo bigoranye barafashe akayira bagahunga. Ariko rero uwo bikorako kurusha ni wa munyagihugu mutoya.

Kuba mu kuri no kuvyigisha abandi

Ababeshi rero bari kune bari gutanu. Hariho n’abandi babeshejweho n’ako kazi ari bo twita « abapfungakiwani ». Ukuri kuragoye naho na nya kubesha atari ivya minsi yose canke ku bantu bose. Abantu rero twari dukwiye kurwanya ububeshi iyo buturuka hose kugira ngo ukuri gusasagare mu bantu. Ukuri kurubaka, na yo ububeshi burasambura. Ukuri kurunga abantu, kukarera uruvyaro rwabo muri kubu na kazoza. Uwuvuga ukuri yumva amahoro, aratekana. Biranahimbara kurusha iyo abo wakubwiye hagize ico bibungura mu buzima bwabo. Agaciro ko kuvuga ukuri nta ho kagerwa. Abarundi bakunze kwivugira ngo « ijambo rigukunze rigusubira mu nda ». Nti turi bubihinyuze kuko ni iryavuzwe n’abatuboneye izuba, mugabo nta wohanura umuntu kwigumiza mwo ukuri kandi akuzi. Ni tuyage ukuri ; tugendere mu kuri ; dukore mu kuri, tube mu kuri, ibikurikira azoba ari amahoro n’amahonda.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (8)

  1. Abandi Ngo Tuzobazanira Ama Robinets Y’amata,abandi Ngo Tzobaduganira Tanganyika,abandi Ngo Tuzobazanira Ibiti Vyama Amafranga!Ahaaaa Kwemera Ubuki Utegeka Nico Kigezweho » Mpemuke Ndamuke »

  2. Wavuga nihamwe kubesha nyen umenga twabigize ingeso mwiyimisiho vyarenze igipimo.bigeze kwiphoneho ningorane,tutabihevye nukuri tutagowe suwukuze sumuto mukama sibintu tugirire imbabazi

  3. Nta Kinyoma Ndetse Nubwangushyi Birimo Kwel !! Aho Isi Yanone Igeze Umuntu Utabona Ikinu Uribukureho Ntabwo Wanyura Imihanda Nindi Wiruka Atabona Umumaro Wakuramo