Mu manza Abarundi bakora, bakurikije umuco w’ikirundi, inyuma yo kubura umuntu, harimwo urwo guca ku mazi. Ariko rero, benshi barukora batazi ico urwo rubanza rusigura koko mu mico n’imigenzo kama vy’Abarundi. Egide Nikiza yarabidutohoreje.
Akaranga
Burundi: kuki hari abipfuza kwemerwa nk’ubundi bwoko ?
Abarundi bamwe bamwe bamaze iminsi basaba ko imiryango kama bakomokamwo yokomezwa nk’amashirahamwe, abandi bagaserukana iyindi mirwi bifuza ko yoharurwa nk’ubwoko mu bundi. Niyonkuru Prosper asanga ata kamaro bizozanira igihugu n’abakibamwo.
Ni kuki Abarundi batacubaha ijambo ry’urubanza ?
Mu gihe ca none, “Abarundi ntibacubahiriza ijambo mu rubanza.” Uko ni ko Burengengwa Longin abibona. Ahagarara ku nyifato bamwe n’abandi bagira mu myanya wahariwe amajambo.
[Impari ku ngoma z’i Burundi] : « Gute umukenyezi ashobora gushigikira itegeko rimukandamiza ? »
Inyuma y’aho Naomi Irakoze ashikirije ko ashigikiye ingingo yo kubuza abakenyezi n’abigeme kuvuza ingoma, abicishije kuri runo rubuga, Judicaëlle Irakoze bisa n’ivyamuteye ukuraka. Aca ahitamwo kwandikira uwo mugenzi we, amwishura mu buryo buramvuye.
Ndashigikiye inganishwa ry’ibitsina, ariko nta mugore wo kuvuza ingoma !
Itegeko ry’umukuru w’igihugu rigenga ikoreshwa ry’ingoma ryarateye impari. Kubw’ukubuza abakenyezi kuvuza ingoma hamwe n’uburemere bw’ihadabu ricibwa aborenga iyo ngingo, Abarundi ntibavyakiriye kumwe. Naomi Irakoze we ati « sinkavugire muvumbi kumuvumba !».
« Kurara i bwishwa » : umuziro Abarundi bakwiye gusezerera
Kuva kuri ba sokuru, “kirazira ko umugabo arara mu nzu y’umukwe canke y’umwishwa wiwe”. Nikiza Egide aratubwira uwo muco iyo wazananye n’impamvu Abarundi bowuheba.
Uburundi bwoba bukwiye gusezerera umugenzo wo gutanga inkwano?
Umugenzo wo gukwa uzwi nk’ugutanga agashimwe ku bavyeyi b’umukobwa. Ariko uko imisi igenda, akamaro n’agaciro k’uwo mugenzo bigenda bigirwako impari na cane cane mu rwaruka. Spageon Ngabo aratubwira uko bamwe bamwe babibona.
« Nta nkokokazi ibika isake zihari » : imyibutsa itatu yerekana ikumirwa ry’abakenyezi i Burundi
Kw’igenekerezo rya 31 Mukakaro, amakungu azohimbaza umusi wahariwe umukenyezi w’umunyafrika. Ariko kandi, igenekerezo ry’uwa 8 ntwarante, harahimbazwa umusi wahariwe umukenyezi muri rusangi. Kubwa Rukundo Landry, bisigura ko muri Afrika, umukenyezi adahawe agaciro kamukwiriye, akagirako aducira ku mayange ku vyerekeye umuco […]
Ukwikukira55 : abaririmvye indirimbo zihayagiza igihugu ntitubibagire
Mu gihe duhimbaza imyaka mirongo itanu n’itanu Uburundi bumaze bwikukiye, « ni vyiza ko abategetsi batanguye guha iteka abaririmvyi ». Dushime Divin arakenguruka agashimwe umukuru w’igihugu yaraye ahaye umuririmvyi Natasha, ariko agasaba ko bitogarukira aho.