Intore, imwe mu ntambo za kera cane z’Uburundi (n’Urwanda), ni intambo ifise insiguro idasanzwe muri kahise k’igihugu cacu. Mu rugendo rwatunganijwe n’ishirahamwe ritembereza ingenzi Gisabo Tours, umuhinga afata amasanamu wa Yaga yaboneyeho akaryo ko kuganira n’umwe mu migwi itamba iyo […]
Akaranga
#UrwegoNshigwaKirundi: mu mashure, “uwanka agakura abaga umutavu”
Ugereranije indimi zigishwa mu mashure yo mu Burundi, Ikirundi ni rwo rurimi rufise ikibanza gito muri zose; gutyo ikaba imwe mu mvo zihambaye zituma rusubira inyuma cane. None, hokorwa iki ngo ntiruzimangane, rugende amazimayongo ?
#UrwegoNshingwaKirundi : twaratewe ntitwabimenya
Uko iterambere ridushwara, ni ko habaho n’imvugo ijanye na ryo. Hatabonetse urwego rwoza gufasha gusubiza ijunja n’ijambo ururimi rwacu, nta kabuza turarubura iyo twarubonye, ruhinduke uruvange. Uno musi, amajambo mvamahanga asigaye akoreshwa nk’Ikirundi ashishikara kugwira mu biyago vya misi yose. […]
#UrwegoNshingwaKirundi: ibikorwa ni vyinshi, ababikora nta bahari
Ibibazo bihanze ururimi rw’Ikirundi ntibiharurwa. Urwego nshingwakirundi ni rwo rwari rujejwe kubitorera umuti. Haba mu mvugo, mu nyandiko, eka mbere no mu bindi, urwego nshingwakirundi rwofasha vyinshi. Twahisemwo kwegera Gertrude Kazoviyo, umwigisha muri kaminuza, ngo abituyagire.
Augustin Ndabagumije: ibintu bine mwomenya kuri iyo ntwari yaraye ishengeye
Kuri uyu wa 14 Mukakaro 2020, Uburundi bwaraye bubuze inararibonye, umunyakaranga rurangiranwa yateje imbere umuziki kama w’igihugu kuva mu myaka y’1970, Augustin Ndabagumije. Uwo muhumure yitavye Imana afise imyaka 61, yarakoze birashimwa, ibikorwa vyiwe twama tuvyumva ku maradiyo. Ng’ibi ibintu […]
#UrwegoNshingwaKirundi: umugambi wanigiwe mu menshi
Hamwe urwego rushinzwe ururimi rw’Ikirundi rwovuka, ntibwoba bubaye ubwa mbere. Kwoba ari gushira mu ngiro ivyiyumviro vyariho, haheze imyaka irenga mirongo itanu. Urwo rwego rwarigeze kubaho, n’aho mu nyuma vyagenze nabi rurahagarara. Ido n’ido ry’ubuzima bw’urwo rwego n’icatumye ruzimangana.
#UrwegoNshingwaKirundi : ico ari co n’indinganizo yarwo
Mu ntumbero yo kugarukira ururimi rw’Ikirundi, icihutirwa kandi ata n’umwe akideha, ni uko hojaho urwego nshingwakirundi. Ni rwo rwovyitaho kurusha, rukabiha intumbero, kandi rukabibazwa. Urwo na rwo rutegerezwa kuba rutunganijwe hakurikijwe integuro mpuzamakungu, kugira rushobore kugira ico rushitseko. Muti none […]
#UrwegoNshingwaKirundi : « Karahara mu ruganda ntibacura »
Haraheze imisi duhimbaje umusi Uburundi bwaronswa intahe y’ukwikukira. Imwe mu nsiguro y’iyo ntahe ni uko igihugu gikomorerwa uburenganzira bw’ukwishira n’ukwizana mu gutunganya ivya co. Imwe mu nkingi z’iyo ntahe, naho nyene ab’ubu tutabizirikana, ni ururimi kavukire: Ikirundi. None, inyuma y’imyaka […]
Ni iyihe nsiguro y’amazina Abarundi bita abana ?
Abasokuru bacu baha agaciro kadasanzwe izina. Ku bisanzwe, izina ni ryo ryemeza ko Umurundi kanaka yabayeho, ariho, yaje kw’isi. Turabire hamwe inyishu ku bibazo bimwebimwe vyerekeye akamaro k’izina mu mico y’Abarundi.