Mu Burundi, kubona ireresi ndundi ku mboneshakure y’igihugu canke y’abigenga ni nk’umugani, gusanga naho hari aboba bazitunze mu mihana yabo ni nko kurondera umuzi w’ibuye. None vyoba biva kuki?
Akaranga
Indamutso ibereye ijambo ry’ikirundi mu rubanza ni iyihe ?
Mu Burundi, uko intwaro zagiye zikuranwa, kuva ku za cami kugeza ku ma republika, utibagiye umuzo w’amadini, uburyo Abarundi bagenda baramutsa mu kuvuga ijambo ry’urubanza bugenda buhindagurika. Aho bigeze ubu, indamutso zarabaye nyinshi ku buryo atawukimenya indamutso ibereye mu rubanza […]
Ururimi rw’ikirundi : inkingi y’imico n’akaranga vy’Uburundi
Uyu munsi, abatari bake mu rwaruka barumva umuntu avuze ikirundi kiryohoye nabo bakibaza ko ariko aravuga ikirundi kigoye. Niho bamwe bamwe usanga baca bamubwira ngo : « Kura ikigamba ngaho! » Ariko rero, yaba indimburo canke amayagwa y’ikirundi, niba bigishobora gukoreshwa kandi bikagumana […]
Kunywa itabi ku bigeme n’ukwidegemvya canke n’uguta akaranga?
Mu buzima bwa minsi yose aha mu Burundi, turamenyereye kubona abagabo canke abasore banywa itabi. Ariko ni gake ivyo biboneka ku bagore canke abigeme bakiri bato. Turetse ingaruka mbi itabi risanzwe rifise ku magara y’abarinywa, ukubona umwigeme afise umusogoto ku […]
Inkomoko y’umugirwa wo « guca ku mazi »
Mu manza Abarundi bakora, bakurikije umuco w’ikirundi, inyuma yo kubura umuntu, harimwo urwo guca ku mazi. Ariko rero, benshi barukora batazi ico urwo rubanza rusigura koko mu mico n’imigenzo kama vy’Abarundi. Egide Nikiza yarabidutohoreje.
Burundi: kuki hari abipfuza kwemerwa nk’ubundi bwoko ?
Abarundi bamwe bamwe bamaze iminsi basaba ko imiryango kama bakomokamwo yokomezwa nk’amashirahamwe, abandi bagaserukana iyindi mirwi bifuza ko yoharurwa nk’ubwoko mu bundi. Niyonkuru Prosper asanga ata kamaro bizozanira igihugu n’abakibamwo.
Ni kuki Abarundi batacubaha ijambo ry’urubanza ?
Mu gihe ca none, “Abarundi ntibacubahiriza ijambo mu rubanza.” Uko ni ko Burengengwa Longin abibona. Ahagarara ku nyifato bamwe n’abandi bagira mu myanya wahariwe amajambo.
[Impari ku ngoma z’i Burundi] : « Gute umukenyezi ashobora gushigikira itegeko rimukandamiza ? »
Inyuma y’aho Naomi Irakoze ashikirije ko ashigikiye ingingo yo kubuza abakenyezi n’abigeme kuvuza ingoma, abicishije kuri runo rubuga, Judicaëlle Irakoze bisa n’ivyamuteye ukuraka. Aca ahitamwo kwandikira uwo mugenzi we, amwishura mu buryo buramvuye.
Ndashigikiye inganishwa ry’ibitsina, ariko nta mugore wo kuvuza ingoma !
Itegeko ry’umukuru w’igihugu rigenga ikoreshwa ry’ingoma ryarateye impari. Kubw’ukubuza abakenyezi kuvuza ingoma hamwe n’uburemere bw’ihadabu ricibwa aborenga iyo ngingo, Abarundi ntibavyakiriye kumwe. Naomi Irakoze we ati « sinkavugire muvumbi kumuvumba !».