article comment count is: 7

Umugirwa wo guhamba ubukumi

Abantu batari bake basanzwe bamenyereye umugirwa wo guhamba ubusore ukunze gukorwa n’abahungu buca barongora. Ariko rero, ku rundi ruhande, hari n’umugirwa wo guhamba ubukumi utunganywa n’umwigeme buca aja mu Burundi. Uwo mugirwa rero, naho utagikorwa neza nk’ukwo watunganywa aho hambere hahise, uracariho nk’ukwo Laude Complis Iradukunda abituyagira.

Haraciye iminsi tubona umugirwa tutakunda kubona aha mu gisagara ca Bujumbura. Uwo nawe nawo n’umugirwa wo guhamba ubukumi. Benshi barawugira canke bakawubona batazi inkomoko yawo. Uwo mugenzo wamyeho kuva kera hano mu Burundi. Kimwe gusa, ukwo wakorwa kera sikwo utegurwa muri iki gihe ca none bivuye kw’ihindagurika ry’imibereho y’abantu.

Ukwo aho hambere vyagenda

Maze kubona ko benshi batawuhurizako ivyiyumviro, bamwe ngo ni ukwigana imico mvamahanga, abandi ngo ni ukuvyura umuco wibagiwe, niho negera inararibonye iraheza iranyagira ukwo vyagenda kera. Ngo, aho hambere hahise, buca umwigeme aja mu Burundi, yarinezereza ubwa nyuma, agasezera ubukumi bwiwe. Ariko uwo mwiteguro watangura amezi make imbere y’ubugeni aho senge w’umukobwa yamutegura akamuhanura, akamuhishurira amabanga ajanye n’urugo. Hasigaye umunsi umwe ngo aje ku mugabo, niho haca haba umugirwa w’uguhamba ubukumi. Uti rero vyagenda gute?

Uwo munsi waba uzwi n’abakwe. Kuko bararungika igiseke n’inzoga bita « mwonkore » bivuye mu rivuga kwonka. Kuri uyo munsi wo guhamba ubukumi, hatumirwa inkumi zagendana n’uyo mugeni zimirije kwubaka, abagore badakuze bafise nk’abana babiri canke batatu, harimwo na wa mu inasenge. Aho rero haravugirwa amajambo, abubatse bakavuga, abigeme bagakurikira, bakayaga babazanya ivyerekeye ukwubaka. Baba bateretse inzoga maze bagakeza uyo mwigeme agiye kurongorwa, bakavyina bagatamba.

Ariko imbere yo gutangura kuvyina, babanza kumusaba ivyo bita « nsigaha abandi barankeneye ». Aho yagaba ivyo yahora yambara nk’impuzu n’ubuyeye, bagasitura n’igitanda yahora ararako mu kugica amaguru. Hanyuma yaho nawene yararonka utuganuke, utwo natwo twaba tugizwe n’utuntu azifashisha ageze mu rwiwe. Ivyo biheze rero, niho baca banywa na ya nzoga y’abakwe n’izindi ziteretse, bakamuvyinira, bagatamba, bagasezerana.

Ukwo bigenda muri iki gihe ca none

Uyo mugirwa rero wari waribagiwe ahantu hamwe hamwe. Ariko ubu wasubiye kwijukirwa. Naho biri ukwo, uratandukanye ku bintu bimwe bimwe n’ukwo wagirwa na ba nyogokuru.

Ubwa mbere, uyo mugirwa ntukiba umukobwa buca aja mu Burundi. Umugenzi twaganiriye aheruka kwubaka urwiwe ni we yambwiye ko atabishigikiye: «Umukobwa aba akeneye guteramana n’abagenzi biwe bakarara baratera ryarenga batinona ku bizoba bukeye. Ahandi ho bibaye nka kera, bovyuka barushe ntibaronke akanya ko kwisuganya bikwiye, bakanacererwa mu birori».

Ubugira kabiri, senge w’umwigeme ntakiri nkenerwa nka kera mu guhanura umugeni. Uwuzomuhagarikira ku munsi w’ubugeni ni we ahabwa ikibanza gikomeye. Ubu usanga umukobwa afise abagenzi mpfampfe bahanurana ndetse na nyina akaja mu kibanza ca inasenge canke abandi bapfasoni b’incuti ziwe bashikirana.

Ubwa gatatu, ntibiri ngombwa ko uyo mugirwa ubera iwabo w’umukobwa. Hari naho biba atategujwe, agasigara atangara abonye ivyo abagenzi biwe bamuteguriye. Kenshi ubera ku mugenzi wiwe, ahantu bose bisanzura ata bwoba. Ndetse hari n’abawugirira mu butambiro canke mu birabo kugira asezere ivyo yahora agira vyose aheze atangure ubuzima bushasha. Ariko rero ibi vyose biba yongera ahanura abo barumunawe baba bari mu nzira yo kuja kwubaka. Mu kubiryosha, usanga bari no mu myambaro isa bateguye n’udukemanyi tw’uyo buzoca yubaka urwiwe.

Umugirwa w’ingirakamaro

Ku bwanje, guhamba ubukumi ni umugirwa mwiza kuko wigisha. Ariko hari abatazi ko wamyeho mu Burundi, mbere bakibaza ko ari imvamahanga bakawusuzugura. Uyu mugirwa wamyeho kuva kera na rindi nk’ukwo abatuboneye izuba bobituyagira neza. Dukwiye natwe ahubwo kuwunagura. Benshi bohigira ivyerekeye imigenzo y’aba kera no kwubaka ingo. Hanyuma tukawukora twisunze ibihe tugezemwo.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (7)

  1. Biraryoshe kubona inyandiko y’umuntu avuga ibimurimwo . Wanditse uti: « Ku bwanje guhamba ubukumi n’umugirwa mwiza » Ariko ubwo bukumi buhambwa mu butambiro no mu kabare, bugahambwa nabo mwahora mutambana, nyogosenge na nyoko na nyokwanyu batabizi, ubwo wumva buba ar’ubukumi bwo kwizerwa. Binteye ubwoba, nibaza ko kutaba ar’uguhamba ubukumi, ahubwo nibajije ko kuba ar’uguhamba ubwigenge. Aba kera ko bahamba ubukumi kuko bari babufise, kandi bigishwa n’abayeyi babo ukuntu babubungabunga muri ca gihe babita abanyakigo. None ubwo bukumi buhambwa mu bunyero no mu birabo no mu butambiro, ubwo bwoba ari buhari, canke busigaye kw’izina no ku migirwa nkuko mwabiuze? Iyo muvuze ko ibihe vyahindutse, mukavuga ko umwigeme ahanurwa n’abigeme nkawe, ngo nyina na inasenge ntibakenewe, mbe abo bigeme bamuhanura ibiki kandi nyene wumva baba bakiri abigeme? (N’ubwo bwigeme buteye amakenga).
    Ni vyaba ibi dusomye ariko kuri gukwiye kwizerwa, nsanze umukobwa azohitamwo kuva kw’ishuleagaca ataha i muhira, agafasha abavyeyi, agasoma ikaye yiwe, atagiye kugorobeza mu bunywero, canke gutamba hamwe mwavuga, azohava arabwa nk’uwudakwije mu mutwe.

    Jewe kubwanje nanje, inkumi nemera n’uwifata, atari njana n’abaja, atamarira umugoroba na za week-end mu birabo. Uwo niwe yovuga ko azosezera ku bukumi. Nayo abo mwavuze, bagira umugirwa nkuko nyene mwavyivugiye, kandi abakobwa nkabo bagendera ku migenzo gusa batagendera ubuntu ku giti cabo, ntibateba kugaragara iyo bageze mu ngo zabo. Birahera i Bujumbura ntibize birenge kuri Gare du Nord. Ruguru turiko turisubirako.

    1. Ego ndatahura iciyumviro canyu.
      Navuze uko kera vyari bituganijwe nuko ubu bimeze nongera ntanga iciyumviro canje.
      Mu ciyumviro nashikirije sinavuze ko nshigikiye ubuhumbu boba babikoramwo. Ahubwo nashize imbere gusubira kwibukanya uko kera vyagenda tukabikurikiza, tukiga kahise kaba nyokuru n’iyindi migenzo. Nongera mvuga ko ariko bikwiye kugirwa twisunze igihe turimwo. Nk’akarorero ntivyoba buca haba urubanza kuko imyiteguro y’ubu ntigisa n’iya kera. Nk’umukobwa usanga akiri muri salon de coiffure kugirisha inzara n’ibindi.
      Harya navuze ko baja mu butambiro sinashatse kubitebako ngo ntunge urutoke abajayo. Nashatse kwerekana igituma benshi bawusuzugura bagateba bakavuga ko ari imvamahanga kuko koko, mu ndero y’ikirundi ibereye nta wovyubahuka. Niho naheza nkavuga ko ukwiye kunagurwa uyo mugirwa, tukawuha agaciro.
      Ku vyerekeye aho atagihanurwa na inasenge ibihe vyose, ni ku mpamvu z’uko atari bose babana. Nawenu umuntu aza kuguhanura ni uwuba akwubahuka akuzi na wewe udatinya.
      Musome neza navuze nti:« Ubugira kabiri, senge w’umwigeme ntakiri nkenerwa nka kera mu guhanura umugeni. Uwuzomuhagarikira ku munsi w’ubugeni ni we ahabwa ikibanza gikomeye. Ubu usanga umukobwa afise abagenzi mpfampfe bahanurana ndetse na nyina akaja mu kibanza ca inasenge canke abandi bapfasoni b’incuti ziwe bashikirana.» Ibi bisigura ko uwariwe wese amwegereye amukurira azi ibanga agomba ajemwo amuhanura. Na inasenge aba arimwo gusa si mpaka abikore.

    1. Jewe numva mbinteye amakenga kuko tutabiravye neza hariho aboca baboneraho nogusezera abahungu bahora bakundana ugasanga rero bwa busugi buvugwa kandi bukanaronderwa na benshi namba data wanje harinubukiriho burara butakaye kuri uyo yari akibusigaranye.Jewe sindabishidikiye.Iyo misi mikuru ni iyo gusesagura.Ikindinaco, utwo tuganuke bogomba kumuha bihererye ,ntihariho umwanya mwiza ku musi warwo aho badutanga kumugaragaro?

      1. Urumva ivyo vyose ni ibintu vyerekana ko abawugira bose bakwiye kumenya insiguro y’uwo mugirwa. Ntibawinyegezemwo mu gukora ubuhumbi.
        Kuri ico co gusesagura, bivana n’uburyo bw’umuntu. Ni nk’izindi manza. Hari izidakorwa na bose ku mvo zitandukanye.
        Ku vyerekeye udukemanyi, ni nk’intererano. Ni nk’uko woterera umugenzi canke uwo muvukana imbere y’umusi w’ubugeni. Si nkenerwa ko akaganuke ukamuha umusi w’ubugeni.
        Murakoze cane ku ciyumviro canyu twizere ko benshi bahungukira.