Mu Burundi haramye umuco wo gutunganya neza umubano mu bantu. Ico gikorwa ahanini cakorwa n’abashingatahe. Abo nabo babihabwa n’ukwo batiwe maze bakamira akabuye k’abagabo. Ariko rero, muri ino minsi, ibanga ry’ubushingantahe ryaratitutse kandi vyari bikwiye ko rinagurwa nk’ukwo Rivardo Niyonizigiye […]
Akaranga
Umugabo n’umugore bofashanya gutunga umuryango
Mu Burundi, turamenyereye ko umugabo afatwa nk’igikingi c’irembo, atari i muhira ukamenga haragaragara. Ni we rero abantu benshi bibaza ko ivy’umuryango vyose biraba. Ariko rero, umuntu yihweje ukwo ibihe bigenda birahinduka, usanga umugabo n’umugore bari bakwiye gufashanya kuronderera no gutunga […]
Mbega umuco wo gufashanya wagiye he ?
Umuco wo gufashanya uri muri vyinshi vyamye biranga Abarundi aho babaye hose. Ariko rero, ukwo imyaka igenda irahera, uwo muco ugenda uratituka ku buryo usanga hari na bamwe basigaye bibaza aho tuzoba dushitse mu minsi iri imbere. Divin Dushime ni […]
Kwambara imiringa ku maguru mu Burundi
Abarundi batari bake baramaze kubona abigeme n’abapfasoni bambaye imiringa canke utuyeye ku maguru. Uwo mugirwa biravugwa ko wamyeho mu Burundi, aho n’abakera bambara inyerere ku maguru. Ariko rero, muri kino gihe, abantu ntibabibona kumwe kuko hariho ababiha iyindi nsiguro ugasanga, […]
Inkomoko ya « kira ngeni » no « kugwa mu gahundwe »
Mu mvugo ya minsi yose, hari amajambo canke imvugo zigoye gutahura. Ni naho hahera kuvuga ururimi nabi, maze ugasanga abantu bamwe bamwe ntibariko bavuga ibintu ukwo vyategerezwa. Akarorero ni nko ku bantu bavuga ngo « gira ngeni » aho kuvuga « kira ngeni ». […]
Vy’ukuri abami bavukana imbuto ?
Mu Burundi, vyari bizwi, birigishwa mu mashure eka mbere abantu benshi baranemera ko abami bavukana imbuto. Ariko rero, aho intwaro ya cami ihaviriye, kumbure n’igihe yari ikihari, abantu bagumanye amakenga bibaza niba kwari ukuri. Vyaratevye birahinyuka ko yari amayeri y’umuryango […]
Itituka ry’umugenzo wo gufashanya mu Burundi
Aho hambere hahise, mu Burundi, hararangwa umugenzo wo gufashanya hagati y’ababanyi, incuti hamwe n’abagenzi. Ariko rero, mu bihe vya none, haribonekeza itituka ry’uwo mugozi wahora wunze ubumwe bwa benshi. Ni naco gituma hari hakwiye kugira igikozwe maze urwo rukundo rusubire […]
Abantu dutegerezwa kugendera ubuntu !
Mu mico n’imvugo vy’abarundi, turakunze kwumva ijambo « ubuntu » akatari gake. Bella Nininahazwe araducira ku mayange ico iryo jambo risigura akanagirako ahanura abantu bose ko bokwihatira kugendera ubuntu kugira ngo babane neza n’abandi.
Guhamba ubusore canke gutanga ikibutura vyagenda gute ?
Abanyamuryango b’Akanyaburunga, mu kiyago cabo « Yaga akaranga », baraciye irya n’ino umugenzo w’ikirundi witwa “Guhamba ubusore” ari nawo bamwe bamwe bita “Gutanga ikibutura”. Mbega uwo mugenzo kera wagenda gute? Woba wari ukenewe? Ubu hoho bigenda gute?