article comment count is: 0

Akaborerwe : “nyamusubiza umupfungwa mw’ibuye”

N’igihe baba barekuwe, abanyororo biziziwe na za nzoga zikaze ntiboroherwa. Bati : “Iyakariye ntigaheba“, uwazinyoye izo nzoga ntizimugumiriza ibanga. Akanya nk’aka yisanga mu mafuti amusubiza mw’ibuye nk’uko vyashikiye Ernesto*. Intahe.

Uwo musore w’imyaka 28 wo mu gisagara ca Bujumbura, amaze igihe avuye mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Yatezuriwe mu kigongwe c’ikivunga catanzwe n’umukuru w’igihugu. Mu mpanuro batekererwa basohotse agasho, harimwo ukwitwara neza kugira ntibasubire kujanwa mw’ibohero. 

Eka na we nyene yariyumvamwo ko azogerageza kwigengesera, kanatsinda abantu bose baba bacungisha ijisho uwusohotse ibohero. Mbere n’iyo bishitse umuntu akamurenganya vyaramugora ingene yisigura ko atari mu makosa, agahitamwo kunuma. 

Vyari ivy’akanya gato

Ntibitevye, uwo musore atangura kwumva akanyota narirya ivyatuma aguma hafi y’inzoga vyari vyinshi. Atwiganira ati: “Incuti n’abagenzi baguma bansohokana kumpa misuhuko. Ata n’imisi irahera, nisanze inzoga za ‘’ Brarudi’’ umenga ni amazi kuri jewe kubera kumenyera inzoga zikaze. Ni ho natanguye kurondera aho ngurira umudiringi.”

Yatanguye azinywera mu kinyegero, mu nyuma abishira ahabona. Haciye imisi, yari yasubiye kuba imborerwa ruhebwa, kurara adasomye bitagishoboka. Iyo adafise amahera, ntiyatinya kugurisha ivyo batunze muhira kugira ashobore kwigurira akadiringi.

Niko kugarukira kw’irembo ryawo

Umusi umwe imashini nyabwonko yaribwe mu rupangu yabamwo, baca baramufata bamujana ku giporisi batanakoze itohoza bamwagiriza ko ari we yayivye. Nk’uko abandanya abitwiganira, icamukwegeye ni ingeso yo kuborerwa bari bamuziko. 

Agira ati: “Bari baraciye barahana. Vyakoma gatoya, hagize n’akantu kazimira, bagatangura kunyagiriza ko ari jewe nagatwaye. Ibaze n’ivyombo barabinyagiriza. Nkako, ntacari kunyeza kuko n’ivyo nagurisha ntivyaba ari ivyanje.”

 Baramufata, baramupfunga. Inyuma y’imisi itatu gusa apfungiwe mu gasho ka komine, bahavuye bamurungika gufungirwa muri BSR. Atwiganira ati: “ Aho niho abanyororo benshi baca imbere yuko bashika mw’ibohero rikuru”. Avuga ko yari yiteguriye kuwusubiramwo bidatevye.

Bari bamaze kumubwira ko mu misi ibiri azorenguka imbere y’ubutungane. Ariko Imana ntiheba uwayo, umusi umwe, ku mugoroba, yumvise incuti iza kumubwira ko ya mashini nyabwonko yafashwe kandi basanze yibwe n’umukozi wo mu nzu, aba abaye umwere gutyo.

Yarahimbawe cane ariko n’umubabaro mwinshi ati: “Narigaye bidasanzwe ku nyifato y’akaborerwe yahatswe kunsubiza mw’ibuye kandi ndi umwere, nca mfata ingingo yo guhinduka ndaheba burundu inzoga zikaze”. 

Bati: “Biri ingo biri ingo zose”, ivyo vyabaye kuri Ernesto biba ku bapfungwa batari bake vyankiye kuvavanura n’akaborerwe.

*: izina ryahinduwe

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion