article comment count is: 12

«Umukoresha yamfashe ku nguvu, gutyo ntakaza ubusugi»: intahe

Mu buzi butandukanye hano mu gihugu cacu, hari abakenyezi bafatwa ku nguvu n’abakoresha babo, maze bakabigira ibanga. Joy* vyaramushikiye, none aricuza kubona atashengeje uwabimukoreye. Intahe yiwe hano.  

Ni ikintu nzorinda mpfa ntibagiye, mu buzima. Uwo musi, niho natakaza ubusugi bwanje, mfashwe ku nguvu. Umukoresha wanje yama anganiriza cane, imisi yose, iyo turi ku kazi. Ngize ingorane ngacererwa, ngo nje kwisigura, akanyakira neza nk’uko womenga ntacabaye. Twaramenyeranye kugeza aho yama aza kuraba ingene ntunganya ibikorwa vy’akazi.

Mu myanya y’akaruhuko, yambwira ngo dusangire icayi, mugabo nkamubwira ko nakinyoye. Ariko rimwe na rimwe, narapfa kwemera kugira ntiyibaze ko ndamukengereye. Ivyo vyose, sinigeze menya icinyegeje inyuma. Bukebuke vyarakomeye, tuba nk’abagenzi, mugabo nguma ndamwubaha nk’umukoresha. 

Umunsi umwe, niho namusaba uruhusha rwo kuja gusuhuza umukunzi wanje yari arwariye mu bitaro. Yambwiye ko ata ngorane aza kurunyandikira ibikorwa birangiye. Ndi buhabonere ibara. 

Akajoreza

Ngiye ngo anshirire umukono kuri rwa ruhusha, twahuriye imbere y’ibiro; maze ambwira ati: «icara aho ku ntebe, ndagarutse inyuma y’iminota itatu. »  Ndahicara, iminota irahaca n’iyindi irarengana, mbere n’abo dukorana bose barataha. Nanje nguma ndindiriye ngo umuyobozi araje kuntunganiriza, simenye ko nishoye ku risongoye.

Vyakabaye kera, mbona arinjiye; ansanga ncicaye aho yansize. Ashitse, ikintu ca mbere yakoze, yaciye yugara urugi rw’ibiro vyiwe, impfunguruzo azishira mu mufuko. Nanje umutima ngo kwa! 

Niko kunyegera, ansaba ko turyamana. Naramubwiye ko bidakunda, kandi ko bari mu kuza kunkwa. Ndamusaba ko yonshirira umukono kuri urwo ruhusha nkagenda hakiri kare, nti amabisi aja iwacu aragoye; uri uwundi ati: «ndakurihira itagisi. » Numva amayeri y’ingene nova aho hantu arankehanye. 

Abonye ko nanse, yaciye anyegera, atangura kunkorako, nanje ndamwiyama. Turi buniganire mu biro! Aca amfata amaboko arampotora, afata ikaruvati yari yambaye aba ariyo ambohesha; nta n’uko nari gukoma induru. Yankuye ijipo aranshurashuza.  Ngize ngo nkome induru, yanzibije urushi ku munwa. Nabona neza na neza yabaye igikoko mu maso yanje.

Naravuye amaraso ntangura kuzungurirwa, ubwenge buratakara. Arangije nya bubisha, yaruguruye maze ahamagara itagisi, abwira uwuyitwara ati:  «njanira uyu muntu mu Kanyosha, avuye ku kazi arwaye, arakubwira aho umushikana.»

Ubu ndicuza

Bukeye, nazindutse nja kwitura ikigo Akabanga, barankingira umugera n’inda ntifuza. Namaze iyinga ryose ntatonda, ariko wa mukoresha akabwira abo dukorana ko ndi mu karuhuko. Kubera ugutinya gukurwa mu kazi narahoze, nta n’umwe nigeze ndabibwira.

Kugeza uyu musi, ndicuza kubona ntamushengeje.  Nk’ubu ko yabonye yabingiriye akaba atahanywe, nta nkeka ko azoca arendegera, mbere akabigirira n’abandi. Kumbure iyo ako kazi ndagaheba, nkitwarira iyo nkozi y’ikibi, hari kuba hakingiwe benshi. Hari n’abandi bakoresha bameze nk’uwo boca bagira ico batinya. 

Ikindi kimbabaza kikansonga, nahatakarije ubusugi bwanje kandi, uwo dukundana nawe nguma ndamuhenda ko nkiri isugi; ne noca ndamubwira ngo nabutereye he? 

*: yahinduwe izina

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (12)

    1. ati rero wabonye vyiza wohakana kobitabaye none wisunze iki kugira uvuge ko bitabaye. burya gufatwa nkakurya kovyoba vyaramuryoheye ivo nico ciyumviro cawe?

    2. excuse me???the fuck is ur problem???guye ushobora kuvuga ko yabishatse??wibaza ko hari umuntu yoshaka gufatwa ku nguvu??i really hope ko utari umukobwa uv

    3. whoever u are yagize iyo comentaire i just hope ko bitazigera bigushikira,but just to tell you sinzi ko ari ignorance canke stupidité yagutumye uv

    4. Ni kubera abantu nka wewe abakobwa bafashwe kunguvu batubahuka kubivuga,gute ushobora kuvuga kwariko arabesha!canke ko yabishaka! Nigiki yo kwunguka murivyo!
      Urisuzuma wisubireko..,(kandi abantu biyumvira ukwo nka wewe usanga bafise iyo esprit ya gufatana kunguvu abakobwa)
      Ndibaza uri umugabo(umuhungu) kuko kenshi umukobwa iyo abavugishije neza abatwengera muba mwibaza ngo yemeye🙄!

      Urambabaje cane kuko ufise ubwenge buke

  1. Noe kubera iki yasubiye kukazi?kubera iki yabigize ibanga atashengejwe uwabikoze?????umengo hariho ubundi bucuti!??ukuntu!!!aho j’ai peur kwazobikorera abandi acishije mubucuti nkubwo bar bafitaniye!!!nkaho usanga ar umusore mwiza afise igikundiro kubantu en plus akoresha!!c’est autre chose! usanga umukobwa yarabay amoureuse bukebuke ham aca le type aprofita iyo relation Hama numukobwa biranka kwamushengeza!hama ivyo nukubikura mumutwe vrt agashengezwa nabandi nkabo

  2. pole sana , wihorere ariko noguhanura ko umukunzi wawe wobimubwira kuko abimenye ko utari isugi muzobipfa nokuguheba aguhebe, urumva ko la derriere ari ww uzoba uriko urahahombera…. just try to be free and tell him the true

  3. Jewe sinoharira ngo ntivyabaye, kuko ivyo birakorwa cane aha mugihugu, abakoresha benshi barabigira. Ariko uyo mukobwa yarakoze ikosa kubona atamushengeje. Hama mumenye ko hari benshi banaronka ubuzi biciye murubwo buryo mbere bagatwara ubuzi abandi kubera ivyo. Abo baragowe n’ibatisubirako Imana izobahana. Hama za muratanga inyigisho, kuko ibi mwandika sibenshi babisoma

  4. Ibi ni ivyo bita les actes sans témoins
    Kwemeza ko yafashwe ku nguvu : nta preuves
    Kwemeza ko yabisizemwo uruhara : non plus
    Kimwe gusa umwe wese yokwicunga ku ruhande rwiwe, ntazobe igitsitaza c’uwundi
    Kuko hari abagabo biyambaza ububasha bafise ku bakozi, ariko kandi hari n’abakozi bitwaza ivyo baremanywe kugira bigarurire shebuja nawe abashe kubafata neza gusumba