Mu gihe ari wewe ufashe ingingo yo kuvavanura n’uwo mukundana, biragoye cane kubivuga. Mugabo, mu gihe vyanse rwose, urarya umutima amenyo ukabivamwo, na kare ngo « akanse uraheba ». Ng’uku rero uko ubwirizwa kuvyifatamwo.
#Abakundana
Gukundana n’uwuri kure yawe : ibintu bitanu vyofasha urwo rukundo gukomera
Gukundana ntivyoroshe na gato, habamwo ibigorana vyinshi. Utwo mupfa ntitubura : ukudatahurana, ishari, ukwikwegerako, n’ibindi. Iyo uwo mukundana ari i buheramaso hoho biza bivuna. None umuntu yobigenza gute ngo agume mu rukundo rutotahaye be n’uwo bakundana ari kure yiwe?
Ni gute woja mu rukundo n’uwo washimye ?
Kuba ukunda umuntu ni kimwe. Ariko kumenya nawe ico akwiyumvirako, akari muri we ; ko akwiyumvamwo canke atakwiyumvamwo, ni ntasubirizwa mu rukundo rwanyu. Birashoboka ko uvyibonera utarinze kumubaza ariko mu gihe ufise amadidane, ng’uku uko wovyifatamwo.