article comment count is: 7

«Kubenga umwigeme ngo yaribarukiye iwabo»: ikosha utokora

Mu Burundi, umukobwa yibarukiye iwabo aca yinubwa mu kibano. Hagera ku basore ho, ari bo bene kuresha, bikaba ibindi. Hagati y’abaraba ubwiza bwo ku rukoba n’abihweza indangagaciro z’umuntu, hari abakeneye kumenya gusa ko yavyaye canke ataravyara na rimwe.

Joselyne* ni umukenyezi w’imyaka 30. Mu bukumi bwiwe yarakundwa cane, kanatsinda yari afise igikundiro. Abasore benshi baramushima kubera ubwiza bwiwe buvanze n’ubwitonzi, eka no mu ntore, Joselyne yari kirwanirwa. Mu bahungu bakundanye umwanya munini kandi bumvikana, harimwo Olivier*. 

Nk’uko Joselyne abishingira intahe, yaramukunda cane kuko yari mwiza ku mutima no ku mubiri. Ikibabaje, bamaranye amezi arenga 11 yaramuhevye, nk’uko n’abandi bakundana bari barabikoze. Vyabaye mu buryo bubabaje.

Amagorwa ntasiga ayandi

Haciye amezi cumi bakundana, basangira ibanga, yamubwiye akabanga yari yibikiye; ati: “igihe naheza amashure yisumbuye, narasamye inda. Maze umuhungu nyene kuyintwaza, yakize kuvyumva, aca arampeba. Dutangura kuzirana urunuka.  Narahagorewe jenyene, ngira Imana ndashikana. Umwana navyaye yamaze indwi zitatu avutse, aca aritaba Imana.” 

Olivier yapfuye kuvyumva, umutima uramwanka, ni ko gufata iyamuzanye: “Ndavyumvise vyarananiye kwihanganira nca mara imisi mikeya niyumvira ico nokora. Nabonye ntokundana n’uwavyaye kandi abakobwa buzuye. Ni ko gufata ingingo yo kumuheba, nkundana na Erica*, aba ari nawe twubakana. ” 

N’abandi bamuheba bamuhora ico nyene. Umwigeme bikamubabaza ataco ari buhindure. Hari abanamubarira ico bamuhoye, hakaba n’abagenda batamubwiye ikibajanye. Akababara, intuntu igaherera mu nda. 

Bucana ayandi

Inyuma y’amezi atandatu Joselyne* avanye na Olivier, yaciye ahura na Jules*, barahuza. Ntibatevye gusezerana urukundo. Haciye igihe gito, baciye bubakana. Jules yari azi ko Joselyne yibarukiye iwabo; ariko arabirengera, kubera yabona ubwiza n’ubutore bwiwe. Bararushinga, imiryango ikoranye. Ubu bafitaniye abana babiri, mu rukundo no kwubahana biteye igomwe.

Abantu benshi barakunze kwinuba abigeme vyashitse bakibarukira iwabo. Bakabafata nk’aho womengo baragotse, ukamenga ntibakwiye kwubaka urwabo nk’abandi. Ariko, uko ni ukwihenda cane kuko, abo vyashikiye kenshi usanga kwabaye ukurugwamwo bwa mpanuka, atari ingeso basanganywe. Bagumana urukundo, urupfasoni n’ubuntu. 

Kuba yaratwaye imbanyi atipfuza ntibisigura ko ubupfasoni n’indero yabitaye. Ihibambe we. Ahubwo mbere, hari n’ubushobozi aba amaze kugaragaza abandi baba batarashira ahabona: ibanga ry’ukurera n’ukuzigama ikibondo. 

*:  bahinduriwe amazina  

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (7)

  1. Umwanditsi yanditse ku bintu dukunze kubona mu kibano..Arakoze kutwibutsa ko numukobwa yavyariye iwabo afise agaciro gakomeye kandi ko ashobora kwubaka urugo nez nkabandi bigeme.

    1. Kwubaka ni ikinyegezwa, nta bahinga bavyo, rero uwumva ko atofatana inzira n’uwavyaye, ko bitokwigera bumutekanya, arafise uburenganzira bwo kubikorerako
      Bidasigura ko abavyariye muhira batubaka neza, gusumvya n’uwaje atavyariye muhira. Aho ahanini ni principe y’uwuresha

    1. Est ce que yarafise chance imwe yo kuvyara? Bakubwiy ko umunt avyara rimw gusa? Mbega ho akazi yarikugira mu rugo nako kuvyara gusa?? Izo ni mind zabatize vrt

  2. Nobabwira ko umwigeme yemeye akavyarira Iwabo akemanga umwakana akarera aca mu bibazo vyinshi, muhuye yarabitambutse akarondera ubuzima, niwe mugore wo kwubakana nawe kubera aba amaze kugira experience ikomeye. Kuvugwaa no gucirwa kwamate nuwurenganye wese, nibindi bitutsi yumva buri musi, ivyo vyose biramukomeza bikamugira umugore wintwari. Nama mpanura abasore uwuronse umugore nkuwo ko aba aguye kumugore wumuhizi. Ariko rero hari nabatabemera uwavye kubera gutinya gufata ishingano zo kuba pappa wumwana atavyawe. Uwo nawe ni ikibazo ciwe kandi nivyiza ko atamutwara ngo amuteshe umutwe gusa atazoshobora kumukundira umwana. Ivyo ndabivuze numwana yavutse muri ubwo buryo kandi ko nakunda papa yandeze kurusha uwamaraso. Nizere ko bifasha benshi