Muri ino minsi, haribonekeza ikena ry’akazi, na cane cane mu rwaruka hirya no hino mu gihugu. Ariko kandi, Leta yarafashe ingingo zogushira no mu nyigisho zo mu mashure ibijanye n’ukwitunganiriza imigambi. None urwaruka vy’ukuri ruriteguriye kwitunganiriza imgambi ya rwo kugira […]
Urwaruka
Indero ndundi mu bisagara
Indero y’abana ni ngirakamaro mu buzima bw’ingo, imiryango n’imibano, eka n’igihugu muri rusangi. Ariko rero, ukwo iterambere ribandanya kwiyongera, nikwo n’ibishobora kubangamira indero vyiyongera. Spageon Ngabo araducira ku mayange impungenge afise yihweje ukwo indero ndundi yi fashe mu bisagara vya […]
Abarondera inyungu zabo mu marerero y’impfuvyi
Turamenyereye kubona amarerero y’impfuvyi, haba ngaha mu Burundi canke no mu bindi bihugu. Ico gikorwa ciza co kwitwararika abana babuze abavyeyi bakiri bato hariho abamaze gutangura kukibona nk’inzira yo kurondera inyungu zabo. Chancelle Bamuhaye araducira ku mayange ivyashitse mu ntara […]
Ingaruka z’uburyo bwo kwirinda gusama ku bigeme bataravyara
Mu buzima bwa minsi yose, umukobwa atwaye inda y’indaro aramaramara akongera akamaramaza umuryango. Ubu rero, abigeme benshi baratinya gutwara inda z’indaro gusumba izindi ngorane zose bokura mu mibonano mpuzabitsina. Jean-Désiré Nduwayo aratuyagira ingaruka mbi z’uburyo bwo gutandukanya imvyaro iyo bukoreshejwe […]
Umwana ni uwa bose !
Mu gihe hirya no hino kw’isi, tudasize inyuma no mu Burundi, abana bakunda guhura n’ingorane zitandukanye bivuye ku magara canke ubushobozi buke vyabo, ni ngombwa ko uwariwe wese yibaza icokorwa kugira agateka kabo kagarukirwe. Chadrack Nzeyimana aratwibutsa ko umwana ari […]
Urwaruka na politike ya Afrika y’ubuseruko
Abatari bake mu Burundi barazi ko igihugu cacu kiri mu muryango wa Afrika y’ubuseruko. Ariko rero, baba urwaruka canke abakuze, si benshi bazi ukwo politike y’uwo muryango itunganijwe. Jean-Désiré Nduwayo araducira ku mayange ibijanye n’ibiyago vyari vyatunganirijwe n’abanyeshure biga muri […]
Ugukundisha igihugu urwaruka
Igihe c’uburuhuko cama kirangwa n’ibikorwa bitandukanye ku banyeshure bari i muhira iwabo. Uwu mwaka, ugukundisha igihugu ku rwaruka vyaciye mu bikorwa vy’iterambere ry’amakomine agize igihugu. Chancelle Bamuhaye aratuyagira uko bamwe n’abandi bavyakiriye.
Ubuzima bw’abahejeje amashure ya kaminuza mu Burundi
Mu gihe, mu myaka iheze, twari tumenyereye ko uwuhejeje amashure ya kaminuza aca aronka akazi bidatevye, ubu sikwo bikiri. Uko imyaka ihera nikwo n’ibintu bihinduka. Muri kino gihe ayo mashure yararwiriye maze abayaheza baba benshi. Ari naco gituma benshi bibagora […]
Uburundi nipfuza
Kenshi na kenshi iyo hagize igihuza abantu, barahanahana ivyiyumviro, eka mbere bakanigishanya. Ivyo biri muri bimwe Désiré Sezikeye atuyagira ahereye ku vyiyumviro urwarukarwo muri kaminuza y’i Ngozi rufise ku « Burundi bw’ejo ».